IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Nurweze Michel "Rwembe" yambitswe izera na sentare

Nurweze Michel "Rwembe" yambitswe izera na sentare

lundi 12 Myandagaro 2013

Sentare y’i Gitega ihejeje gufata ingingo yo kwambika izera Nurweze Michel batazira Rwembe yahoze ari icegera ca komiseri w’igipolisi mu ntara ya Gitega.

Rwembe yakurikiranwako ivyaha vyo kugandagura abo yari ajejwe gucungerera umutekano, hamwe no guhohotera agateka ka kiremwa muntu. Mu vyaha yakurikiranwako, harimwo urupfu rw’umunyagihugu Leandre Bukuru yagandaguwe abanje gucibwa umutwe, bakawutora mu kazu ka surwumwe, umutumba nawo mu kindi kibanza.

Ku munyagihugu Zakariya Ngenzebuhoro yahohotewe, sentare yasanze ari icaha co kumukomeretsa, ica imuca ihadabu rw’amafaranga agera ku muliyoni w’amarundi.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi RPA abimenyesha, inyuma y’iyo ngingo ya sentare yo kumwambika izera, Nurweze Michel batazira "Rwembe" akaba ashobora gukurwa mu munyororo umwanya uwariwo wose.

JPEG - 43.8 ko
Michel Nurweze"Rwembe" ari kumwe n’uwumuburanira mu rubanza

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.