IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Agafashanyo kakweze akajagari muri kaminuza y’Uburundi

Agafashanyo kakweze akajagari muri kaminuza y’Uburundi

vendredi 12 Mukakaro 2013

Muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga hari akajagari kuva kuri uyu wa kane, aho abanyeshure biga mu mwaka wa kabiri bashwiragijwe n’igipolisi mu gihe bari bugarije ubuyobozi bwa kaminuza basaba agafashanyo kabo k’amezi abiri, ukwezi kwa Ruheshi na Mukakaro.

Abo banyeshure rero bavuga ko bakubaguwe n’igipolisi mu gihe babasukamwo ivyotsi bimwe bikoroza amosozi, bamwe barafatwa mu gihe hari n’abakomeretse nk’uko twabishikirije na Yves Iradukunda aserukira abanyeshure bose biga mu buhinga bushasha muri kaminuza ( BMD). Yatumenyesheje ko inyendamuvano ari inama bagiranye n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, baraheza bapfundika muri iyo nama ko amafaranga bataronkejwe azoboneka hatarenze igenekerezo rya 3 gushika ku ry’10 Mukakaro. Icatangaje abo banyeshure n’uko abari mu nyigisho za kera za kaminuza baciye baronswa agafashanyo, ariko abashasha nabo bakabura. Ubu rero ngo ntibarota gusubira ku mirimo bataronkejwe agafashanyo kabo kuko hakora mu nda.

Muri kaninuza y’Uburundi rero ibintu ntivyoroshe kuko bigoye n’ukuronka amakuru. Akajagari ni kenshi kuko umukuru w’urunani rw’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ariwe Nzambimana Ernest ntawuzi aho ari kuko abo banyeshure nyene bamufashe muri aka gatondo yagirizwa kuba aho gutanga ijambo ry’ihumure kuri abo banyeshure yoba yaciye ahamagara igipolisi, kandi ngo nta nguvu ariko arashira muri ico kibazo. Ubu rero Ernest Nzambimana ari mu bigo vya kaminuza, ngo kandi ameze neza kuko nta muntu n’umwe yamuhohoteye. Nzambimana rero ngo azorekurwa mu gihe abanyeshure 15 bafashwe n’igipolisi kuri uyu wa kane nabo bborekurwa. Abapolisi mu bigo vya kaminuza bariho atari bake, ariko ubona ko batekanye, ndetse bacunze imiryango yose yinjira muri kaminuza, kandi ubona ko batekanye.

Ikindi naco n’uko abanyeshure bo hanze ubu bose bari mu bigo vya kaminuza, bagacungana ku buryo ata nu’mwe ashobora gutanga amakuru hanze, abafashwe bariko bararenga kuri ivyo, bariko barahanwa, ndetse n’abamenyeshamakuru bakaba batashobora kuhegera, ngo bibonere ibihano bihabwa abo banyeshure.

Uyu munsi nta vyirwa vyatanzwe ndetse n’abanyeshure bo mu gisata ca Biologie bari abfise ikibazo nticakozwe kuko abo banyeshure bari muri yegere yegere bavuze ko bagomba n’abandi ko babafashe yegereyegere. Hari uturwi twinshi aho bamwe bicaye kwi barabara, abandi bari mu mirwi muri kaminuza imbere y’uburaro bwabo.

Yves Iradukunda akaba yatumenyesheje ko bababajwe cane n’ivyashikiye abamenyeshamakuru bo kw’iradiyo Isanganiro, aca avuga ko ubu atangorane uwariwe wese ashobora kwishikira miu kigo ku Mutanga akahakura amakuru.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko ga yemwe ko bazi yuko ako gafashanyo ariko gatuma abanyeshure bahagarika kwiga iyo katarabashikira, ntibokwitunganya bakama bakabaha kugihe! gupfunga umuntu ngo nuko avuze ngo ndashonje! Abayoboye kaminuza y’Uburundi nibigire kumuyobozi wa ENS, uko bitunganije ubu nta greve yitezwe muri ENS, kuko hoho abanyeshure hagira kugera bagiye ku ma Compte basanga kashitseko!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.