IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SYGECO iriyamiriza integuro nshasha y’itegeko rigenga amakori y’ama (...)

SYGECO iriyamiriza integuro nshasha y’itegeko rigenga amakori y’ama komine

jeudi 26 Ntwarante 2015, par IGIHE

Sendika y’abadandaza SYGECO isaba umukuru w’inama nshingamateka ko yosubiza muri Reta integuro y’ibwirizwa rigenga amakori y’amakomine, kuko ritigeze rimenyeshwa abo ryega, mbere kubwa sendika SYGECO rikaba ririmwo utunenge tutari duke.

JPEG - 18.8 ko
Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO

Bimwe mu tunenge muri sendika SYGECO batora iyo nteguro y’ibwirizwa rigenga ikori ry’amakomine, ni icerekeye rya kori ry’ahahora ry’agataka ryatangishwa baharuye uko ikibanza kitubatse kingana.
Mu nteguro nshasha rero bakaba bongeyemwo ko ikori ry’inyubakwa rizovana n’uko ibarabara iyo nzu izoba iri iruhande rizoba ryakozwe, namba ari ikaburimbo, rikozwe ku buryo bw’amabuye ashashe (pavé), ibarabara iry’ivu, ibikoresho vyubatse iyo nzu, amatara n’amazi, ubwiherero n’ibindi, gurtyo babone gushinga ikori ryotangwa.
Muri sendika y’abadandaza SYGECO bakaba babona ko ayo makori komine izokwishingira agoye gutahura kandi atazoba yumvikana.

Akandi kanenge kaboneka muri iyo nteguro y’iryo tegeko, n’uko kare mw’ibwirizwa ryahahora bavuga ko umuntu acubaka inzu nshasha yo gukodesha, idatanga ikori hadaheze imyaka ine, mbere no gushika ku myaka 7, ariko muri iyo nteguro nshasha bvuga imyaka ibiri gusa ata mpamvu iboneka yerekanywe.
Mw’itegeko ryahahora, bavuga kandi ko amafaranga nyeninzu yakoresheje mu guhindura inzu yiwe bimwe bita "Transformation", kugira ashobore kuronka ivyumba vyo gukotesha, ko ayo mafaranga abanza kuyakuramwo imbere yo gutanga ikori, ariko muri iyo nteguro nshasha y’itegeko bakaba batabivugamwo.

Muri sendika y’abandaza SYGECO babandanya kandi biyamiriza ikori ku bitungwa, aho ibitungwa binini bigiye gutanga amafaranga ari hagati y’amajana atanu n’igihumbi n’amajana atanu, kandi ko umuntu wese ategerezwa kumenyesha "Déclaration" kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante kandi agaca ariha ikori ubwo nyene, muri iryo tegeko bakavuga ko uwutarishe aca atanga ihadabu ry’ibice 10 kw’ijana, uwo mwaka uheze akarihishwa ibice 50 kw’ijana. Muri sendika SYGECO bakamenyesha ko batabona ico iryo kori ku bitungwa rije gufasha, kuko kera Reta yari yarashizeho ingomero zafasha aborozi kwogesha inka zabo ntizigware, none ubu Reta ikaba ata na kimwe ibafasha.

Ingingo ya 18 y’iyo nteguro y’itegeko ivuga kandi ko umuntu agurishije inka, impene, intama, ingurube, agakwavu, canke imbeba yo mu nzu, atanga itagisi riva ku 1500 gushika ku 5000 kandi ko inama mpanuzwajambo ya komine ariyo izokwemeza amatagisi bafashe ko yorihishwa kugira komine itere imbere. Muri sendika y’abadandaza SYGECO bakabona ko izo ngingo zari zikwiye kwigwa neza hagati y’aborozi kuko babona ko bigoye gutangisha amatagisi nkayo.

Muri SYGECO bakaba basaba umukuru w’inama nshingamateka gusubiza muri Reta iyo nteguro kuko ritamenyeshejwe abo rigenga kugira hagire ico barivugako, barabe ibirimwo bongere baryunganire, abari kwumvirizwa akaba ari nk’amashirahamwe aserukira abatanga amakori nka sendika y’abadandaza, nk’uko Audace Bizabishaka umukuru wa sendika SYGECO yabimenyesheje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.