IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tom Malinowski : « Reta ivuga indimi zibiri ku biganiro »

Tom Malinowski : « Reta ivuga indimi zibiri ku biganiro »

dimanche 3 Ndamukiza 2016, par egide

Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi amenyesha ko ubutegetsi bw’Uburundi bwari bukwiye kwihutira kwitaba ibiganiro n’abatavuga rumwe nabwo, kugira ubwicanyi n’ipfungwa ry’abantu bihagarare. Uwo mutegetsi asaba ko ubutegetsi bw’Uburundi bworeka gutakaza umwanya w’ukuja mu biganiro.

Mu rugendo yari amazemwo iminsi ibiri mu gihugu c’Uburundi, Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi yabonanye n’abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, harimwo umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe n’abaserukira amashirahamwe atandukanye adaharanira ivyicaro vya poritike.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatandatu inyuma y’urwo rugendo, Tom Malinowski yamenyesheje ko yaje mu Burundi kubandanya igikorwa ca Reta zunze Ubumwe za Amerika n’amakungu, co kurondera ko haba ibiganiro atawe bikumira bihagarikiwe n’amakungu kugira ibibazo vy’Uburundi bitorerwe inyishu, akaba yibukije ko Reta y’Uburundi imaze kwemera ibintu vyinshi ariko igihambaye akavuga y’uko ari ukubishira mu ngiro.

JPEG - 66.7 ko
Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi

Tom Maliwoski yaneguye imvugo zibiri zikoreshwa, aho Reta y’Uburundi ibwira amakungu ko ishigikiye ibiganiro kandi izobijamwo, ariko ikabwira igihushane abanyagihugu bayo ko ibiganiro vyamaze gutangura kandi bizobandanya bibera mu Burundi.

Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi yakebuye Reta y’Uburundi, ayibwira ko itokwibaza ko iriko iratakaza umwanya w’amakungu, ahubwo Reta imenye ko iriko itakaza umwanya wayo bwite, akavuga n’ibihano bitandukanye bibandanya gufatirwa Reta kuko yerekana ingendo y’ugukwega amaguru mu gutora umuti w’ibibazo biri mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Uyo Malinowski yoba yamereye amenyo yaruguru Uburundi. None igihugu ciwe no kuber’’iki kitogiriranira ibiganiro na All Qaeda hanyuma abantu bakaruhuka ayo mabombe ya minsi yose yirigwa arahitana inzirakarengane. Ni kuber’iki atobwira Kagame agiriranire imishikirano na Fdlr, kuko hari aba Fdlr batagize ihonyabwoka, hanyuma barya bakenyezi n’abana hamwe n’abasaza birirwa baricwa n’inkotani mu makambi no mu mashamba binyegejemwo kubera gutinya inkotanyi za Kagame. None ni kuber’iki bariko barahatigiza ibihugu bitwarwa n’Ababantu gusa, ibitwara n’abatutsi ntibabikoreko? Mwarumvise ibihano Amerika yafatiye Tanzania kubera amatora yo muri Zanzibar. None ko Museveni yakoze ibikozasoni mu gutanganza ivyavuye mu matora mugihe n’ayandi masandugu menshi ataribwashike aho baharurira amajwi. Anatako apfunga Bessigye igihe kirenga ukwezi ata kosa na rimwe yakosheje. None iyo Amerika ntiyigeze ibibona? Mbe abo bajejwe agateka ka zinamuntu kari hehe. None ayo mashirahamwe mpuzamakurungu atandukanye yagenewe gutoteza abahutu gusa? Kagame nguyo yirigwa arungika abantu biwe gutera Uburundi, none ayo makungu ari hehe. Abakuru b’ibihugu vy’aba Bantu aho nibaharabe neza.

