IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yafatiwe ingingo y’ukugumizwa mu munyororo

Petero Karaveri Mbonimpa yafatiwe ingingo y’ukugumizwa mu munyororo

lundi 9 Ruheshi 2014

Sentare yafashe ingingo yo kugumiza mw’ibohero Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabafungwa APRODH.

Mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ruheshi, sentare yafashe ingingo yo kugumiza mw’ibohero Petero karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH. Iyo ngingo yafashwe ikurikiye iya sentare nkuru ya Bujumbura nayo nyene yaheruka gufata y’ukugumiza uwo mukuru wa APRODH mu munyororo.

Tubibutse ko Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuwa 16 Rusama 2014 yagirizwa kuba yarahungabanije umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu. Abatari bake yaba amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike mu Burundi bariyamirije ipfungwa ryiwe, basaba ko amakungu yokurikirana ivyo Petero Karaveri Mbonimpa yashikirije, hakaba amatohoza kugira ukuri kuje ahabona kuvyo yashize ahabona vy’itangwa ry’ibirwanisho, hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare yoba ikorwa n’urwaruka rw’abarundi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bari basavye ko yotezurirwa akaburana yidegemvya. Ingingo yafashwe akaba ari uko yogumizwa mw’ibohero.


Floxella Karire

Messages

  • Bamukatiye imyaka 50 byaba aribyiza kuko uyumusaza yataye umurongo!!!!

  • Congz!!!!Uzatega imitego reta niwe izohitana bwa mbere!!!!Kirimo abagabo.

  • HAHAHA,HIHIHIHIHIHI BABAZUNGU MWADUHAYIRA KO BARI ISINZI KURI PARAKE, BANANIWE NUKUMUREKUZA???????? NAMYE NDABABWIRA PACIFIC NA VITAL, IGIHE CUBUKORONI BWABAZUNGU CARAHEZE UBU UBURUNDI BWARIKUKIYE, NIMBA MWEBWE MUTARIKUKIRA!!!!!!!!!! NDABISUBIYEMWO AZOVAYO HAGEZE UBUTUNGANE BUMUCIRIYE URUBANZA. INGARUKA YO GUSIMBURA ABAPFUYE.

  • pacific,vital na rufyiri burya mwatubwiye ko mbonimpaa adafunguwe ngo amatora ntazoba?????????? Numva naho bosanga atakimwagira, bobanza bakamurekezayo nkaraba ubukomezi afise amatora atabaye!!!!!!!!!!!

  • yayayayayaya mbega ga pacific ko vyanse muri sentare yibujumbura, twizere ko muca mwungururiza irahe!!!!!!!!!!!!! ariko sinziko muzoroherwa kuko nurubanza rwa rufyikiri baherutse kurubatera!!!!!! nivyo ?????????? mwanka mwemera muzoguma mutwarwa, nayo uwuzotanguza intambara izoherera musi yuburiri bwiwe!!!!!!!!!

  • BAGENZI MADAME CHRISTINE COSOME, YASERUKIYE ABANDI MUBARI BAGIYE KURAMUTSA MBONIMPA. YAVUZE KO MBONIMPA YAMUTUMYE KO YOBA ARAGUMYEYO KUGIRA AKORE AKAZI KIWE, KOGUKURIKIRANA ABANYORORO NEZA ABEGEREYE!!!!!!!!!!!! NONE INDOTO ZIWE ZIHUYE NIVYO UBUTUNGANE BWASHITSEKO!!!!!!!!! NGIRA NAMWE MUCA MWUMVA KO UMUSI YAHEJEJE IGIKORWA CO KWUMVIRIZA VYABIHUMBI VYOSE BIRI MUMPIMBA, CHRISTINE AZOCA AHEZA ABIMENYESHE TWEBWE BENABAFUNGWA!!!!!!!

  • Mwa Nterahamwe mwe— Nditije na Mutabazi—, ikinyarwanda canyu kirabahemukiye! Turazi ko muri abacangero ba SNR.
    Ivya PC Mbonimpa ntibibaraba. Uyu mugabo mwe n’aba DDs muzomuzira! Radjabu yigeze kuvuga ati: “nzosohoka mu Mpimba ari uko Nkurunziza nawe ansubiriye†. Biriko biraza!

  • Mutabazi mbe kupfuye wangara nka Gahini uwo muzaza niwe yagutumwe utu RwANDA?iby,iwanyu byabananiye uje guc,iziburundi?

  • MAITRE ARMEL NIYONGERE, MUSIGAYE MWIGENZA NKABANYA POLITIKE!!!!!!! WEWE NTUBA MUBURUNDI??????? GUSHIKA AHO UTAMENYA IVYO MBONIMPA YISABIYE?????????? GENDA UBAZE MADAME CHRISTINE COSOME AKUBWIRE IVYO MBONIMPA YAMUTUMYE!!!!!!!!!! ARI KUKAZI MUMPIMBA GUTOHOZA AMA DOSSIER YA BAFUNGWA!!!!!!!!!!!! EMAMA NGO UBUTUNGANE NTIBUKORA!!!!!!! BWARENGUTSA UMUNTU NGO NUGUHONYANGA AGATEKA KAZINA MUNTU!!!!!!!!!! NONE UMUNTU AZOBAFATA GUTE??????????

