IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Uburundi bworonka uburongozi bwiza mu myaka 15 bwoba bwisununuye (...)

PARCEM : Uburundi bworonka uburongozi bwiza mu myaka 15 bwoba bwisununuye mu butunzi

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Hamwe Uburundi bworonka indongozi nziza, bukubahiriza intwaro ibereye, ubutunzi bwoshobora kwisununura. Mu myaka 15 gusa iri mbere, igihugu coba kiri mu bihugu vyifashe neza, bitajogajoga, nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane, Faustin Ndikumana avuga ko bibabaje kubona Uburundi buri mu bukene butagira izina kandi ataco busumbijwe n’ibindi bihugu vyashoboye kuduga mu vyerekeye ubutunzi ku rugero rutangaje, agatanga akarorero k’igihugu ca Ile Maurice na Singapour bisigaye ari akarorero, hamwe n’Urwanda na Lesotho, ibihugu vyahuye n’ingorane ziruta iz’Uburundi, ariko ubu ivyo bihugu bikaba biteye imbere.

JPEG - 56.8 ko
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM

Faustin Ndikumana aratanga n’utundi turorero tw’ibihugu vyavuye mu ntambara, nka Cote d’Ivoire, Mauritanie, na Sierra Leone, n’ibindi aho vyaduze cane gushika ku mwimbu w’ibice hagati y’ibice 8,9 kw’ijana n’ibice 10 kw’ijana.
Faustin Ndikumana akagira ati : "Namba ivyo bihugu bindi vyarabishitseko, tweho kuki?" Muri PARCEM bati : "Uburongozi bwiza nibwo butuma ibintu bihinduka."

Faustin Ndikumana abandanya avuga ko hamwe abanyeporitike n’abarundi bohagurukira intwaro ibereye hamwe n’izamurwa ry’ubutunzi, bishingiye ku burongozi bwiza ari nabwo butuma ibintu bihinduka, mu mwaka w’2030, igihugu coba cavuye mu bukene, mbere umwimbu ku munyagihugu w’umurundi ukava ku madorari amajana atatu ukaja ku madorare igihumbi. Nk’uko Faustin Ndikumana arongoye PARCEM abisigura, ivyo vyose bifatanye n’ubutunzi kama Uburundi bufise, ubushobozi bw’abanyagihugu n’incabwenge Uburundi bufise, hamwe no gushobora kwegeranya imfashanyo, vyotuma ubutunzi bw’igihugu buduga.


Floxella Karire

Messages

  • Faustin Ndikumana kugereranya Singapour n’Urwanda aranyishe! Nabibaze abanyarwanda ba rubanda nyamwinshi bamwibirire neza!

  • Baobab, ntabwo Faustin yakoze comparison between Singapore and Rwanda, get it clear. Faustin aravuga ibihugu byavuye mu ntambara zikomeye kurusha uburundi ex. Rwanda and Ivory Coast. Cyereka niba utemera ko u Burundi bubonye ubuyobozi bwiza bwatera imbere economically in the next 15 years, byaba bibaje niba uri Umurindi utekereza uko, please try to think positively in order to help your country and your countrymen if you have top class ideas in your head.

  • Mwebwe icyabatezimbere ni uguhinduka mumitekerereze,mukareka abanyamahanga bakaza gukorera iwanyu ntanumwe uhejwe, bagafunga radio RPA na radio Bonesha zivuga politic na amabanga yigihugu,bidafitiye abaturage akamaro, ubundi buriwese akerekeza mukazi doreko mufite igihugu cyegerere tanganyika, mukava mubyamoko yabokamye,ibigo byareta bikora nabi bakabyegurira abagwizatunga bafite ubushobozi bwo kubibyaza umusaruro,mugakoresha ikorana buhinga muribyose. muzaze mu Rwanda tubereke uburyo ibyo byose twabigezeho. gusa mugabanye imigumuko kuko ibatesha umwanya wogukora. (umwanya mumara muri politic ni munini cyane kandi ntamusaruro bitanga, mubisimbuze ibindi biganiro bijyanye n’iterambere)

