IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > ONU yatanguye gukurikirana ikibazo ca Bob Rugurika

ONU yatanguye gukurikirana ikibazo ca Bob Rugurika

samedi 7 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kiriyamiriza ipfungwa rya Bob Rugurika, n’ingingo aheruka gufatirwa y’ukugumizwa mu munyororo. Ico gisata ca ONU (Haut Commissariat aux droits de l’Homme des Nations Unies à Genève) kimenyesha ko iryo pfungwa rya Bob Rugurika riteye amakenga, mu mezi make gusa asigaye igihugu c’Uburundi kikaja mu matora.

Ravina Shamdasani, umuvugizi w’igisata kijejwe agateka ka zina mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ashikiriza ko biteye amakenga kubona Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA (Radio Publique Africaine) apfungwa azizwa amatohoza yakoze ku bwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokazi, Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 bo mu Kamenge kuri paruwasi Guido Maria conforti bita "Kwa Buyengero"

JPEG - 107.1 ko
Ravina Shamdasani, umuvugizi w’igisata kijejwe agateka ka zina mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Nk’uko igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU babimenyesha, Bob Rugurika ntiyari gupfungwa azira amatohoza yakoze, kandi yafashije ubutungane bw’Uburundi bwaheruka kwegeka ubwo bwicanyi ku murwayi wo mu mutwe, muri ico gisata bakavuga ko bitoshoboka ingene umurwayi wo mu mutwe ariwe yogandagura ababikira babiri, akongera akagaruka kwica uwugira gatatu, kandi ico kibanza cari gicunzwe n’abaporisi benshi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Ravina Shamdasani, umuvugizi w’igisata kijejwe agateka ka zina mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko rikurikiranira hafi ikibazo c’ipfungwa rya Bob Rugurika, akamenyesha ko muri ico gisata batewe amakenga n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro butubahirizwa ku bamenyeshamakuru hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, imbere y’amezi make gusa asigaye kugira Uburundi bwinjire mu mwanya udasanzwe w’amatora.

Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA akwije iminsi 18 mw’ibohero, akaba yahagaritswe na Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, aca ajanwa mw’ibohero kw’itegeko rya Arcade Nimubona, umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura. Inyuma y’amatohoza uwo mumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa RPA yakoze ku bwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokazi, Bob Rugurika yaciye atumwako mu butungane, mu nyuma yagirizwa ivyaha bitatu vy’ukuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat), gutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction).

Tubibutse kandi ko mu matohoza yakozwe na RPA (Radio Publique Africaine), hari umunyagihugu yiyemerera ko yari mu nama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’abatariyanokazi zabereye mu bunywero bita Iwabo w’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Major Joseph Niyonziza batazira Kazungu, Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge n’abandi.


Egide Nduwimana

Messages

  • nta muntu afise ubwenge atotegwa amakenga n’ifungwa rya bobo kuko urubanza yaciriwe atari uwurigumije ntagir co abivugako ku mvo izi na ziriya biragaragara ko ar’amanyanga akabije.haragez ko amakungu nayo ahaguruka kuko ubutungan bw’ibujumbura ntibwumva kandi ntibubona

  • Ni bamukureyop yemwe amatora agende neza twebwe abashigikiye Nkurunziza turamusavye uyo Bob ntadukwegere ngo bigende nabi nukuri igihuha gihari hariya na hariya agumyemwo barashobora kuducamwo .

  • Mwitonde! Niyaba ataragasuzoguro tuzobaha uburorero bwishi bwukuntu umuntu atohoje inkuru akayitanganabi ko ishobona kumuhitana yaba ngaha Burundi canke mubindibihugu birimwo Democratie nkuburundi.

  • Harageze ko ibintu bihinduka mu burundi. Abakunzi b’igihugu abe aribo bagitwara. Gufata umuntu (Bob rugurika) ariko arafasha gushira ahabona ububi bw’akagwi kishinze gutukisha igihugu, ntibizokwigera vyemewe nagatoya. Ntawandusha gukunda CNDD FDD. Ariko ndabona ko ataho turi kuja nk’igihugu. Je nshaka umukunzi w’igihugu ntabindi.

