IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abakenguzamateka bose bemeje ko ibwirizwa shingiro (...)

Rwanda : Abakenguzamateka bose bemeje ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa

mardi 17 Munyonyo 2015, par egide

Abakenguzamateka 26 bose bagize inama nkenguzamateka y’Urwanda yemeje integuro y’itegeko ry’uguhindura ibwirizwa shingiro ry’igihugu c’Urwanda. Ingingo ikomeye muzahinduwe, ni iyijanye n’ikiringo umukuru w’igihugu amara ku butegetsi, cavuye ku myaka indwi kija ku mwaka itanu.

Imbere y’uko iyo nteguro yemezwa mu nama nkenguzamateka, umukuru w’umurwi wo mu nama nkenguzamateka ajejwe ujejwe ibibazo vya poritike n’intwaro nziza, Sindikubwabo Jean Nepomuscène, yabanje gushikiriza abandi bakenguzamateka ingene uwo murwi wize ingingo ku yindi muzari zisanzwe ziri mw’ibwirizwa shingiro ryari rihari, asigura n’izabiwe ko zohindurwa.

Inyuma y’ugushikirizwa izo nsuguro, abakenguzamateka bahawe umwanya w’ukubaza ibibazo, cane ku ngingo zahinyanyuwe, uwo murwi urabaha insiguro.
Umukuru w’inama nkenguzamateka y’Urwanda, Bernard Makuza yahaye umwanya abakenguzamateka wo gutora ingingo ku yindi ziri mw’ibwirizwa shingiro ry’Urwanda. Abakenguzamateka bose bakaba bemeje impinyanyuro nshasha ziri muri iryo bwirizwa shingiro.

Mu gihe yari asigaje imyaka ibiri, iyo nteguro nshasha iha uburenganzira umukuru w’igihugu c’Urwanda gushobora kuyobora Urwanda gushika mu mwaka w’2034.


IGIHE

Messages

  • Ngo ’Uwuhagarikiwe n’ingwearavoma"! None mwumva Abarundi n’Abanyarwanda ari bande bakoze amakosa akomeye? Emwe Bumwe bwa Buraya, Bubirigi, Amerika, ... niho bavuze ngo "Urwembe ruca kumugufi!" Ntaco mvuze ariko Imana yonyene niyo itarenganya nayo abantu twama duca urwa nkunzi. Ni harambe Abanyarwanda n’Abarundi.

  • Ngo ’Uwuhagarikiwe n’ingwearavoma"! None mwumva Abarundi n’Abanyarwanda ari bande bakoze amakosa akomeye? Emwe Bumwe bwa Buraya, Bubirigi, Amerika, ... niho bavuze ngo "Urwembe ruca kumugufi!" Ntaco mvuze ariko Imana yonyene niyo itarenganya nayo abantu twama duca urwa nkunzi. Ni harambe Abanyarwanda n’Abarundi.

  • ruriye abandi namwe rutabibagiye rekura mandat ntukorwe kuneza yawe n’abanyarwanda bose kuko hariho abandi bashoboye kuyobora yari impanuro buca muba nko mu burundi ndavuga simvura muzompinyuza

  • Mbe hatangaje iki ko mbona umu president w’umunyafrika wese yifata nk’akamana, hanyuma agashaka kwica uwo wese atamushigikiye, amategeko agahonyangwa, abantu bagahindugwa inyagano ziwe? Ahubwo ico Nkurumbi na Kakoma bapfa ntaco ndamenya.

  • nitwe ubwacu abanyagihugu twabyisabiye kuko ikipe ikina neza nta muntu uyisimbura biri different cyane nibyo byanyu kandi wowe wiyita Joseph ntugereranye kagame na peter, raba mumyaka yose peter yatwaye yabakoreye iki cg Niki yagejeje kuburundi? ibyo mutegereje ku Rwanda ntabyo muzabona peee kuko tuzi aho twavuye kandi nundi wese ushaka kuhadusubiza tuzamurwanya twivuye inyuma , oyeeeeee Rwanda kubumwe nubwiyunge niterambere rirambye mubanyarwanda.

  • Mbabwira mu rwanda vyakozwe biciye munzira ya democratie;abana rwanda niba basavye ko bigenda kuriya, guhindura constitution hari process vyaciyemo.Kandi mu rwanda duha agaciro gakomeye ibiKorwa vyiza vyiterambere, a mahoro numutekano; gutwika n’ubundi bugome bwose twarabirenze ntabwo ariko nzira ya democratie.