  • Fausti, rekakunegura gezaho kandiburya warishatse kubivuganeza nuko waciyushiramwo bimwe vyokubanza gushirahasi abari kubutegetsi. Ariko mucamake ugombakumenyako ikintucose gifise umwanyawaco, ndakubwirako dukuyeho bimwe vyokwikunda canke gushirimbere abotwiyumvamwo jewe ndaziko ntamugambwe wojakubutegetsi ngubure icukora kiboneka. Ndashaka kukubwira kohariho ibintu vyaranguwe mugihe cintwaro yumugambwe umwe UPRONA, ekayemwe na FRODEBU yatwaye amezi adashika 3 hariho icowakoze, CNDDFDD yoyo nagakura nivyomwibonera sinorinda kubidondagura. Icomvigiye ivyovyose nshatse kwereka Faustin Ko ivyo avuze konabadi twese tuvyiyumvira kandituri ku kivi mbere iyoyaba atari bamwe bakomeza kwigira basinsabibazwa niyomyaka ntiyorunze kugera ahubwo bamwe rtuguka Ko vyobayevyabaye neza mumwaka wa 2025 mbese mukurikuranyeneza harahomwosanga vyanditse, ariko bateshesha baguma bashaka kubitoba ngontibikwiye gushikwako kuntwaro ya DD ukamego hubacwe ibarabara rizocamwo umugambwe umwegusa! Ymgusandabonye akazi kicuwicaye! None ntasubiyemwo ibisanzwe bivugwa?

  • Muvandimwe "Baobab", byagufasha uteye intambwe yo gutsinda amarangamutima ugasesengura ibyo wasomye ukabivanamo isomo ryubaka. Biragaragara ko utemera cyangwa se utishimira intambwe u Rwanda rwateye ruvuye mu bibazo utayobewe. Gusa amarangamutima yawe ntiyahindura ukuri isi yose ihamya! Nkwifurije kwiyakira ukareba imbere. Imana ibigufashemo!

  • AHO IWANYU NTIBYAPFA GUSHOBOKA KUKO NTIMUHA RETA UMWANYA WOGUTEKEREZA KUCYABATEZA IMBERE,UMUYOBOZI AJYAHO AGATANGIRA GUTEKEREZA MANDAT YE YARANGIYE UKO AZABA AMEZE,IKINDI MWESE MUSHAKA KUBA BA PRESIDENT KANDI MUFITE IGIHUGU KIMWE. TWE IGIHUGU TWAGIHAYE KAGAME TUMUHA UMWANYA ARAKORA NONE TURARIRIMBA IBYIZA YATUGEJEJEHO.

  • Agnes and Peace for All, you are very right my sister and brother, and more development is coming soon, dukore tuve muri political games zidafitiye inyungu abavandimwe bacu on the other side of Akanyaru border, ariko ibyo mwembi muvuze nukuri bave muri political issues because in today’s world, competition and in innovation are the order of the day for ours countries to achieve and sustain social and economical development. Keep it up

  • @agnes
    "TWE IGIHUGU TWAGIHAYE KAGAME TUMUHA UMWANYA ARAKORA NONE TURARIRIMBA IBYIZA YATUGEJEJEHO."
    Nimwiririmbire ibyiza Kagame yabagejejeho mwakagar’Imana! Mubandanije mutyo abandi baturanyi muzobabona baje kubasaba ko dukeyi! Sangwa atabo murabona n’uko namwe ivyo mufise bitaraba ikirenga! Ndabifuriza guhorana Kagame!

  • Wewe Faustin bureka kwigira umuhinga ukiri interbank wamaze iki....?URIBUKA ko wahora no mu ba DD wewe nyene gusa wewe ntiwitonda ucuriruka ngo batevye kuguha ibiti....kandi twarikumwe muri groupe de front...urumva turazinanye tugira amanama albatros,imbere ya hop militaire....wewe reka ivyawe turabizi uzoze rero uhenda abatakuzi kuko twebwe turakuzi bikwiye.
    uwoguha igihugu wogira iki...!!!!wewe hahahahhhhahhaahhahaaaa!!!!!!!

  • @Baobab: ibyo uvuga ni ukuri (n’ubwo usa n’ushinyagura!). Twe tuzi ko tutaragera aho twifuza ariko byibuze turi mu nzira nziza. Naho ibyo guhorana Kagame n’abandi bareba kure, bakunda igihugu nkawe bizatubeho rwose! Ikindi kandi tunabyifuriza Abanyafurika bose duhereye ku baturanyi! Kandi nawe ushatse waza tugasangira ku byiza cyangwa se ukabona amakuru y’impamo.

  • @ Baobab.
    Abanyarwanda ikibaranga nukwishongora no kwigir’ibitangaza so sindiko ndibaza ko harih’umunt’ariko araguhaririza kubera muri africa yose turaziko Identity yumunyar’ar’ ukwishongora,kwishira hejuru no kwishira heza muri byose.

