IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uhuru Kenyatta yatsinze ataburanye

Uhuru Kenyatta yatsinze ataburanye

vendredi 5 Kigarama 2014

Sentare mpanavyaha y’i La Haye yafashe ingingo yo kweza umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, inyuma y’aho ivyaha yaregwa baboneye ko bidafise ishingiro.

Ivyaho vyo guhohotera agateka ka zina muntu n’ubwicanyi bikaba arivyo uwo mukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yaregwa, aho ndetse yari yanitavye iyo sentare haraciye igihe.

JPEG - 21.8 ko
Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya

Abacamanza b’iyo sentare bakaba bari basavye umushingwamanza mukuru w’iyo sentare kwerekana ibirego bifashe vyagira uwo mukuru w’igihugu ca Kenya, abibuze uwo mutegetsi akezwa ivyaha yagirizwa.

Ibiro vy’umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha vyamenyesheje ko hataraboneka ibimenyetso bihagije kugira bimwagirize ivyaha bidakekeranya, kandi basanga nta n’umwanya bikenewe ko wongerwa kugira ibimenyetso vyagiriza bironderwe. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikaba yafashe ingingo yo gukura kuri Uhuru Kenyatta ivyaha vyose yagirizwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe mbonye kw’ifoto umengo ni petero Nkurunziza,none aho Uhuru yaraye atsinze koko?Emwe!Abavuga ni bavuge!

  • None ko umenga iyo sentare icira imanza abirabura gusa,ni nk’irya sentare y’i Arusha muri Tanzaniya icir’imanza a banyarwanda,umenga yashiriweho abahutu gusa,uravye ivyo abasoda ba KAGAME bakoze mu bwicanyi bwabaye muri Congo no mu Burundi bitey’isoni,ariko ntibabakomako.

  • none mwebwe komwibaza sentare kwari zabamwe yaco mwagiriza nyakubahwa muvuga menshi sentare ninyishi genda mwitware bazobumviriza

  • Agahahazo Kazamaho!Non Ubu Karashiz Inga Colonisation Itugumeko Mpaka?Abategetsi Bacu Barakwiye Kuva Hasi Tukagwany Izo Mbwa Zabazungu Naho Dukenye!

  • mbe sha izo wita imbwa twozikura gute? reta ikene amahera ikazikorako, société civile ikazisaba kurya amenyo reta, opposition ikama kuzipfukamira, abanyamadini bakirirwa kuzisaba infashanyo basize mu bigega ayo twatanze bamwe muribo bihekenyera, emwe ntavyo mbona ingene wobita imbwa za ubareka batunyare nta kundi dupfe duhaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.