IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Abanyororo batatu muri munani bari batorotse bafashwe

Rumonge : Abanyororo batatu muri munani bari batorotse bafashwe

samedi 22 Munyonyo 2014

Abanyororo batatu muri munani baheruka gutoroka ibohero rikuru rya Rumonge bafashwe, ingingo y’igihano bafatiwe ica irasohoka. Muri abo banyororo batatu bafashwe, babiri bararemvye cane, abo bapfunganwe bakaba babatabariza ko bojanwa kwa muganga.

Amasasasu menshi avanze nama gerenade nivyo vyumvikanye mw’ibohero rya Rumonge mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, rishira uwa gatatu. Yari abanyororo umunani bariko baratoroka, bakaba bagiye batwaye n’inkoho y’umwe mu baporisi bararira iryo bohero benshi bita iryo "Ku Murembwe".
Nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro zo mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira kuwa gatatu, abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Rumonge bavyuwe n’amasasu menshi na gerenade zariko ziraterwa n’abo banyororo umunani bariko baratoroka. Muri izo ntureka, umuporisi umwe yarahasize ubuzima, bikavugwa ko abo banyororo bagiye batwaye n’inkoho yakoreshwa n’uwo muporisi yitavye Imana.

Batatu muri abo banyororo bari batorotse bafashwe, bakaba baciye bahanishwa igihano c’umunyororo w’imyaka mirongo ibiri. Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Rumonge avuga ko babiri muri abo banyororo bafashwe, bagwaye cane, kuko babashikanye babakubise cane, ubu bakaba bapfunzwe ukwabo, mu kandi gasho kari muri iryo bohero nyene. Ayo makuru ava mw’ibohero akavuga ko aho abo bagwaye bapfungiwe ata miti baronka, abanyororo bagenzi babo bagasaba amashirahamwe ajejwe agateka k’abapfunzwe ko yofasha abo banyororo bakavurwa, kuko amagara yabo atifashe neza.

Tubibutse ko abo banyororo bari batorotse ibohero bagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi bukabije, guhungabanya umutekano, hamwe n’ugutunga ibirwanisho.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.