  • Murikahise harihukuntuvyagenze kugira ibihuguvyishi vy’ Afrika vyikukire kandukurikiranye usanga hariho ibihugu bitaribike vyikukiye mumyaka yahafinahafi bisigurako bose baribaramaze gushishwa kandicogihe ivyobihugu vyahitamwo guharanira intahe zokwikukira kwibihugu vyabo bamwebabanyagihugu bakomeza gukoranacane mukurondera ivyotuma ibihuguvyabo bitokwikukira, Uyumusirero turikoturabona ababazungu harihigipande cerekananeza kobadukinye umukino munyuma yibihuguvyacu vyikukiye, vyaricaye biritegereza bisanga ko nubwotwikukiye kuvamubukenevyovyo nibivuyeho bacabiga uburyo bazoza barashigikira abagarariza nabanyamakosha bomubihugu vyacu atirerob kugiratubashigikire bikunde bizogendagute? bacabingira inamayogushiraho amashirahamwe yingenenyishi afise abantubakoramwo bingeso zitandukanye aborero bakora mwayomashirahamwe nibobafasha kugira abobazongu boroherwe kwerekanako nubwotwirata ngotwarikukiye twihenda kuko muzobisanga mubantubakoze amakosha batanguranywa kwandikira ibihugu vyacu babiha gasopo ikindikimenyetso cerekanako ibihuguvyacu biyobowe nabobazungu twebwe abanyafrika abazungubihenze bagakora ikintu kitabereye ntituryogora ngotubabwireko nibabakomeje tutiturabafatira ibihano uvanyene ntidushobora kubahagasopo murumvarero ko kubera ubukene ntitubonekana nkibihugu ahubwotubonekana nkutuntu tutagirizina, arazoreba kuberanyene bishakira kugumabatuvayangisha agati iyohagize umwemuritwebwe abintagondwa bacabamwemera bagatangura kumwerekako arigihangange maze bagatangura kumaramaza babategetsi bigihugu ciwe mazenawe agaseka ngoreka babamarire amanya. Umwanzuro; Nuko ibihugu vya Afrika bigiye gutanguza iyindintambara yogusaba abobazungu kureka kuguma bafata ibihuguvya Afrika nababibamwo nkutuntu abagararizi nintumva ntahozibuze kandinatwe nkabanyafrika(Africa) twishizemwo kuzaturashigikira abasibanyu baba abarimubihuguvyanyu canke abarihanze namwemwomaramara nkukomwirirwa mutugira namwe, Guharanira agateka kazinamuntu ntawuvyase none komutaharaniye akateka kuko abantubashe kwubaka urugo bategerezwa kubaribitsina bidasa kwakogateka mutagaharaniye?

  • Vous qui parlez que BOB RUGURIKA doit etre libéré, vous influencez la justice burundaise alors que vous avez toujours réclamé une justice indépendante!Je suis déçu du comportement de Mademoiselle Ravina Shamdasani, Porte parole du Haut Commissariat aux droits de l’homme des Nations Unies pour avoir tenu des propos tendancieux comme cette femme l’a été toujours.
    N’oubliez pas que tout ce qui s’est passé au Rwanda, les organisations des nations unies étaient présentes en produisant de faux rapports alors les signes d’un genocide se faisaient voir.comment se fait -il qu’il y ait des gens(journalistes ou pas) qui font des entretiens avec des tueurs de première calibre qui acceptent qu’ils ont commis des forfaits et bavures de toutes sortes et venir se reclamer eclaireurs de la justice burundaise sans mettre la main sur ceux làsi ce n’est pas un plan concoté pour discéditer le pouvoir burundais et ses relations diplomatiques?Vous qui réclamez, essayer de cacher le concubinage qui vous a toujours caractérisé et le meler dans les affaires juridiques et diplomatiques d’un pays.

  • Des gens escrots déguisés mentent au système des nations unies toujours créant les clivages politicoethniques!Comment des gens qu’ils soient journalistes ou non s’entretiennent avec des tueurs, des alkaidas et se réclamer d’éclaireurs de la justice sans mettre la main sur ces brigants?Et quelques branches des Nations Unies influencées de parler de libération.L’histoire nous dira plus vu au Rwanda en 1994 sous la couverture de certaines organisations internationales.

