IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tanzaniya n’Uburundi bagirizwa gutevya umugambi w’isoko rusangi muri Afrika (...)

Tanzaniya n’Uburundi bagirizwa gutevya umugambi w’isoko rusangi muri Afrika y’Ubuseruko

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Uburundi buracafise intambamyi y’amategeko atorohereza ivy’ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi. Ibihugu vya Kenya, Rwanda na Ouganda vyo bigeze ku ntambwe ikomeye, nk’uko vyagaragajwe mu cegeranyo cerekana aho ivyo bihugu vyose bigeze mu kworosha ingingo zijanye n’ishirwa mu ngiro ry’iryo soko rusangi.

Icegeranyo cakozwe n’ibanki y’isi yose, hamwe n’ubunyamabanga bukuru bw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, cerekana ko Tanzania n’Uburundi arivyo bihugu biriko biratevya ivy’uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa mu karere. Tanzania nk’igihugu cateye igikumu ku kurongora ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi mu mwaka w’2010, yarashoboye kworohereza ibikorwa vy’urudandazwa 4 muri 20 muvyo igihugu kimwe mu bigize umuryango casaba mu kworosha mw’ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi. Tanzania yanganije n’Uburundi mu gihe Kenya yorohereje ibikorwa 17, Rwanda na Ouganda bakorohereza ibkorwa 15 muri 20 basabwa, kuva haterwako igikumu kuri ayo masezerano.

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, Léontine Nzeyimana yamenyesheje ko n’aho Uburundi aribwo bufise intambamyi zike ugereranije n’ibindi bihugu biri kumwe muri uwo muryango, imvo zatumye Uburundi buja inyuma ahanini ni amategeko n’amabwirizwa akomeye atigeze yorohereza abandi bava mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Mu bigiye gukorwa, umushikiranganji Léontine Nzeyimana amenyesha ko bagiye kugerageza guhindura ayo mategeko kugira Uburundi nabwo bworohereze ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi, kuko akamaro ari kanini, aho atanga akarorero k’uruja n’uruza rw’ibidandazwa n’abantu. Ico cegeranyo gituma ivyo bihugu bisuzuma ico bamaze gukora, hamwe no kwiyumvira ivyo bagiye gukora muri kazoza, nk’uko tubandanya tubimenyeshwa n’umushikiranganji Léontine Nzeyimana. Ivyo akaba yabishikirije mu nama yabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2014, i Bujumbura mu nyubakwa Roca Golf.


Floxella Karire

Messages

  • Mu burundi babe ata ni soko ya kijambere tugira abategetsi bafise umwanya wo gusahura I gihugu umwanya wi bikogwa ntibagira namba

  • Ibishoboka bikwiye gukorwa mu maguru masha kuko "Ntamugabo umwe" Ariko ivyo ntivyobuza kuraba neza kuko ibiri vyinshi Urwanda ruhuriyeko n’Ubugande biaragarira muri Congo, Ikindi uwoshaka yokwibaza birenze gato aho ahagarukiriza amaso vyagorana agahagarara kw’ibuye mu kwihweza!, Mbega burya Hari uwoba yibuka icari catumye Urwanda rwita mu rubanza rwa perezida wa Kenya i Lahe?

    Mbega amanama bama bagira ajanye n’ivyo bita iterambere, agahuza Kenya,Urwanda na Uganda uburundi na Tanzania bahora bareka gutumirwa kuko bataratunganya ivyo bavuga? Canke boba baratumirwa bakabura indege!, Inama izongera gutumirwamwo Uburundi ibera i Rwanda bazoce badelega abagiyeyo babikorere n’ubwo bahuze si abana. Vyofasha mukubungabunga ikigega c’igihugu kuko abariyo basanzwe bicariye umugambi w’Ubumwe. Ubumwe bw’Afrika yo hagati buzokunda neza mu gihe umugambi w’Ingoma imwe wa kunze. Ni utubazo nibaza niba mubikunda mukarekurira ikiyumviro canje ni vyiza mutabikunze naho ndabishima vyose kuko ndavyiteze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.