Accueil > Ubutunzi > Ubukene budahera bw’umuyagankuba
 Ubukene budahera bw’umuyagankuba
 Ubukene budahera bw’umuyagankuba
				
				mercredi 12 Kigarama 2012
U Burundi burafise amazi menshi ariko umuyagankuba urakenye cane. Abahinga bavuga ko amazi n’amasoko ahari akoreshejwe neza hoboneka umuyagankuba ungana na 1200 MW.
Mu myaka 26 yose iheze u Burundi  nta rugomero na rumwe rw’umuyagankuba bwigeze bwubaka. Ishirahamwe REGIDESO ritanga amazi n’umuyagankuba rivuga ko ingomero zose zihari zitanga 30 MW. Urugomero rukuru rwo mu Rwegura rutanga rwonyene 18 MW.
Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu amenyesha ko ugucikagurika kw’amatara bijana no gukurakuranya gutanga amatara mu bisagara bitumwa n’ubukene bw’amatara.
Ariko ngo ibintu bigiye kunyuka mu mezi ari imbere kuko amazi yo mu Rwegura aguma agabanuka. Mu gihe c’imvura, umushikiranganji Come Manirakiza avuga ko hakena 15 MW ariko mu ci hagakena 28 MW.
Amenyesha ko Reta igiye gukoresha urundi rugomero rukoresha Diesel gusa kugira rusahirize.
Abarundi basaba ko horonderwa imashini zikoresha igitoro mu gutanga umuyagankuba  ariko Come Manirakiza yavuze ko Reta yoca ikoresha amafaranga menshi, ngo ntaho yova.
Amenyesha ko hariho imigambi yo kubaka izindi ngomero z’umuyagankuba zishobora gutanga 30 MW gushika mu mwaka w’2030.
Naho ahumuriza, ubuhinga bwerekana ko kugira urugomero rw’umuyagankuba rwuzure, haca igihe kirenga imyaka 5.
Ivyo biruko mu gihe u Burundi bukeneye umuyagankuba mwinshi cane cane mu mahinguriro, no kwimba ubutare bwa Nickel bwabonetse mu ntara ya Rutana bizokenera uwurenga 200 MW, n’ibindi. Nta n’abagwizatunga bashobora guhurumbira igihugu kitagira umuyagankuba ukwiye.
Pierre Claver Niyonkuru