  • Harageze Yuko iyo mihirimbiri, ibinywamaraso vyaba DD bihagurukirwa nkuko amakungu yahagurukiye iciza ca Ebola. CNDD - FDD. Irusha Ebola. Twonezeregwa cane Nkurunziza Pierre nabaja biwe ko babohwa bakajanwa irahe kwishura ubwicanyi bwaba Hutu birigwa barakerera. Kwica abakozi b’Imana babigize umwuga. Turatakambiye amakungu.

  • Yemwe Leta Mputu irakengeretse basi! Uwo mupfasoni wo muri ONU niwe yasubiriye ubutungane bwo mu mu Burundi? Aho haruguru ko batavugira Pasteur Bizimungu? Bob yakoze umwuga wiwe, nimba ari ivyumwuga wiwe atakindi cinyegeje inyuma nisawa. Ariko biragagara ko hari akarwi kintagondwa zabenewacu baba Tutsi katipfuza ko hoba umuperezida w’ Umuhutu mu Burundi. Ako gatsiko niko gakoresha iradiyo n’amashirahamwe yitwa ngo ntaharanira ivyicaro vya politike. Kuko aho ntibarondera abagandaguye abo babikira gusa,bashaka no kuvyegeka kuri Leta yose. Abarundi bamaze gupfa nibenshi ariko Bob ntamatohoza yabakozeko. Nukuvugako akunda cane Abataliyana kurusha Abarundi benewabo.Abahutu batazubwenge bapfakuja mu myiyerekano batazi abayiteguye ico bagamije, kuko Abahuntu benshi harimwo nabize ari ibijuju gusa.

  • Bimwevyimazeyo hanohariho abantu bamfashije cane nkakarorero uwiyise ###### aravuzenezako Bob atakoze amatohoza kubera gukunda abatayino gusumba abandi, asicoyayakoreye’ atikandi ntiyayakoze kubera yakabicanyi mugihuguciwe atoya’ atahubwo icocatumye akoraryamatohoza ntabwo ashaka aboyavuzegusa yishakira iyirsta yambere kuvuburundi bubayeho irimwo amokoyose yabarundi nacanecane muntumbero yokugira bemeze amakunguko kuvakera nicogituma abahutu bakumirwa ngokuko bameze nkabatari abantubafise ubwenge. Umvarero ikivyemeza kwarivyo yishakira: Iyi radio RPA iramaze imyaka irenga 10 ikora ariko ntigeze ifatakanya ngo ikoramatohoza kwisinzi ryabarundi bakishe kubwishi, ahoniho herekananeza Ko yishakira kwihanganira niyi reta irimwo ubwokobwose, ndabibutseko abariko arahiguvu uwitwa Kagame mumugambiwiwe wokutaramutswa ivyogusaranganya ubutegetsi nayandimoko yabanyarwanda kuko abatavugarumwenawe baramataje cane mukuzabaratanga uburorero kuvyabaye Burundi vyamoko gusabikanya ubutegetsi ahorero ba Bob nukumusbigikira twaduhutu nudututsi maze tukagenda tukurira ikigaregusa tutazi iyocerekeza!!!

  • Abarundi muramaramaza, kuki ayo matiku ya ONU batoyajana mu Rwanda ngo babibarire kagame.

  • Wowe wiyita Cuma, reka kuvanga ibintu nkubwo u Rwanda uruzanye ute muri affaires zu Burundi? IF you cannot have clear arguments and make a comprehensive analysis about Burundi politics, ntacyo uba ufashije benewanyu. So please leave Rwanda alone we know how to sort out our internal and international issues, especially when it is related to Rwandans survival. your comparisons are not backed up by tangible facts. Rwandans are too brainy and can handle any situation as it may occur, and across Akanyaru border you can do it if you have the will and commitments.

  • Imana yomfasha nkaronka uburyo bwogutora ubwakabiri Nkurunziza izobinyongereye umunezerontangere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.