Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Umushikiranganji wa mbere yahinduwe
Rwanda : Umushikiranganji wa mbere yahinduwe
jeudi 24 Mukakaro 2014
Docteur Pierre Damien Habumuremyi yahora ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Urwanda yakuwe mu mabanga yahoramwo, akaba yasubirijwe na Anastase Murekezi yahora ari umushikiranganji w’abakozi ba Reta.
- Docteur Pierre Damien Habumuremyi yahora ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Urwanda
Uwo yahora ari umushikiranganji wa mbere, Docteur Habumuremyi Pierre Damien akomoka mu mugambwe FPR uri ku butegetsi mu Rwanda, akaba yari amaze imyaka 3 muri ayo mabanga.
Nk’uko tubikura mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Paul Kagame, yisunze ububansha ahabwa n’ibwirizwa shingiro ryo kuwa 4 Ruheshi 2003, mu ngingo yaryo y’116, umukuru w’igihugu Paul Kagame yagenye Murekezi Anastase mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.
- Anastase Murekezi yahora ari umushikiranganji w’abakozi ba Reta yahawe amabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere
Ikurwa mu mabanga rya Docteur Pierre Damien Habumuremyi n’ishyirwaho rya Anastase Murekezi mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere bisigura ko gushika ubu ata Reta (abashikiranganji) Urwanda rufise, kuko ingingo y’117 y’ibwirizwa shingiro ry’Urwanda ivuga ko iyo umushikiranganji wa mbere ahinduwe, aca ashiraho Reta nshasha. Iyo ngingo y’117 ivuga ko abagize Reta bashirwaho bitarenze iminsi cumi n’itanu (15) inyuma y’igenwa ry’umushikiranganji wa mbere.
Tubamenyeshe ko Reta ihari ica iba irakora imirimo ibayabaye, nk’uko ingingo y’124 y’ibwirizwa shingiro ry’igihugu c’Urwanda ibivuga, mu kurindira ko Reta nshasha imenyekana.
Egide NDUWIMANA