IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > U Rwanda rwarahimbaje umunsi w’intwari

U Rwanda rwarahimbaje umunsi w’intwari

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Igihe hahimbazwa intwari z’igihugu ku ncuro ya 19 kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 ruhuhuma 2013,umukuru w’igihugu paul kagame yashize ingori z’amashugwe ku mva zishinguwemwo intwari.

JPEG - 53.1 ko

hari nk’igihe c’isaha zitanu n’igice zo mu gatondo aho umukuru w’igihugu Paul Kagame yari ashitse ku mva zishinguwemwo intwari ziri i Remera mu gisagara ca kigali.bahejeje kuririmba indirimbo ihayagiza igihugu yaciye ashira amashugwe ku mva,haca hakurikira indirimbo zihayagiza intwari z’u rwanda zashinguwe mu ntatemwa z’intwari.

Muri uyu mwaka icivugo c’umunsi w’intwari kikaba ari: «Ubutwari ni ishingiro y’agaciro n’amajambere.»

Inyuma y’ivyo birori,umushikiranganji w’umuco no kunonora imitsi Mitari Protais yabwiye abamenyeshamakuru ko gutera imbere bisaba ko uba ufise igikorwa gihambaye ari navyo intwari zishinguwe I Remera zakoze,asaba rero abanyarwanda gukora bibuka ubutwari.Ati:« Abanyarwanda bose baharanire kugira ubutwari muvyo bakora.»

JPEG - 137.8 ko

Imva y’intwari ishinguwemwo intwari ziri mu bice bitatu,Imena,Imanzi n’ingenzi.
Mu Mena hashinguye Bizimana Sylvestre,Mujawamariya Chantal,Mukambaraga Beatrice,Niyitegeka Felicite,Uwiringiyimana Agathe,Rwagasana Michel,Umwami Mutara wa III Rudahirwa.

JPEG - 113.9 ko
Imva y’intwari ishinguwemwo Maj Gen Gisa Rwigema

Mu Manzi hashinguye Maj Gen Fred Gisa n’umusirikare atazwi.
Intwari z’u Rwanda zibutswe kandi mu gihugu cose,mu birori vyabereye ku rwego rwo k’umutumba.

Ni umunsi wabaye ukurikira ibiganiro vyagiye biraba ahantu hatandukanye.Abanyarwanda cane cane urwaruka basigurirwa ubutwari n’ivyo intwari z’u Rwanda zakoze.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.