IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yoba iriko isaba iyugarwa ry’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu (...)

Reta y’Uburundi yoba iriko isaba iyugarwa ry’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

vendredi 8 Munyonyo 2013

Reta y’Uburundi yoba iriko irasaba ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) vyokwugarwa kuko bitagikenewe muri ico gihugu c’Uburundi cavuye mu ntambara kuva mu mwaka w’2006.

Amakuru dufise amenyesha ko Reta y’Uburundi yoba yaramaze kurungika inzandiko zibiri zisaba ko ivyo biro vyokwugarwa kuva mu mpera z’uwu mwaka turimwo w’2013. Inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaciye irungika abakora amatohoza kugira barabe namba ivyo Reta y’Uburundi isaba vyoba bifise ishingiro. Uwo murwi uramaze kubonana na bamwe mu bagize Reta y’Uburundi, imigambwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Uwurongoye uwo murwi warungitswe n’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU niwe yamenyesheje abamenyeshamakuru uwo mugambi bisa n’uwuriko ukorerwa mw’ibanga.

Kuva ku genekerezo rya 4 Munyonyo 2013, uwo murwi niho watangura ivyo bikorwa warungitswemwo n’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Amakuru yo kwizerwa dufise n’uko benshi mu baganiriye n’uwo murwi boba badashigikiye ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi vyokwugara mu mpera z’uwu mwaka w’2013, nk’uko Reta y’Uburundi iriko irabisaba.

Imvo zoba zitangwa n’abo badashigiye ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi vyugarwa, ni uruhara ivyo biro vyagize mu mwaka w’2010, inyuma y’aho imigambwe itari mike yari ihejeje kwikura mu matora nka yose, igihugu gihakwa gusubira mu ntambara. Ivyo biro nyene n’ubu nivyo biriko biragerageza guhuza mu biganiro abari ku butegetsi n’abari mu migambwe idashigikiye uwuri ku butegetsi. Kubw’abo rero babona ko ibiro vya ONU vyobandanya bikorera mu Burundi, uwu mwanya igihugu kiriko citegurira amatora yo mu mwaka w’2015, siwo mwanya mwiza wo kwugara ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, kiretse mu gihe iryo yugarwa ryoba rifise iyindi ntumbero inyegejwe.

Abariko basaba, incuro zibiri zose ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyugarwa mu Burundi boba bashira imbere ko igihugu camaze kuronka amahoro n’umutekano, ko ibikorwa vy’ivyo biro vyoba bitagikenewe.

Umurwi wakoze ayo matohoza ubisabwe n’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uzova i Bujumbura mu minsi nk’ibiri gusa, werekeza mu gisagra ca New York, aho utegerezwa gushikiriza icegeranyo.
Ingingo izofatwa izomenyekana imbere y’impera z’ukwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nibaza ko onu itaragera kugara ibiro vya BNUB kuko abarundi baracayikeneye kuko urabona ingorane ntizirahera ahubwo ivyo mbona aho guhera zirongerekana ahubwo boba bahevye abanyagihugu kuko abatwara batwara uko biyumviriye mumutwe, abantu twicwa nkimbeba mbega ubona atawamiye vyogenda muri iki kinjana. nibagumeho.

  • Bashaka bazoje baraduca amazosi atacamira! reka tube turakoresha ama cerceuil bazodushiramwo niba batazoduterera muri Rusizi nkukobabikora n’ubundi.

  • Abo naba SENIDEDE bashaka kwongera kwiba amatora ya 2015 bar’ inyuma yivyo vyose!!!! Ariko barabesha tu!!!! Buriya Imana iracakunda Uburundi nubwo bisaza nkibivumvuri!!!!!!!.

  • Jewe ndibaza ikibazo!Reta y’Uburundi yoba ariyo ihemba abo muri BNUB ku buryo yugaye hoba Impact kuri budget ikoresha?Jewe ahubwo mbona ari Umukino wa Politike ngo Amanyanga akorerwa muri iki gihugu areke kumenyekana!Hazogera ko vyugara umunsi ata murundi azoba acicwa akizira ubwoko canke intara n’umugambwe avamwo!
    Gira amahoro

  • Ubwo butegetsi nibube bukora Ivyo bwamanje kwigako neza kugira igihugu ntigitabagurike.mbega ONU yova mu burundi gute?namatora Ya 2015ataranaba ahubwo nibitonde.kandi ivyo vyose bakora bizobagaragaraza bene umurango babona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.