  • Uwo mutama nawunywe pe yumve ico kugambanira icamuvyaye kimaze. Uwitwaza wese igihagararo afise kugira asubize igihugu mw’ihumbi bizomugarukira, canke bigarukire abiwe.

  • Mwebwe mwiyita sihondi nditije nabandi Nagomba ndabasabe mwibuke Umutama Mandera imyaka yamaze mu munyororo mutayizi muzotohoze muzoyimenya Burya ukuri kuzoja ahabona kandi mwebwe muhimbarya nuko umuntu afungwa ubwenge ntimugira kuko ivyo umutama yavuze kuva kera vyarukuri gushika uno musi avuga ukuri bizogaragara gusa namwe mube mwitegura mugira mujeyo asohotse

  • Izo mbonerakure ziyita Nditije,Mutabazi nibaza ko ziri muri izo ziri muri Congo mwomenya ko amaraso ahuma,mbe kamwe kiyita mama ko karihe ko kataravuga ayamuhe

  • Ubarundi muragaba kubera turafise INTERAHAMWE ziturimo!!!!! akarorero ni uyu yiyita MUTABAZI ivyo yanditse ariko avuga Kagame abesha aremantanya none ivya Petero Claver abijemo gute? namye mbabarira Interahamwe zaje ziyita aba congomani, abandi bigize abarundi hari nabamaze kuronka ikarata karangamuntu, abandi bbari mugiporisi abandi mu gisirikare. Muramenyako abo aribo basize bakoze ihonyabwoko mu Rwanda ninayomvo yo kwama batuka President Kagame. Uburundi bubafatire ingingo babafate kandi bave mu ntwaro kuko barashaka guteza akaga u burundi kandi Liste yabo u Rwanda rurayifise

  • Nimumurekure yidegembye’ ariko nawe aze yiga gusaz’ atanduranije’ azoz’ avugiby
    afitiye gihamya. Mumyaka tugezem’ amafoto sigihamya kuko photoshop yahnduy’ibintu. Ari mubisanzwe numuntu wumugab’ naho mur’ iyi case yarengereye. No kuri www.impanda.fr niko babibona.

  • Abarundi dukwiye gusoneranira no kureka gukaz’akaguma no gukorera inkono ishushe abandi. Ufis’ico yagiriza Leta, akwiye kuja yitur’ubutungane hama abasigaye tukarindira ibivuye mu rubanza. None ayo matohoza mu gihugu cikukiye, yogirwa na bande canke yosabwa na nde? Ku bwanje, abo baroha benegihugu kwih’amabarabara canke kwambara imyambaro/klaxons n’ibindi ndagutakiye, ngira nti ni bo nkwezi-y’amarere. Ipfungwa ry’akarengane rya Nyakwigira Nelson Mandela en RSA, ntaho risaniye na dosiye Pierre Claver Mbonimpa. Leta ikwiye kwiyubahiriza, nayo ahandi ho, abipfuz’akajagari n’ubusuma bohava bagwirirana. Les epoques meurtrieres ou des villes mortes, ni ukuzigira indahiro. Reke abanyepolitike binyinyuriranire mu vyiyumviro atari mu migere/imyereka canke mu nkoho. Benegihugu turi aha turorera kugire, mu mperuka, twitorere UMUKINYI MWIZA kandi ashobora kuduserukira mu makungu bimwe bidushika ku nyota. Bisigura ko muri urwo rukino rwa politike, ishari n’inzigo bishirwa ku mpande canke inyuma y’ikibuga.

  • Nigiki umuntu yoreba munyanziko ugacumenya kwarinterahamwe yanditse? Konzi abaribariyise inerahamwe mumwaka ya 94 barabantu babirabure, nkabanzi ko Africa yiganjemwo abirabure tuvugerero kwabiraburebose arinterahamwe!? canke tuvugeko umuntuwese yanditse ikinyarwanda abar’Interahamwe!!!!!!!????

  • Bari bibaza ko sentare yotinya barya bazungu batatu baje kumuraba akaba aribo bofuta amakosa yakoze ako niko gahembo gakwiranye no gucafuza igihugu

  • Ngira nishure urya yiyise Mama, kugira umenye inyandiko niyoba ari interahamwe yayanditse ubimenyera kuri ideologie yiwe ziri munyandiko. Ex Mutabazi ideologie yiwe ni iy INTERAHAMWE

  • ewe nditije burya urya MBONIMPA mutama bazomwipfuza ibintu bigiye muburyo ubutungane bugiye kumurongo!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.