  • Emwe nimugerageze, yamara, jewe mbona akizovamwo nukuri ndabarahiye

  • Mbega timuratahura ubutegetsi bwa nkurunziza erega siwe urwaye uburundi kuva 2005 Nkurinziza nabandi bamutwarira bakamuha amategeko haraguye Rajabu ahavuye hasubira Aldophe ubu naho kiyobewe na Nyamitwe na Bunyoni Amakungu atarafatira ibihano Nyamitwe uburundi tamahoro buca buroka mbega President utafitiye ikigogwe abenegihugu bica burimusi mugabo agafata bibiya (bible)akazindukira mwisengera kusenga sha a maherezo yici nimvura araraba neza atazoba ka kadafi cg agasanga wamunyekongo Bemba

  • Nimurekekumubembereza Nimumukureho Haze Abumvibiganiro Yase Inguvumurazifise Ndabizeye Kuryavyabaye Kwakadafi Kubitamwafashe Uburundi Ntibwogumabusubirinyumamwiterambere Kubera Akagwikabantubarikurushi

  • AMAYIRA ABIRI YANANIYE IMFYISI.

  • IKIBAZO CUBURUNDI TWOGITORERA UMUTI,NUKO UMAZE KUBONEKA BATAKWIBUKA NAMBA,NKUBU TWARI TWABATOYE NONE KO DUSHOMY KND TWABOMY INYUMA NTIBARUH BATWIBUKA,SEULEMENT POUR LEURS INTERETS.

  • Ahubwo uyo munyamahanga ntakomeye mumutwe,nkeka yibaza ko haraho ahuriye numukuru w,igihugu cacu?.yibagira ko yitorewe nabene gihugu,naje kugahinga aduhe amahoro.uwudashaka gutwagwa numurundi mwenewabo,namuhanvye bajane iyo muri American babaneyo,azogaruke yaruhutse mumutwe no mumutima,nayahandiho abo basa nka yanyondwi yumira kurushato gw,inka nayo yariwe kera.aho twashize twebwe abarundi ntituzokuraho,bashaka nibiyahure,kuko kirimwo abagabo.

  • ivyo nivyawe mutama igendere, hano tuzofungura imyumbati ariko ntidushaka agasuzuguro kanyu. none ko mutagirana ibiganiro na alshabab nukuberiki? nukobo ivyobasaba Atashingiro bifise??!!

  • Mbega Nkurunziza Yatowe Nande ?Birya Vyose Nuruhendo !Kuki Atajahanze Y’uburundi ?Sukoyivye Mandat Atinyakwayakwa N’igisoda Caryumyeko ?Rekakwihenda Abazungu Babarushubwenge Nuburyo ,rindira Aba Dd Muzovamu Burundi Mujamumabohero Atandukanye ,emwe Umupfuntiyinukira Hasigaye Komuhenuka .Hebamumaramare . Hahahahahaha ,nibindi Bihano Biracaza .Wait And See !

  • Nyabunasha wamugabowe wumuny’America!
    Umva ndakubwire ivyo reta yacu yavuze kandi komeza kuvuga turabitahura kandi biratomoye.
    Umvarero igituma bitomiye: reta yu Burundi yaratubwiye ibintubibiri vyinkoramutima kubijanye nivyobiganiro uriko urahatikiririzamwo amajambo yagasuzuguro kogusuzugura abarundi ko reta ibahenda ukibaza kwaribabarundi bimu 72 umvarero ndakubwire igituma ivyo reta yacu yavuze bitomoye:
    Icambere iravugako izoja mubiganiro bidakumira, tahuraneza ijambo’ bidakumira muyandimajambo ni’ ntamwana ni kinono abarundi bose barangana canke barafise ijambo kugihugu cabo, bisigurako yabumurundi atavugarumwe na reta canke uwuvugarumwe na reta arimugihugu cu Burundi canke arisanze kobose bafise ijambo kugihugu cabo cu Burundi nicogituma reta yacu yemera ibiganiro bitarobanuye muyandi amajambo bidakuyemwo abarundi barimugihugu nabarihanze.
    ICAKABIRI
    NB
    RETA yacu yaratubwiyeneza kandinatwe dusanzwe tubizi ko mubihugu vyose abashatse gutembagaza ubutegetsi hariho amategeko abahana cokimwe nabaturiye abantu babona kumutanga ruhangabagabo, abobantu nibobonyene reta itemere kuzokwicarana nabo ngobari mubiganiro.
    Bategerezwa kubanza kuja imbere yubutungane bwaba ubwu Burundi canke mpuza amakungu.
    Nubworero umvugo zabantu nkamwe muvuga ngomuserukira America muvyagateka kazinamuntu zerekanako mwipfuza gukomeza guhinguvu abibagerageje gutembagaza ubutegetsi ndagombakubabwira ko bihuriranye nukotuziko kera kuvamuza 65 mwinumiye abarundi isinzi baricwa baratikira ntanakimwe mwakoze kugeza nunomusi ntimurigera musabikigongwe abarundi muti muratubabarira twarigeze kubatereranya iyonzigo mumenye ko tukiyibafitiye none mwongeyeho irindikosha ryokwiregagiza amategeko mpuza amakungu abana abagerageje gutembagaza reta!!! Ahubwo imvugozanyu zibonekanako murikuruhande rwabo! Ntimugire ngondabarenganije none niwaba uriko uragiriza reta ngwirabesha abenegihugu ngokuko uvuzeko yemera ibiganiro bidakumira umurundiwese yabuwuri mugihugu canke uwurihanze atariko havuyemwo abagerageje gutembagaza ubutegetsi nabaturiye abantu babona ucacuvugango uvuga amajambo abiri kuko iyowumvise reta ivuzeko izoja mubiganiro bidakumira wewe wibonerako arukwicarana nabamwe baturira abantu babona nabagerageje guturira abantu!!! Murateye isone ariko kubera amasengesho yabarundi basenga mumpemu nomukuri mumisi namwe mugiye kuzokubitwa ikofe ginkebuzo niyabaremwe kuko ubugambanyi mumazemwo imyanimyaniko bumaze gusesema Kugiravyose uwibaza kombeshe ntiyihute kunegura abaze arindire igihe nkicumwaka ababose bashigikira amabi akorewe abarundi na reta irongowe na Petero Nkurunziza muzobamwabonye uko iryokofe rw’Uhoraho tuzoba ryabagize.

