IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa avuye mu bitaro azosubizwa mw’ibohero

Petero Karaveri Mbonimpa avuye mu bitaro azosubizwa mw’ibohero

lundi 15 Nyakanga 2014

Ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH, asanzwe akitswe n’amagara mu bitaro BUMEREC.

Mu gihe vyari vyitezwe ko kuri uwu wa mbere ariho hamenyekana ingingo y’ubutungane bw’Uburundi, kw’irekurwa vy’agateganyo rya Petero Karaveri Mbonimpa, sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, w’imyaka 65, asanzwe arwaye ingwara y’igisukare n’iy’umutima, akaba ubu amagara amukitse mu bitaro BUMEREC. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari basavye ko yorekurwa akazoburana yidegemvya. Abashingwamanza ba Petero Karaveri Mbonimpa bibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guhabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya.

JPEG - 63.2 ko
Petero Karaveri Mbonimpa niyatora mitende azoca asubizwa mw’ibohero

Umushingwamanza Antoine Nzobandora yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane. N’aho abo bashingwamanza batahengeshanije kumusabira umwidegemvyo w’agateganyo, Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo, akazoburana ava mw’ibohero.

Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

  • HAHAHAHAHAHAHA UWUTARABURORWA AVUGA NGO YO BUNYA. UWIFUZA KUMENYA INKURU ARABAZA KADEGE NA DOMISIYANO NA RAJABU. UBUTUNGANE BWUBURUNDI BURIGENGA, KUKO BUDATWARWA NA ONU CANKE UE. UKUDAHANA KUGWIZA IMISEGA HIHIHIHIHIHI NIBAHASHE IKIBI NAKABI. REKA TURINDIRE BAMWE BIYITA NGO NI BABIHOME KO BAJA KUMUCUNGURA, ATARI UGUSURIRA AHOBICAYE.

  • UWUZOWATSA SENTARE IZOWUMUZIMIRIZA KO. UWUZOTOBA AMATORA AZOBA ARI UMUMENJA, IGIHANO CAHABWA ABISWE ABAMENJA 1972 MURAKIZI. UWUZOTANGUZA INTAMBARA IZOHERA MUNZU IWE IHEREZE MUNZU IWE. INTAMBARA YAYITANGUJE IKIRIBA, IKOMEREZA KUMPIMBA, IBANDANIRIZA MURI BUMELIKI NONE IGIYE GUSOZERERWA MURI MPIMBA.

  • TURIRIMBE: BUMEREKI REKURA IYOMBWEBWE YIGIRE KUMPIMBA JEAN AVUZE ATI REKURA IYO MBWEBWE YIRUKE KUMPIMBA;

  • MUHOZI, PACIFIC, VITAL TUBWIRE ICO MUGIYE GUKORA KUKO ONU, leta zunze ubumwe zamerika ni shirahamwe ryaburaya bananiwe nukurekuza mbonimpa. JEWE UBU MBONA MUKWIYE KWITURA PUTINE WUBURUSIYA NA PEREZIDA WUBUSHINWA NA PREZIDA WA IRANI BABAFASHE ATARUKO NAMWE MURAWUNWA NAHO URURA. UBU TURINDIRIYE KWUMVA CANKE KUBONA MWABAYE BABIHOME KOKO.

  • Burya! muriko murandika sms be mushiramwo n’ubumenyi kandi mukamenya kwatamvura idahita, uno munsi ni mutama Mbonimpa ejo naho ni wewe canke uwundi muri famille yawe.

  • Mana Tabara Uburundi Kuko Bugeze Ahatemba!Uburundi Busigaye Ari Nkishamba Aho Igikoko Gisuba Ibindi Kibimira!

  • My friends mugomba kumenya n’amajambo mukoresha iyo mwandikamutanga ivyiyumviro vyanyu. Nkuyu yiyita ngo ni kibamba nagira ndamwibutse abana batutse umutama Elisa iyo n’inkuru yo muri Bible bamubwira ngo "Buhanza we dugumusozi". Ivyo bakabivuga bisubiriza.Yarabavumye intambwezirabarya bose hasigaye umwe rudende gwa nege wo kuvug’inkuru. Ico ntakekeranya co nuko uyu kibamba ari nk"umwuzukuru kuruyu mutama Mbonimpandavuga ugereranije imyaka yiki gifatanzoka ngo ni kibamba n’imyaka y’umutama Mbonimpa. Mbe sha aho uvuga utuka uyu mutama ngo "Rekura iyo mbwebweyigire kumpimba". Burya urafise umutima, igitigu n’amahahabikora neza? Yokuvumasha wobona amahano abana baraho babonye. Kimwe gusa womenya nuko abo uter’amashurwe uyu musi bataruta Mossini Mubarack muri Egiputa na Gbagbo muri Ivory cost. Behold, the time will tell.

