Accueil > Ubutunzi > Ruyigi na cankuzo: Amafaranga arenga imiriyoni 20 yaragarutse mu kigega ca (...)
 Ruyigi na cankuzo: Amafaranga arenga imiriyoni 20 yaragarutse mu kigega ca Reta
 Ruyigi na cankuzo: Amafaranga arenga imiriyoni 20 yaragarutse mu kigega ca Reta
				
				samedi 12 Nzero 2013
Mu mwaka uheze w’2012,igipolisi kirwanya ibiturire mu ntara ya Ruyigi na Cankuzo caragaruje amafaranga arenga imiriyoni 20 z’amafaranga y’amarundi congera ciga amadosiye 23, muri ayo 15 yaramaze guhera.
Nk’uko Diomede Ntakoma komiseri atwara igipolisi kirwanya ibiturire mu karere ko mu buseruko yabimenyesheje,ngo ibisata bibangamiwe n’igiturire no kunyuruza amatungo ya Reta ni igipolisi,abo mu ntwaro na cane cane abo mu buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara,abanyabigega b’amakomine,amavuriro hamwe no mu gisata c’ubutungane.
Diomede Ntakoma yamenyesheje kandi ko igiturire gitangwa kandi kikakirwa mw’ijoro mu gihe abakozi ba OBR baba bavuye ku bituro aho basanzwe bakorera,ibidandazwa rero bikaba bijabuka ku mipaka yo mu Gisuru,Mishiha na Gasenyi bitarishe amakori kubera babifashijwemwo na bamwe bo mu gipolisi co gucungera imbibe.
Naho biri uko,ico gipolisi carashooye kugarukana mu kigega ca Reta amafaranga arenga imiriyoni 20 yari yaranyurujwe mu madosiye arenga 20 y’ubunyonyezi.
Abagiriwe n’ico caha bariko barakurikiranwa n’ubutungane.
Kubwa Diomede rero arongoye igipolisi kirwanya ibiturire mu karere ko mu buseruko ngo urudandazwa rudaciye mu mategeko rwiyongera kuko n’igihe umuntu yerekanye uwukoze ivyo ataronka 1/10 c’agaciro c’ibiba bifashwe nk’uko amategeko abivuga.
Twobamenyesha ko komisariya yo mu karere ko mu buseruko yagaruje amafaranga arenga imiriyoni 14 z’amafaranga y’amarundi kw’isukari ya magendu yari ivuye mu gihugu ca Tanzaniya bivuye ku nkuru bahawe n’abanyagihugu.
kw’ifoto: Diomede Ntakoma komiseri atwara igipolisi kirwanya ibiturire mu buseruko
Mugisha Van Naris
