IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Sino African Trading and investment igizwe n’umuryango umwe w’umurundi (...)

Sino African Trading and investment igizwe n’umuryango umwe w’umurundi n’umushinwakazi

mardi 3 Ntwarante 2015, par IGIHE

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) avuga ko batanguye kumenya bimwe bimwe ku vyerekeye ishirahamwe Sino African Trading and investment. Ku makuru bafise, avuga ko iryo shirahamwe rigizwe n’umuryango umwe w’umugabo w’umurundi n’umukenyezi wiwe w’umushinwakazi.

JPEG - 44.1 ko
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME

Bimwe muvyo muri OLUCOME bashoboye kumenya, n’uko iryo shirahamwe Sino African Trading and Investment Inititiaves ryoba ryavyawe n’amashirahamwe abiri bita mu rurimi rw’igifaransa Societé unipersonnelle, ry’uwo murundi ari mu baserukira igihugu c’Uburundi aho mu bushinwa, akaba afisemwo umutahe w’ibihumbi cumi vy’ama yuan (10.000 Yuan), irindi shirahamwe ry’uwo mupfasoni wiwe w’umushinwakazi rikaba rifise umutahe nk’uyo nyene w’ibihumbi cumi vy’ama yuan (10.000 Yuan).

Iryo shirahamwe Sino African Trading and Investment rikaba ryavutse kuwa 6 Nyakanga umwaka w’2014, i Hong Kong, rivyawe n’abo bantu babiri.
Gabriel Rufyiri akavuga ko umutahe w’iyo sosiyete Sino investment ari imiriyoni 100 z’ama yuan, bakabona ko bifitaniye isano n’ayamafaranga aheruka kwemezwa n’inama nshingamateka ariko ata migambi yico azokora yerekanywe.
Ishirahamwe OLUCOME risaba ubuserukizi bw’ubushinwa kubandanya babatohoreza amakuru ajanye n’iryo shirahamwe Sino African Trading and investment.

Gabriel Rufyiri asaba umukuru w’igihugu kudahirahira gutera igikumu ku masezerano yemerera iryo shirahamwe kwubaka n’ugukorera mu kibanza cahoramwo isoko nkuru ya Bujumbura mu kiringo c’imyaka 50.

Tubibutse ko mu ndwi iheze, uwurongoye OLUCOME hamwe na sendika SYGECO bari bahawe umubonano n’abasanzwe baserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, imwe mu nyishu baronse akaba ari uko muri ubwo buserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi batazi iryo shirahamwe Sino African Trading and investment.


Floxella Karire

Messages

  • Reka duharure. 10.000 10.000 = 20.000 Yuan ni equivalent ya 3.200USD. Uwo niwo mutahe (actionariat) w,uwo muryango. Numiwe! Na bamwe badanzaga ibigori i Bugarama aya barayafise.
    Umutahe wa societe nawo: 100 millions de YUAN ni equivalent ya 15 millions USD. Uwu ni umutahe wose (avoirs). Or, ntawushira umutahe wose miri projet imwe, encore moins dans un pays foutu comme le notre.
    Tuvuge rero ko bashizeyo 5 millions USD. Ibuka ko ya soko yo kuri Cotebu yubatswe pour presque autant. Numiwe. Urundi rugero: irya shule ya ENS abachinois bayubatse pour 10millions USD (ni 10.000m2). Tirez vos conclusions. La mienne: irya soko bayihaye la clique DD nka Port canke nkuko bayaye Hotel Club des Vacances urya muzungu pour 1$ (contrat amphitheotique). Ibi ni pure VERITE. Murabaza.

  • Turashimiye bimwe bivuye kumutima OLUCOM n’ayandi ma SOCITES adahengeshanya gusemerera ,yamira ko nyabunya itunga rusangi ritokwizizirwa n’abantu bamwe ariko nyabuna ko ryosabikanywa hagati ya bene Burundi bwa NYABURUNGA.
    Ndi umurundi acitse inkokora ndavye ibiriko biraba,ari nayo mpamvu nanje guherubu,niyemeje kwifatanya n’abandi mukuza turaterivyatsi izo NYANKA BURUNDI ZIBOHEYE IGIHUGU AMABOKO IMUGONGO....
    Birerekana caaane gooose ko ahubwo twaramba no kuramba
    Ikindi naco nobasaba ko mwoza murabika izo mpapuro zanyu ahadata,ntimwijajare kuko hari imigambi myiiinshi yo kugerageza kubiba no kubasaka ,kugira baziomanganye ivyo bivurwa.
    Nkubu twokora amatohoza twosanga vyukuri ayo ma franga Ambassadeur Gasunzu Pascal muri iyi myaka 5 abaye ambassadeur yoyakura hehe?(TIME WILL TELL)
    - Soit,biragaragara neza ko yibagiye ivy’igihugu aca yinjira muvy’Urudandazwa canke akaja mumanyanga yo kurondera amaronko

    Mubindi buhugu vyooose vyo kwisi bibaho uburundi bufisemwo ama Ambassades,tumaze kumenya ko ari muri Chine ariho hari abarundi beenshi bafunzwe kubera kubura vya ngombwa,kandi bakabura n’ababavuganira....
    Benshi hari nigihe bibaza ko atabuserukizi uburundi bufise muri ico Gihugu
    Uwobideha yobaza Abarundi baba mubisagara vya Shanghai na Guangzhou niho benshi bafungiwe...
    Abagerageje kwitura ubwo buserukizi ari abarundi cane cane Abanyeshule(na cane cane les ETUDIANTS PRIVES),nka boose bavayo bidoga,kuko bakiranwa AGASUZUGURO,....Ariko hakitabwaho kurusha aba Commercant,kumbure aho naho umuntu yokwiyumvira vyiiinshi.....
    - Tubatomorere ko Ambassadeur Gasunzu ariwe mu Comissionaire akomeye w’Umugambwe CNDD-FDD ndetse akaba ari umu comissionaire wa RITYA soko ryo gukora KARANGA MUNTU zimwe nshasha abifadikanijwemwo na ministre de l’Interieur...n’ibindi bihangange vyo mumugambwe
    HARAGEZE KO ABARUNDI TWIBOHORA.........

  • hahahaa.. ntivyoroshe, muga @LEAD wosanga afise ukuri

  • mponako twese twovirahasi rimw twiyamirize ubwobunyonyezi butagirizina bibayengobwa tuje mwibarabara kirya kibanza ntigikorweko nabobanyonyezi kumbe bahaturiye bagombakuhagurisha dupfuye dukenye kubera abobagesera baturiye isoko amasendika yabadandaza natubwire tuje mwibarabara tuyamiriz abobantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.