  • TURASHIMIYE CAANE UBUTUNGANE KU NGINGO YO GUKINGIRA IYO SUTWA KUGIRA NGO EJO CANKE HIRYA YEJO ABAMUROSHE NTIBAHAVE BAMUHOHOSHA NGO NI LETA YABIGIZE.ABIFUZA KO AREKUGWA NIBARINDIRE HAGEZE KO UKURI KUJA AHABONA HANYUMA ABABIJEJWE BABIHINYANYURE NIYATSINDA YIDEGEMVYE VYANSE NAHO AWUNWE NTA KUNDI NIYIHANGANE KUKO NIKO BIGENDA IMISI YOSE BAGUHENZE UTAGAVYE URAHAGWA.IKINDI NACO N’UKO WOMENYA KO UBUTUNGANE BUGUKUNDA KUBONA BUGUMA BUGUKINGIRA SI NON HARIHO ABAVENZWE N’INTAMBARA HAMWE BOKUBONA URIKO URIYENZEREZA BAKAKWIYAHURIRAKO BARAVYE IMBERE INTUMBERE YIVYO MWASHAKA GUSHIKAKO VYOGUKWEGA INTAMBARA HAGATI YA RDC N’UBURUNDI.IKINDI NACO WEWE N’ABAGUHENZE, MWARASHAVUJWE NO KUBONA ABANTU BASIGAYE BIDEGEMVYA KW’IBARABARA BUJA-CIBITOKE HAMWE NO MURUKOKO?IKEBUKE.

  • mwomenya kuyo mutama azovayo !.mwoshaka mworeka gukuga nkimikoma.

  • Ewe Munyeshure Nta Kigongwe Ufise,ubu Urashingiye Intahe Abacamanza Ko Bomugumiza Mu Munyororo?Mbe Uwo Mutama Aziriki?Rindira Bizoshirwa Kumunzane Leta Nimba Ikoresha Ukuri Akayungiro Kazoteba Kaza.Kandi Imana Ntiyicaye Izoza Kuca Imanza

  • gabanya amajambo dukore none uwomutama nimumubwire akiwe kumunwa!!!ahohoho tugiye guhindira amakarangamuntu kugira dukoze amakosa ntidufungwe!!!hahahaha nibamufunge.

  • YAYA MUTAMA WANJE NIWIHANGANE UZOVAYO UKOMEYE NKA MANDELA BITEBE BITEBUKE UKURI KUZOJA HABONA.POLE SANA

  • None bari bibaza ko azovayo ataha? Aho hoho sentare yoba iriko irajebajeba!

  • None bari bibaza ko azovayo ataha? Aho hoho sentare yoba iriko irajebajeba!

  • oooh! Nukuru berababaje kubone umutama nkuo gufurwa imisimwinshi.mumugirire impuhw atume afungirwa murungo iwe .naho yoba yarakoze icaha mugabo arakwiye impambazi.uwonumutama wigihugu.mugabo uwizeye imana ntimuheba ibuka yuko ahaturi arisi y’imana imana irakunda umuntu atanga impuhwe kuribenewabo iyog bakoze amahano.je narengana gusa ntamenshi navuga.mutama mboni^mpa usenge uwuhoraho azo gufasha atangorane.

  • Ntakintu gifise agaciro nogufya uvurwa neza hose.ibiba mubundi uwariwe wese aravyumva kandi arabibona.Mbega ibikorwa muburundi bihaye bizana ishusho iyahe mumakungu?bahaye biduha ishusho iryahe hose?ubutungane ndobasaba ko mwokwicaramukiga ivyo mukora.muriko muradukurako icubahiro.

  • yooo kumbe amakungu yabona ivyambonimpa!!!ngahooo murekure kazikanyu sindimwo!

  • Mbega mu Burundi tuzoshikira ubutungane nyakuri ryari?CNNDD-FDD igishika kubutegetsi twari tuzi ko tugiye kuronka ubutungane nyakuri ariko nasanze baricokimwe nababatutsi bahitiye kubutegetsi.Amerika niyaba nayone yahagurutse nuko yabonye ukuri muri Mbonimpa.Ariko ukuri kuzoja ahagaragara hama Leta izoje imbere y’ubutungane nyabwo, kuko burahari.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.