  • @gasana
    nta banyamahanga dushaka je mbona mu rwanda ataco muturusha,abashaka baraja kubayo,niho tukiva mu ngwano nta ba mafia dushaka batuzanira za magouilles nkuko basogokuruza bakiriye abatutsi none badusize mu migozi,nimubajane abo ba bandit b"abanyamahanga i wanyu,abarundi nta we turi mw’ihiganwa ,bukebuke bushikana umusiba ku mugezi

  • Jewe ntakintwenza nko kubona Umunyarwand ari kwishira hejuru. Abanyarwanda narababaye igihe kirekire. Ico kintu co kwibona barakizi pe! Ariko Iyo twese tuba tubona the big picture! Unomunsi muburundi burakeye tuje muntambara niyo Pita yanka gukinjura. Ariko ivyo bizoha icigwa n’uwundi mu president w’uburundi wese gutahura ko abanyagihugu dufise inguvu kumuruta, kandi bizomufasha mukwubahiriza intwaro ya demokarasi. Mu Rwanda naho, baracafise umu dictator yica uwo wese atamushigikiye. Unomunsi Kagame arajwe ishinga no gushaka guhindura ibwirizwa shingiro ryabo. Bose kubwo gutinya, bemererayo. Igiteye isoni kurusha vyose, n’ukubona ndetse n’iyindi migambwe imutinya Igapfa kwemera hahaha. Yaramaze guhindur u RWANDA nk’akibare kiwe. ntawundi amukoreramwo. Umunsi rero mu RWANDA bazoca ubwenge bakabona ingene i Burundi bizoba biri kugenda, uzobona Revolution yabo ingene izohitana ubuzima bw’abanyarwanda. Ngira twese turazi ingene abanyarwanda bicana iyo ibintu nkivyo bibashikiye. I see RWANDA as a shinny bubble floating in the air just to burst in the next second. Muzoze i Burundi mutubwire ingene ubuzima bwifashe inyuma ya 2017.

  • @ Vuganeza( nabi). Ni Umusiba nyene. Izina niryo Muntu. Uwo musiba uzoshika ku Mugezi ryari? Urugero rw’umusiba ni nka wewe ukivuga ngo ba Sokuru bakiriye.... Bakiriye nde wa Giheba we? Beniyo nvugo n’imyiyunvire niyo iduhejeje inyuma. Va ku Rwanda kuko rwaradusize. Ngo ntaco baturusha? Nuko ataho uragera ngurabe. Uruwa nyuma.

  • NTAWAGAYA BYOSE KUKO IMIGAMBI YAKOZWE muri iyi myaka 10 ishije ni imigambi iteza imbere àlong terme. amashuri n’amavuriro vyarubatswe kandi byatwaye amafaranga menshi, muzabona akamaro byagize d’ici 10 ans, ama stades yoyo oui mais ntakintu économiquement yinjiza, UBU HAGEZE KO UBURUNDI BWINJIRA MUYINDI Phase yo gutenza imbere UMUYAGANKUBA, AMAHINGURIRO, les RESSOURCES MINIERES kuko zirahari. icyo NASABA: abategetsi nimureke INDA NDENDE MUKORE IMIGAMBI ITEZA UMUNYAGIHUGU IMBERE, maze murebe ko tutadugira rimwe, amahoro yoyo est une exigeance. murakoze

  • @john
    None no mu rwanda biragoye gushikayo,genda mubeyo,mushaka dutere imbere gute mwirigwa murugaza imfashanyo?,ariko muba muriko mwerekana votre supériorité mu bazungu!

  • uvuze ukuri!ubona hamwe muburundi mubanyepolitique na cane cane biyumvira nkawe.niyomyaka ntiyoshika!kuko nkukwo ubivuze cote d,ivoire ntamyaka myinsh ihaciy bavuye mukavuyo mbere kakuye kubutegets abashak kubwinzingitirak nabant isinzi bakahahonera nne raba ubu igihugu gihagaze neza!natwe vyanse mumvugo tuzokoresha imigere kugra twikure kurabo ba cndd bashaka kutugrabaja

  • Nonekondimubipfuzagutezimbere.igihugu.arikonkabura.inzira.kandiharihonabandi.abiyumvirakobazobeshwaho.naporitikegusa.nibamenyeko.bosekobatazobeshwahonaporitikegusa.ivyonkora.birabe.kurisite.wb.www.cpsburundi.org.ndumurimyi.noronkaisokoyivyondima.nohakazi.abanyagihugu.bagera.ku2000.numwimbumwinshitwokwimbura.arikondabuze.apwi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.