Accueil > Amakuru > Rwanda > U Rwanda rwarahimbaje umunsi w’intwari
U Rwanda rwarahimbaje umunsi w’intwari
samedi 2 Ruhuhuma 2013
Igihe hahimbazwa intwari z’igihugu ku ncuro ya 19 kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 ruhuhuma 2013,umukuru w’igihugu paul kagame yashize ingori z’amashugwe ku mva zishinguwemwo intwari.
hari nk’igihe c’isaha zitanu n’igice zo mu gatondo aho umukuru w’igihugu Paul Kagame yari ashitse ku mva zishinguwemwo intwari ziri i Remera mu gisagara ca kigali.bahejeje kuririmba indirimbo ihayagiza igihugu yaciye ashira amashugwe ku mva,haca hakurikira indirimbo zihayagiza intwari z’u rwanda zashinguwe mu ntatemwa z’intwari.
Muri uyu mwaka icivugo c’umunsi w’intwari kikaba ari: «Ubutwari ni ishingiro y’agaciro n’amajambere.»
Inyuma y’ivyo birori,umushikiranganji w’umuco no kunonora imitsi Mitari Protais yabwiye abamenyeshamakuru ko gutera imbere bisaba ko uba ufise igikorwa gihambaye ari navyo intwari zishinguwe I Remera zakoze,asaba rero abanyarwanda gukora bibuka ubutwari.Ati:« Abanyarwanda bose baharanire kugira ubutwari muvyo bakora.»
Imva y’intwari ishinguwemwo intwari ziri mu bice bitatu,Imena,Imanzi n’ingenzi.
Mu Mena hashinguye Bizimana Sylvestre,Mujawamariya Chantal,Mukambaraga Beatrice,Niyitegeka Felicite,Uwiringiyimana Agathe,Rwagasana Michel,Umwami Mutara wa III Rudahirwa.
- Imva y’intwari ishinguwemwo Maj Gen Gisa Rwigema
Mu Manzi hashinguye Maj Gen Fred Gisa n’umusirikare atazwi.
Intwari z’u Rwanda zibutswe kandi mu gihugu cose,mu birori vyabereye ku rwego rwo k’umutumba.
Ni umunsi wabaye ukurikira ibiganiro vyagiye biraba ahantu hatandukanye.Abanyarwanda cane cane urwaruka basigurirwa ubutwari n’ivyo intwari z’u Rwanda zakoze.
Mugisha Van Naris
Messages
6 Mukakaro 2017, 22:24, par RISHARI
19 Nzero 2018, 09:21, par Girukwishak Emanuel
Andika hano SHAK KUB MUGWAND MUBONA NOSHIYOGUT
19 Nzero 2018, 10:34, par NDI EMANUEL
ARIK NTIMWANYISHUY KUKIBAZ NABAJIJ JEWENIPFUZ KUBAMUGWAND VYOGENDAGUT KUGIR NSHIKEY