IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OAG irashima uko Reta yakoresheje amafranga muri uno mwaka

OAG irashima uko Reta yakoresheje amafranga muri uno mwaka

vendredi 19 Nyakanga 2014

Amafranga Reta yategekanije gukoresha muri uno mwaka w’2014 yakoreshejwe neza ,ariko harabaye ingorane yo kwegeranya imfashanyo zari zemewe n’amakungu, vyavuye mu cegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe ryishinze gukurikirana hagufi ibikorwa vya Reta OAG.

Intumbero y’ico cegeranyo casohotse kuri uno wa kane igenekerezo rya 18 Nyakanga kwari kugira bashobore guterera mu gushiraho poritike y’amafranga nziza y’ukungene Reta ikoresha amafranga aho hoshirwa imbere ibisata bikomakomeye bizana umwimbu kugira bikunde ubukene bugabanuke.

Léonce Sinzinkayo, umuhinga yatanze icigwa yerekanye ko amafranga yashoboye gutozwa hamwe n’imfashanyo vyose hamwe bija ku miriyadiri 436,2, amafranga y’amarundi ,ayo nayo akaba yavuye mu makori atangwa n’abanyagihugu hamwe n’imfashanyo ziva mu makungu. Uwo muhinga yatanze icigwa akaba yemeza ko ayo mafranga yakoreshejwe neza . Ariko n’ubwo biruko umuhinga avuga ko habaye ingorane yo kwegeranya imfashanyo zari zemewe n’amakungu.

Tubamenyeshe ko amafranga agera ku 1341,0 ariyo Reta yategekanije kuzokoresha muri uno mwaka w’2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.