IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Umushikiranganji wa mbere yahinduwe

Rwanda : Umushikiranganji wa mbere yahinduwe

jeudi 24 Mukakaro 2014

Docteur Pierre Damien Habumuremyi yahora ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Urwanda yakuwe mu mabanga yahoramwo, akaba yasubirijwe na Anastase Murekezi yahora ari umushikiranganji w’abakozi ba Reta.

JPEG - 29.6 ko
Docteur Pierre Damien Habumuremyi yahora ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Urwanda

Uwo yahora ari umushikiranganji wa mbere, Docteur Habumuremyi Pierre Damien akomoka mu mugambwe FPR uri ku butegetsi mu Rwanda, akaba yari amaze imyaka 3 muri ayo mabanga.

Nk’uko tubikura mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Paul Kagame, yisunze ububansha ahabwa n’ibwirizwa shingiro ryo kuwa 4 Ruheshi 2003, mu ngingo yaryo y’116, umukuru w’igihugu Paul Kagame yagenye Murekezi Anastase mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

JPEG - 50.5 ko
Anastase Murekezi yahora ari umushikiranganji w’abakozi ba Reta yahawe amabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere

Ikurwa mu mabanga rya Docteur Pierre Damien Habumuremyi n’ishyirwaho rya Anastase Murekezi mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere bisigura ko gushika ubu ata Reta (abashikiranganji) Urwanda rufise, kuko ingingo y’117 y’ibwirizwa shingiro ry’Urwanda ivuga ko iyo umushikiranganji wa mbere ahinduwe, aca ashiraho Reta nshasha. Iyo ngingo y’117 ivuga ko abagize Reta bashirwaho bitarenze iminsi cumi n’itanu (15) inyuma y’igenwa ry’umushikiranganji wa mbere.

Tubamenyeshe ko Reta ihari ica iba irakora imirimo ibayabaye, nk’uko ingingo y’124 y’ibwirizwa shingiro ry’igihugu c’Urwanda ibivuga, mu kurindira ko Reta nshasha imenyekana.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.