IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Reta isabwa gufata umwanya ukwiye ku ngingo isubiramwo agafashanyo gahabwa (...)

Reta isabwa gufata umwanya ukwiye ku ngingo isubiramwo agafashanyo gahabwa abanyeshure

samedi 29 Ntwarante 2014

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU, Euphrasie asaba Reta kubangira ku ngingo yafashe, zisubiramwo uko agafashanyo kazotangwa hamwe n’uko abahejeje amashure yisumbuye bazinjira muri kaminuza.

Umupfasoni Bigirimana Euphrasie abaza ati : ’’Mbega ko Reta ivuga ko ikenye ari naco gituma iriko isubiramwo uko agafashanyo kazotangwa, mugabo hisunzwe amanota, hamwe abanyeshure bose boronka amanota menshi ,mbega Reta yoca ironka ayo mafaranga?’’. Abandanya abaza ati : Mbega habuze amafaranga canke habuze ugushaka?’’

Ku bwa Euphrasie Bigirimana, ikibazo c’indero kirakomeye cane , Reta nirabe ibe ishira uburyo mu bisata bikomeye cane mu gihugu kanatsinda imyaka 10 yari yagerageje gushira imbere igisata c’indero, nko muri ya mugambi wo kwigisha abana ku buntu . Ku bwiwe Reta yarikwiye gufata umwanya ukwiye, igahamagara abegwa bose n’ikibazo c’indero. Uwo mupfasoni abandanya avuga ko Reta yarikwiye gufata umwanya wo gukora ivyigwa hamwe n’umwanya, wo kubisigura niho bitari gutera icuka kibi.

Ku cerekeye abanyeshure batanu birukanywe mu kiringo c’imyaka ibiri muri kaminuza, uwo mupafsoni Euphrasie asaba ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi gutsinda ishavu, kanatsinda umuvyeyi yama arangwa n’ukwigarura. Arangiza ashimira urwo rwaruka rwiga mu mashure ya kaminuza za Reta, rwerekana ingene rutiyumvirako rwonyene, ahubwo ko rwiyumvirira na batoya barwo bakiri mashure yisumbuye .

Tubibutse ko amategeko avugwa ari abiri, rimwe inimero 100/07 ryo kuwa 14 Nzero 2014 risubiramwo itangwa ry’agafashanyo ku banyeshure bari muri kaminuza za Reta, hamwe n’itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 12 Ruhuhuma 2014 rivuga ingene abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye, binjira muri kaminuza hamwe n’ itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 13 Ntwarante 2014, ryirukanye abanyeshure mu kiringo c’iminsi 10, ryongera ryirukana abanyeshure 5 baserukira abandi, ari navyo vyabaye inkwezi y’ingorane ziri muri kaminuza y’Uburundi .


Floxella Karire

Messages

  • Ico ciyumviro cawe niciza ariko kandi reta yomenyako vyaterezwa kugenda uko muri Kaminuza kubera ingingo yokwiga kuri bose!Hamwe naho reta yoguma kuriyo ngingo yoba yerekanye ko ivyahora bivugwako abatwaye mbere bagize Genocide intellectuel yoba iyibandanije ntaco yoba ibasumbije!Iyo yoba ari ya U na I y’ubundi buryo( U: umutunzi,I: abakene).

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.