Accueil > Ubutunzi > OBR : Ubuhinga bwa none bwafashije kugabanura urudandazwa rwa (...)
 OBR : Ubuhinga bwa none bwafashije kugabanura urudandazwa rwa magendu
  OBR : Ubuhinga bwa none bwafashije kugabanura urudandazwa rwa magendu
				
				jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par
Mu kworohereza abagwizatunga, muri OBR ku mipaka bisigaye vyoroha kuko hariho ubuhinga bwa scanner bwo gusuzuma ibidandazwa batiriwe barugurura imodoka ibipakiye. Mu ntumbero kandi yo kurwanya urudandazwa rwa magendu, harabonetse uburyo bwo gukurikirana imodoka kuva icinjira ku mupaka gushika aho umudandaza ashaka gushika.
Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uno wa gatatu, mu gihe ikigo OBR cari kiramutse gihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ama douanes. Manirambona Ferederiko, komiseri ajejwe igisata c’ama douanes muri OBR avuga ko hari vyinshi vyakozwe mu ntumbero yo kworohereza abagwizatunga, kandi ko hari imashini isigaye isuzuma ibidandazwa, bigaca bituma umwanya uba muto.
Manirambona Ferederiko, komiseri ajejwe igisata c’ama douanes muri OBR avuga ko hari ubundi buhinga buteye imbere, aho imodoka bayishirako akuma kuva icinjira ku mupaka bigatuma muri OBR baguma babona iyo modoka gushika aho umudandaza ashaka kuyishikana. Ivyo rero bigatuma bamwe baca mu kinywabi bagabanuka.
Komiseri Frederic Manirambona atera akamo abazana ibidandazwa gukurikiriza inzira zizwi n’amategeko, agasaba igiporisi n’zindi nzego zose ziba ziri ku mipaka kubafasha gusuzuma ko ivyo binjije bikurikije amategeko.
Floxella Karire
