IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yahojeje imiryango y’abanyeshure bakubiswe n’inkuba

Reta y’Uburundi yahojeje imiryango y’abanyeshure bakubiswe n’inkuba

lundi 27 Nzero 2014

Inkuba yarihaye inkumbi ku munsi wa gatanu w’indwi twaraye dusozereye, mu mvura nyishi yariko iragwa ivanze n’imiyaga n’imituragaro myinshi, igandagura abanyeshure indwi, abandi 51 barakomereka kw’ishure ryisumbuye riri muri komine Gasange, zone Kazirabageni, intara ya Makamba. Reta y’Uburundi yahojeje imiryango yabuze, yongera yemera ko izofasha imiryango y’abahuye n’ivyo vyago.

Iyo mvura yatanguye kugwa mu gihe abanyeshure bagira batahe bahejeje ivyigwa. Imituragaro yarimwo yakurikiwe n’inkuba yakubise, ihitana abanyeshure indwi, abandi baharurwa muri 51 bakaba bariko barakurikiranwa ku birtaro, aho bariko baravurirwa. Reta y’Uburundi, ibicishije kuri Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta, yamenyesheje ko yaguye mu gahundwe yumvise iryo bara. Reta yaboneyeho akaryo ko guhoza imiryango yabuze, iraremesha n’abanyagihugu bo muri ako karere batekewe n’ubwoba. Reta y’Uburundi, muri iryo tangazo yasohoye ku munsi w’ejo, yiyemeje kugarukira ku mirya ngo yabuze, mukuyifasha gupfuba abahitanwe n’iyo mpanuka, hamwe n’ugufasha kuvuza abo bandi bakiri mu bitaro.

Iyo nkuba yarabomoye kandi ibirasi bine vy’amashure kuri iryo shure ryisumbuye rya komine Gasange, imirima hamwe n’ayandi mazu yo mu micungararo yabomoye n’iyo mvura.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo bibondo vyazize ubugizi bwa nabi bw’abadutwara kuko ibiriko biraba gusha kw’amasoko, imiriro, inkuba, inzara ni amahano akwegwa n’ububegito buri mu gihugu. Nta ni ikindi atari ibihano kugira ngo turabe ko twohava tukaba abantu kuko twarabaye inyamaswa. Ivyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.