IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > SYMABU irahakana integuro y’ibwirizwa shingiro ribaka uburenganzira

SYMABU irahakana integuro y’ibwirizwa shingiro ribaka uburenganzira

mardi 5 Munyonyo 2013

Sendika y’abacamanza SYMABU (Syndicat des Magistrats du Burundi) ihamagarira Reta gukura mu nteguro y’isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro uduce dusa n’utuje kwaka uburenganzira abacamanza n’abashingwamanza bo mu Burundi.

Mw’itangazo sendika y’abacamanza SYMABU yashize ahabona ku munsi w’ejo, bamenyesha ko Reta y’Uburundi itariko irubahiriza ivyavuye mu nama rukokoma y’ubucamanza iheruka kuba. Nk’uko iryo tangazo ribivuga, integuro y’isubirwamwo y’ibwirizwa shingiro niyemezwa mu duce turaba ivy’ubucamanza, abacamanza n’abashingwamanza ntibazoba bagishobora guhagarika akazi iyo bagize ikibabakira, kandi ntibazoba bagishobora gushinga amasendika kugira bashikirize hamwe ibitagenda neza mu mwuga wabo.

Sendika y’abacamanza bo mu Burundi imenyesha ko ivyo ataho bitaniye n’ukubaka uburenganzira bahabwa n’amategeko, ivyo navyo ingaruka n’uko umwuga wabo uzoba uhejeje kuzingamikwa. Abacamanza bo mu Burundi basaba rero Reta ko itokwemeza utwo duce tuvuga ibitandukanye n’ivyo bari bumvikanye mu nama rukokoma y’ubucamanza iheruka kubera mu ntara ya Gitega.

SYMABU (Syndicat des Magistrats du Burundi) imenyesha abarundi n’amakungu ko izokoresha ubushobozi bwose ihabwa n’amategeko, mu ntumbero yo guhakana ko Reta yaka abacamanza n’abashingwamanza uburenganzira bahabwa n’amategeko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.