Accueil > Ubutunzi > Reta y’u Burundi yagurishije ahahora hari ikibuga c’umupira w’amaguru (...)
 Reta y’u Burundi yagurishije ahahora hari ikibuga c’umupira w’amaguru FFB
 Reta y’u Burundi yagurishije ahahora hari ikibuga c’umupira w’amaguru FFB
				
				vendredi 8 Ruhuhuma 2013
Ishirahamwe TOYOTA-Burundi niryo ryaguze ahahora hari ikibuga c’umupira w’amaguru FFB. Imiliyaridi 4 z’amafaranga y’amarundi niyo yaguzwe ico kibanza.
Ishirahamwe TOYOTA-Burundi rimenyesha ko ritegekanya kuhashira inyubakwa y’ubudandaji ikomeye izokwitwa Blue Tanganyika Complex. Iyo nyubakwa ngo izoteza imbere igihugu cane cane muvy’ubutunzi hamwe n’amakori kuko izoba ari inzu y’ubudandaji izokwakira ibibanza birenga 1500 ‘’Supermarche’’. Ngo hazokubakwa kandi na parking ishobora kwakira imodokari zirenga 500.
Izoba ari iyambere mu gihugu igizwe n’amagorofa 15, harimwo n’ihoteri nini yemejwe n’amategeko mpuzamakungu yerekeye ingenzi ifise ivyumba 156 hamwe rero n’ibibanza bishobora kwakira ibiro vyinshi. Ngo izokubakwa ku mafaranga arenga imiliyoni 96 z’amadolari y’abanyamerika ni hafi imiliyaridi zirenga 100 z’amarundi.
Ayo masezerano hagati ya Reta na TOYOTA-Burundi agize kabiri. Ubwa mbere yari yateweko umukono mu kwezi kwa Rusama umwaka uheze. Ariko ayo ngo ntabubasha agifise.
Issa Ngendakumana umushikiranganji w’intwaro ibereye no gushira muminwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Reta avuga ayo masezerano agira kabiri ariyo ari ntabanduka kuko ayambere yari yateweko umukono n’umuyobozi wo muri TOYOTA-Burundi atabifitiye uburenganzira.
Vyari bimaze iminsi bivugwa ko ishirahamwe TOYOTA-Burundi ryoba rifise uruhara mw’iturirwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura, aho ryasha rigacika umunyota. Ngo kumbure rishobore gutahira ico kibanza nkuko vyabonetse ku rubuga rwa Internet mu kinyamakuru Burundi-Transparence.
Amasezrano amaze guterwako umukono, Hargovind Gorayia, umuyobozi mukuru wa TOYOTA-Burundi yabwiye abamenyeshamakuru ko ari ikinyoma cambaye ubusa. Yavuze ko mu kugura aho hahoze ari kibuga c’umupira w’amaguru FFB, ngo iryo shirahamwe ryitavye akamo katewe na Reta kandi vyaciye mu mategeko.
kw’ifoto: umushikiranganji w’intwaro ibereye n’uwuserukira TOYOTA-Burundi
Pierre Claver Niyonkuru

Messages
9 Mukakaro 2017, 19:06, par kinehe
nivyo wosanga igihugubkirahungukiye kabiri ubwambere izo miliaridi ntizizobura ico zifasha ubwakabiri iyo nyubakwa imaze gukora amakori nibidandazwa ikigega careta OK!