IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare nkuru ya Republika iriteguye guhasha urudandazwa rw’ (...)

Sentare nkuru ya Republika iriteguye guhasha urudandazwa rw’ abantu

jeudi 3 Gitugutu 2013

Sentare nkuru ya Republika y’ Uburundi mu vyo isanzwe ijejwe, harimwo guhana icaha uko kimeze kose, iyo sentare yamenyesheje abanyagihugu ko igiye gukurikirana abakora urudandazwa rw’abantu muri rusangi hamwe n’abana vy’umwihariko rukorwa mu Burundi.

Ico caha kigategekanywa guhanwa n’ingingo y’amajana 242 y’itegeko mpanavyaha. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’iyo sentare umupfasoni Agnes Bangiricenge. Sentare nkuru ya Republika y’uburundi ikaba yaboneyeho akaryo ko gushimira abantu bose bitanze mu gutanga amakuru ajanye n’urwo rudandazwa. Sentare nkuru ya Republika yabandanije isaba abo bose boba bafise amakuru ku vyerekeye urwo rudandazwa rw’abantu muri rusangi hamwe n’abana vy’umwihariko ko bobishikiriza, kugira amatohoza yamaze gutangura ashike ku nyishu ishimishije.

Twobamenyesha ko iryo tegeko rigiyeho mu nyuma yaho abahurikiye mu mashirahamwe araba agateka k’abana batereye akamo ko, hari urudandazwa rw’abana ruriko ruribonekeza mu gihugu c’uburundi. Abo nabo bari mu mice itandukanye, hari abajanwa mu mahanga bahenzwe bazi bagiye kwiga, bashikayo ugasanga batwawe mu buhumbu canke bakabatwara ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri. Hari umuce w’abaguma hano mu gihugu ugasanga bahumbishwa n’abagabo bangana n’abase mu ma hoteri n’ayandi mazu, hari abatwarwa n’ababanyi babo bafatanije na bamwe bita abacommissionnaires ngo bagiye kubaronderera akazi kumbe bagiye gukoreshwa nabi .

Muri abo baja mu bisagara nk’aho uburovyi buteye imbere nko mu turere twa Mvugo, Nyanza lac, Magara na Rumonge, abo bana b’abigeme usanga bahindutse abagore babo barovyi. Hari n’abaca ku kigo gitanga inzira PAF biyitirira abana atari ababo hahera igihe abo bana ntibatorwe irengero ryabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.