  • Abanyamrika komukomeye isiyose ibunamira nikuberiki muguma mwihohora nkurunziza ubwokuva aho mwakamwirukiye inyuma ntimubonako Ari intumva none igisigaye nigiki mwomwomoye bigahera nkuko mubigira ahandi none nkurunziza yabananije iki giravuba mudukurireho abarundi twarushe nubwo bwicanyi bwiwe

  • Rusakumba,

    Ni igiki gitangaje kubona amakungu ashigikira Kagame, Museveni... ariko bigeze ku Burundi bagahesha?
    Abo bakuru b’ibihugu baragerageza kugira ubuzima bw’abo batwara bube bwiza, barerekana ko bakora. None wagira basasire indava imburakimazi z’aba DD bishinze kwiba, kwica, kwangaza...abo batwara? Ni igiki Nkurunziza yamariye igihugu ciwe? Nta na kimwe atari ukurondera ico akimaza. Raba ingene Abarundi isinzi bugarijwe n’ubukene, raba ingene igiturira ciraye, raba urwaruka rutagira ico rukora, harura abahutu bamaze kwicwa n’itwaro y’abahutu uko bangana...ureke rero kwitwaza ubuhutu n’ubutsi. Abarundi, amakungu bashigikira abakuru b’ibihugu bafise ico batambutsa abanyagihugu. Ivyo vy’ubwoko ntibabiraba.
    Wotubwira intwaro mputu y’aba DD ico yamariye Abo bahutu witwaza?

  • Rusakumba,na mwami murabagabo mbe umuravye kwifoto ubona umenga ararya?mubona atari nkakagame?barira kumutima mubi?umunoho wokwiba ibitarigwabo nikel,or,cortant,petrol,nungwa,ntitubaha uburundi si congo mwigira ivyo mwigombeye muzopfana agahinda.ok

  • Aba D d Ubwengebwanyu Burimus i !! Uwomugabontiyavugiy Kubutaka Bwuburundi ? Mwakoze Iki ?Akarimi Ntacobipfana N’umuntu. Akarutakandi Karakamira .Ndabirabe Mutamuciye Uwomunwa Ntacomwanze

  • Wamugabowentacizakivamuramerika.Nabarerowajekurondera Isokodyibigwanisho Ahowabuzetwarabahinyuyewibazako Ivyomwakozemuriribiyakotutabibonye?Tesha Ute Igihucacukirimwabagabo Barundibarundikazibemaso Abazungubagombakugarukanavyazanamagizanamaro

  • Wewe wiyita Ukuri, genda mu gwanda urabe abantu ukugene bakenye. Genda urabe abanyagwanda bamaze guhunga ubuzima bubi buri mugwanda. Genda i bugande, Kenya n’ahandi urabe abanyagwanda buzuyeyo. N’abandi bari buzuye ngaha i Bujumbura. None ko mugwanda hari ubutegetsi bwiza, none ko bataguma mugihugu cabo na wewe urimwo? Ikibazo n’icabahutu n’abatutsi, muhendande? Reka tunyinyane hanyuma umugabo niwe azoca aramutswa Uburundi. Ntakubesha, uwuzotwitega tuzomumesa.

