IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR kibona akunguko mw’itagisi ry’amafaranga 42 ku munota

Ikigo OBR kibona akunguko mw’itagisi ry’amafaranga 42 ku munota

mercredi 15 Ndamukiza 2015, par IGIHE

N’ubwo bamwe bamwe biyamiriza itagisi rya 42 ku munota, mu kigo OBR bavuga ko ryabazaniye akarusho, kuko hiyongeyeko umuriyaridi n’imiriyoni amajana indwi y’amarundi muri ano mezi atatu, nk’uko bishikirizwa na Domitien Ndihokubwayo umukuru w’ico kigo.

Mu kigo OBR (Office Burundais des Recettes) bavuga ko bashimishwa n’umwimbu baronse, muri ano mezi atatu arangiye, imiriyaridi 166,5 z’amarundi, nk’uko bishikirizwa na Domitien Ndihokubwayo arongoye ikigo OBR, mu gihe bari baramutse bashira ahabona ivyo baranguye muri ano mezi atatu arangiye hamwe n’ivyo bategekanya kurangura mu gice ca kabiri c’umwaka. Kuyo bari bategekanije gutoza hakaba hiyongeyeko imiriyaridi 5,6 z’amarundi. Mu gice ca kabiri c’uno mwaka naho bakaba bategekanya kuzotoza imiriyaridi 170 z’amarundi.

Uwo mwimbu bakavuga ko bawushitseko bitumwe n’ingingo zitandukanye nko kwishuza abo bose baheraniye OBR. Muri ico kigo bavuga ko uwo mwimbu wabaye mwiza kuko ico gice gisanzwe gihurirana n’ukwezi amashirahamwe atanga amakori ku nyungu, hamwe n’amatagisi yatanzwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako n’ibindi.
Mu gihe, amashirahamwe ahurikiye muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye hamwe no mu mashirahamwe yo gutumatumanako, biyamirije bivuye inyuma rya tagisi rya 42 ku munota, mbere bakavuga ko Reta ishobora kutaronka umwimbu yari yiteze, bitumwe n’uko abahamagara bagabanutse kubera uturusho twagabanutse, mu kigo OBR bavuga ko bamaze kubona umwimbu waryo muri ano mezi atatu arangiye ku muriyaridi n’imiriyoni amajana indwi.

Ku vyerekeye naho agahombo katurutse ku busuma bwavugwa na Reta, ko bwoba bugirwa nayo mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, mu kigo OBR bavuga ko bandikiye amashirahamwe, urwandiko ko mu minsi iza bazoja kubagenzura (Verification).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.