  • hahahahaaaaa ariko abanyagwanda muratwenza, ati gushika 2034, ahejeje aca aha umwana wiwe!!! ivyo tuvyita ubu koroni, vyerekana ko abanyagwanda bisuzuguza kubona ntawundi muri plus de 10 million afise ubwenge bwo gutwara igihugu. puuuu namba natwe, nubwo dufise ibibazo mais ntidushaka kuba ABAJA, na NKURUNZIZA iyi mandat niyahera ntakindi azoba afise co kwitwaza, nako murundi yarivugiye ko iyi ariyo mandat yiwe yanyuma nkuko amategeko abivuga. INGOMA YA CAMI MU RWANDA hahahahaaaaaaa puuuuuuu

  • Abazungu ubona hari n’ umwe avuga babura gukirimbira ku Burundi bwigorewe!
    Injustice-Injustice!!!!!!!!!!!!

  • ahaa murwanda ntabanyaporitike bariyo kuko bose ninkomamashi zakagame, hariya ntawuvuga kuko uvuze baca bakwagiriza jenoside. bose abakangisha jenoside , abanyarwanda bose barabaye abashumba!!! nukubasengera!!. muribo ntawundi ashoboye kuyobora kuko nijiji gusa....puuuuuuu

  • ahaa murwanda ntabanyaporitike bariyo kuko bose ninkomamashi zakagame, hariya ntawuvuga kuko uvuze baca bakwagiriza jenoside. bose abakangisha jenoside , abanyarwanda bose barabaye abashumba!!! nukubasengera!!. muribo ntawundi ashoboye kuyobora kuko nijiji gusa....puuuuuuu

  • abanyarwanda ntibaja muvya politic cane, bakunda kudandaza gusumba politique,ushaka kudandaza ugaterimbere ukoresha abanyarwa, nibo batejimbere Kambara na Nayirobi none bariko barubaka Kigali yabo, muzabaze impamvu zambiya yanze ko bataha iwabo nuko bayiteje Imbere. ikindi abanyarwanda bashira hamwe cane ntamuntu upfa kubacanishamwo kuva na kera niko bamye. ivyo vya zamandat buriya abavyitayeho nibake cane.ico bashaka ni ugukora gusa.

  • case yomu Rwanda itadukanye niyabarundi. iyo umuntu akora neza yongezwa contrat ngirango namwe impanvu nkurunziza mumwanga nuko ntacyo yabamariye. politique nziza irivugira igihugu kibamo amahoro abantu arakora bagatera imbere kandi ntawatandukanya abanyarwanda azana amacakubiri yitwaza amoko

  • abanyarwanda ntibasanbura igihugu cabo ngo ni mandat ya3. buri mu president wese ubatwaye baramutambira,bakitahira amahoro. bazi gufungura duke bakiryamira kare. bo ubahe aho barima nico bakora gusa ibindi ubijane iyo, ariko uvuye hanze ukabazanamo akavuyo bakuviraho indimwe ukibaza ko ari amavubi akuriye. bo amakungu ntakoraho, muzabaze allemagne,france na beligique.

  • N’ahore ku ngoma Kagame wa mbere umwami w’Urwanda!

  • Mu Rwanda ntawe uvuga kuko iyo uvuze bagushinza genocide bakagukatira 30 ans cg ugapfa. Abanyarwanda bari muburetwa nkubwa abayisiraheli kwa farawo. Nako igitugu cya Kagame ntaho gitaniye ningoma yabaroma.

  • Ninde yohakana ko u Rwanda rutariko rutera imbere? ni ibintu bigaragarira buri wese! Ntagitangaje rero abanyarwanda bahisemo gukomeza bakayoborwa na Kagame kuko azi ico gukora kabisa. ivyo gumburana k’ubutegetsi nivyo abazungu batubesha kugirango duhore turyana ( raba muri allemagne, chancelliere amaze gutwara mandat zingahe??).
    Mu Rwanda ngo ntibavuga? Nimba ushaka kumva bavuga uzavuge ivyubaka, uzavuge iterambere, uzavuge ubwiyunge. Nuvuga ibindi atari ivyo ntuzobumva bavuga kuko nta mwanya wo gutabagifise!!! nubasaba kuja muri mu myiyerekano ya politique uzobanza ubereke inyungu zirimo. Ni mureke politique tuyirekere abanyapolitique hanyuma abanyagihugu dukore twiteze imbere!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Ndakeneye kuzova mwazinonkambi twahungiyemwo zomu Rwanda vubabigishoboka nitahire Burundi, kuko namenyeko ibibivyishi vyogutanguza akajagari mwikigihugu cu Rwanda ngozohera ngaha munkambi zabarundi ngokandi hazopfa impunzinyishi.

  • Urwanda rutegekwa n’ibyihebe bimeze nka Boko Haramu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.