IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Reta y’Uburundi yafashe ingingo zo gukingira umutekano mu minsi (...)

Reta y’Uburundi yafashe ingingo zo gukingira umutekano mu minsi mikuru

mardi 24 Kigarama 2013

Mu biringo vyo guheza umwaka, nk’uko vyama biba, abarundi, abarundikazi n’abandi bose baba mu Burundi barahimbaza umunsi mukuru wa Noweri n’uwo kurangiza umwaka. Kugira iyo minsi mikuru ihimbazwe ata nkomanzi, Reta y’Uburundi yafashe ingingo zikenewe zose zo gutsimbataza umutekano mu gihugu cose. Nk’uko tubisanga mw’itangazo rya Reta ryasohotse ku munsi w’ejo kuwa mbere, rigaterwako umukono na Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, izo ngingo zafashwe mu ntumbero yo kwubahiriza umutekano.

Mu guhimbaza iyo minsi mikuru, hari abayihimbariza mu miryango yabo, hari n’abandi bakoranira hamwe ari benshi, basenga, basangira ivyo bateguye canke batamba. Abo bose basabwa kubikora badasesagura ivyo babiriye akuya. Basabwe kandi kubikora batibagiye kurikanura kugira umutekano wabo ntuhungabane, kandi bakabija inama n’abajejwe intwaro n’umutekano.

Muri iyo ntumbero, bisabwe abo bose bategekanya gukoranira hamwe ari benshi ko bobanza kubimenyesha abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano kugira bafadikanye gucungera umutekano wabo.

Abatunganya ibibanza vyo gutambiramwo (boïtes de nuit) bategerezwa kwisunga amategeko abigenga, cane cane mu kwiyemeza ko urwamo rw’indirimbo n’intambo rutazumvikana hanze kandi rutazobuza ababanyi kuruhuka canke kwikorera ibindi bikorwa. Abatunganiriza indirimbo n’intambo hanze mu mpangu, bimwe bita "Karaokés", ntibarekuriwe kurenza isaha zibiri zo mw’ijoro (20 heures). Iyo ngingo itegerezwa gukurikizwa no mu bibanza batambira mu nzu ariko urwamo rukumvikana hanze, co kimwe n’abatambira mu miryango yabo. N’aho abajejwe umutekano bazoba bacungereye ibibanza vy’imanza zo kunezererwamwo, bene imiduga n’amapikipiki basabwe gufata ingingo zose kugira abasuma ntibikike mu kiza mu kwonona canke mu kwiba imiduga n’amapikipiki yabo.

Ku vyerekeye uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu, kugira birinde impanuka, Reta imenyesha ibi bikurikira : abatwara imiduga bategerezwa kwisunga na ntaryo amategeko mashasha agenga ibarabara (Code de la circulation Routière), kirazira ko umuntu atwara imodoka aborewe. Mu gufasha gukura akaborerwe mu batwara imodoka canke ipikipiki, Reta imenyesheje ko hazokoreshwa igipimo citwa "ALCOOTEST" gituma abagendesha imodokari banyoye inzoga baca bamenyekana. Abo ico gipimo kizosanga banyoye inzoga nyinshi, imodoka canke ipikipiki zabo zizofatwa n’igipolisi kibijejwe, aho zihagaritswe harihwe na benezo, kandi bazofatirwa n’ibindi bihano . Ariko kandi, Reta isavye abashingantahe n’abapfasoni ko bokwirinda gupakira abo bubakanye n’ibibondo vyabo mu miduga igendeshwa n’abantu banyoye inzoga.

JPEG - 18.3 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

Abagendesha imiduga ikwegana canke vya biduga binini bitwara ibidandazwa (remorques, engins et poids lourds), baribukijwe ko babujijwe kuvyinjiza hagati mu gisagara ca Bujumbura. Mu gisagara ca Bujumbura nyene, abatwara abantu ku makinga no ku mapikipiki baribukijwe ko kizira kikaziririzwa kurengana ibibanza n’amabarabara bumvikanye na Reta, bafashijwe n’umuhuza w’abarundi. Abazoharenga bazohanwa ata kigongwe. Abarongoye igiporisi c’Uburundi, abarongoye amashirahamwe y’abatwara amapikipiki n’amakinga hamwe n’abari mu mashirahamwe ya bene amapikipiki n’amakinga, basabwe gukora ibikenewe vyose kugira bubahirize iyo ngingo, umwe wese mu bimwerekeye. Reta y’Uburundi isubiriye kwibutsa ko amapikipiki n’amakinga atarekuriwe gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba.

Reta y’Uburundi isavye abantu bose bagendesha imiduga n’amapikipiki ko bokworohereza abajejwe umutekano mu bikorwa vyo gusuzuma ibiziranga, imizigo irimwo, n’abantu zitwaye. Abajejwe umutekano basabwe kurangura ico gikorwa ubwira n’ubwitonzi ntangere hamwe no gusonera abo bariko barasuzuma.

Reta yibukije abantu basigaye biha ibibanza vyo kudandarizamwo ivyamwa n’ibindi bintu ku mabarabara mu gisagara ca Bujumbura ko bibujijwe. Reta yasavye abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe intwaro mu makomine yo mu gisagara ca Bujumbura ko bokora ibikenewe vyose bakabakuraho. Reta yasavye umukuru w’igisagara ko nawe yoca aronderera ababisavye ibindi bibanza bakoreramwo mu masoko azwi.

Mw’ishirahamwe REGIDESO ritange, mu gutsimbataza umutekano mu bisagara vyose, na cane cane i Bujumbura, barakoze ibikenewe vyose kugira amatara ntazocike mu makaratiye yose. Reta iboneyeho akaryo ko gusaba abo bose bazokoranira hamwe ari benshi mu guhimbaza iminsi mikuru ko nabo nyene bokora ibikenewe kugira impangu barimwo zironke umuco imbere mu nzu, hamwe no hanze ku mabarabara. Mu gihe hoba ingorane ijanye n’ivy’amatara, REGIDESO yiyemeje gufasha kugira agaruke bidatevye haba ku mutaga canke mw’ijoro. Abanyagihugu bazohamagara kuri terefone nimero 78 150 063. Mu gihe naho hoba ingorane z’umutekano, bazohamagara kuri 113 hadutse umuriro. Kuri 118 hadutse ubusuma, ubwicanyi canke impanuka zo mw’ibarabara.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.