  • Iyo mwagiriza DD womengo Uburundi bwavutse bwongera gutangura gutwarwa n’aba DD. Hariho kahise k’Uburundi N’Urwanda kandi ntawuzogahindura canke ngo anyegeze ivyabaye kuko vyabaya kumugaragaro. Reka mbaze Colonel NDAKAZI n’inde? Général KAYUMBA Nyamwasa ninde? Impunzi z’abahutu n’abatutsi b’abarundi n’abanyarwanda zingana iki? Zatanguye guhunga igihugu kuva ryari?!!! Aho sinobaza abamaze kwicwa ku mpande zose kuko nta nyishu noronka kuko birenze ivyo tubona canke tuzi incuro zirenga 5 000.... Reka bagenzi banje, nimureke ibibazo vy’abarundi n’Abanyarwanda Imana niyo yobishobora gusa.

  • He’’’amakungungu Nagiricakoz Nayahandi Turahona

  • Mwoza Abarumdi Tugasangira Ibyo Dufise , Tukareka Kuzera Inze ! Nakare Ngo Akamuntu Kamara Iyagwe ; Jeho Mpamagarira Abarundi Kuva Inyuma Yabanyepolitike Twikorere Ibiduteza Imbere

  • Ndiko ndasoma ivyiyumviro abantu batanga numva bindengera ingene abarundi biyumvira, hari abantu ubona ko batabona imbere na gato, ikimbabaje jewe nuko nahora niyumvira ko amacakubiri yajanye n’abatuvyaye, la nouvelle génération yakuranye ibindi vyiyumviro, vyo kwiteze imbere, vyo gukora, vyo kutaraba ubwoko ahubwo ukaraba ico umuntu ashoboye (capacités) abarundi benshi barazi ubwenge bwoshobora guteza imbere uburundi, twari dufise abaganga bambere muri afrika, abanyabwenge benshi, ehe ngabo bose bakicwa aribo boteje imbere igihugu. Ngarutse rero kuri nouvelle génération, nabaye déçu, les jeunes se laissent manipuler par les vieux qui n’ont dans leur tête que les choses matériels, acquit malhonnêtement, kandi ntibitangaje ko cette génération idatera imbere kuko base babasigira des biens maudits, baba baronse barenganije canke bishe. Mes fères et sÅ“urs, neuveux , nièces, ncuti n’abagenzi, ugurura amaso, abarundi barashobora kubana dans leurs différences atangora nka kera aho bagwanywa umu colons bari hamwe, ariko hari les ambitieux qui les manipulent ariko Kubera iyo bakuriye bagaca bakwirikira, ariko abo bose bahumisha abana b’abarundi, babahendesha amaronko gushika aho babahindura abicanyi Imana rugira vyose izobibabaza
    Bategereye Imana ngo bayisabe ikigongwe bishure ivyo bakoze basubize ivyo bivye, bazopfa nabi, bapfane ibicumuro , baje mumuriro udahera.

  • Je te comprends bien monsieur l’americain,votre plan est bien bon s’il n’y a pas de lhypocresie??? le jour où les americains vont négocier avec Ben laden, EI, Bokohalam,... Je pense Nkurunziza pourrait négocier avec Niyombare et consorts. parler les deux langues, il n’y apas un autre peuple au monde qui parle deux langues plus que vous les americains. Je vis chers vous et maintenant c’est cher moi, mais je déteste votre hypocresie. Aleez vous en et laisse le Burundi tranquille.

  • NAHOBAHANURA MUBURUNDI NTAKIVAMWO.

  • Reta Yibujumbura Nta Bwo Izokwigera Yitaba Ibiganiro Kuko Intumvaziri Mu Burundi Ninyishi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.