IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubunyamabanga bwa EAC bwahagaritse imigambi imwe bwakora

Ubunyamabanga bwa EAC bwahagaritse imigambi imwe bwakora

mardi 1er Nyakanga 2015

Ubunyamabanga bw’Ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC bwahagaritse imigambi imwe bwakora,inyuma yaho haburiye amafaranga bwahora bukoresha kubera hari ibihugu bigize iryo shirahamwe bitatanze intererano.

Ikinyamakuru The East African kivuga ko ibihugu bigize EAC bifise ideni ry’imiliyoni 3.8 z’amadorale y’abanyamerika ku mafaranga yari ategekanijwe gukoreshwa mu mwaka uheze w’2014.

Icegeranyo c’inama y’abashikiranganji ba EAC iherutse kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, cerekanye ko Uburundi ari bwo bufise ideni rinini, bugakurikirwa na Tanzaniya n’Ubuganda.

Uburundi bufitiye EAC ideni ry’imiliyoni 2.9 z’amadorale y’abanyamerika, Tanzaniya, amadolare 897,546 n’Ubuganda nabwo bufise ideni ry’amadolare 19,075. Urwanda na Kenya nivyo bihugu bidafise ibirarane.

Kugeza ubu Tanzaniya, Urwanda n’Uburundi ntibiratanga igice ca mbere c’amafaranga bitegerezwa gutanga naho haheze amezi atatu hemejwe amafaranga Ishirahamwe EAC rizokoresha.

Mu gihe ibihugu bisa n’ibikwega ibirenge mu gutanga intererano mw’ishirahamwe, abafasha nabi barihuta gutanga amafaranga kubera ibibazo vya politike biri mu Burundi.

Ibihugu bifasha EAC, ni Canada, Danemark, Finland, Ubufaransa, Ubudagi, Ubwongereza, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,Ibanki y’Isi na Norvege.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uburundi Ngo Bwarikukiye Kandi Bwahora Burihirwa N’ Urwanda.Nibirihire Rero.

  • Nkurunziza ngo yarikukiye,kuki adatanga intererano kugihe?ubuho nivyahuha bigiye guhuhuka.

  • Asha bose nibahagarike gufasha iyo EAC mpaka uburundi babufatiye ingingo ruhasha zibukomeshe kuko harimwo intumva muri uyo mugambwe wabakinzi.

  • Mwaramutse, ivyo vyose bitumwa nugushaka kwigumiza kubutegetsi kwa nkurunziza mufatire obihano nivyo akwiye, nakare namahera yimigambi niwe acayirira,

  • Ibigwarudubi vy’Abarundi biter’ibuye aho vyaterets’igisabo ,bikituma aho bitama, ubugomba bwaririy’ishamba bwinyegezamwo abahigi babwica bwose ,inturubuzi z’abasazi zaciy’ishami ry’igiti zicayeko ,hahahaha ,abibereye hanze y’igihugu aho kwitah’ibibazo turimwo basabir’igihugu batayemw’uruzogi amahano n’ibihano ngo dutikire, Imana Irakwiye kubahindura muv’ibuzimu mub’abantu canke mwirukanwe mweeeese muze hano ivyobihano muriko musaba ndab’uwo bidakorako mwatashe mwese nuko muzoza mwayagwije.

  • iyo Eac ntaco imaze kuko abantu barapfa bakanyuruzwa mategeko akarengwa ngo irafise ico ivuga , nibakure uwo mugesera ngo ni peter uburundi buterimber naje gukina agapira yirigwa arabashera Imana ngo niyo yamuhaye mandant ya 3 Imana siyakajagari , Kagame na museveni barihorera kuko nabo bakeneye ibindi biringo abarundi tugiye kwifatira ibibazo muminwe

  • bashaka iyo mfashanyo bayireke barebe ko uburundi tutabandanya kubaho neza nkurunziza komera kumuheto na zimbabwe barabayeho neza.

  • Nakajoreza,emwe mbonerakunya!!!!emwe bagumyabondo!!!

  • #CNDD_FDD nimenyeko uburundi atari icibare cawo!nibareke kuruhisha abarundi birigwa baravuga ngo twarikukiye!non,nyamwigendako ntarimira impeshi!nibaveho gutwara vyabanikiye!

  • Mugihe abarundi bariko biyamiriza Pierre Nkurunziza kubera le 3ème manda l’EAC ntiyashatse guhagarika Nkurunziza clairement baguma bamureka yigirira ivyo ashaka gushika ubu sa police est entrain de tuer ils disent RIEN
    Voilààla fin les résultats toute la région est prise en otage
    Il faut l’isole complètement

  • kariyo eka uri kariyo nyene none ntiwova muburundi ukaja murwanda wumva gwa kureze uroreye iki ko abandi bagusize kera

  • hakuvuga nabi worya nabi.izo mvugo ntacovzifasha turetse ivyovzica.mwitondere ivyo mushikiriza.

  • baguhorubusa mushinkanta sezibera kube wanyegeje vyishe nne baguteyegashavu uciyubishirahabona kube iyo eac ntacimariye abene gihugu bakarere tubwizukuri abo bamada mare mare bareke kuzabaduheda go nabashikiraganje bakarre birateyisoni.nukur igorane zi burundi zitweretse vyishivyari vyinyegeje muriyo eac muvuga

  • Abantumwese cane cane abazikwari abarundi mwumva abandika ibintubifise intumbero yokwifatira mugahanga uburundi nindongozi zabwo mukacamubafasha, muzohumirwa bimwebiboneka ndasavye ababegereye mukomeze mubakurikirane nababazi mukomeze mubaririkirize muzogenda mubona bahuranivyago mubukazibwabo bakora, mukibano nivyagovyishi mumatora ntimuzompishe muzozemurambariko ivyonavuze vyatanguye gushika, rekamberendababwire ni bihugu biriko biritwaranabi ku Burundi navyonyene mubihebigiye kuza bigiye guhura nibibazo , kiretse ivyahisemwo kwubaha uburundi nindongozi zabwo abibaza kontayumwanya muzobibona mwiboneyeko ndavugasivura.

  • Naho ijoro ryoba rirerir ririmwo imvura yamahindu n’imituragar riracaaa

  • EMWE GAYEMWE!! ASHA NDATANGAYE BASI! BURYA YAMAHERA BA RUDOLUFE NA PETER NA ZAMBONERAKURE BAGUMA BIBA BUBAKA NAYO MURI EAC? ASHA MBERE UBURUNDI NIBURIHE IRYO DENI MBERE YUKO RIKURYA MURI EAC,KUKO UBU UYE UBURUNDI ATAWUBURONGOYE ZINA MURUNDI WESE NI UMUKURU W’UBURUNDI MPAKA HATUNGANIJWE AMATORA AHURIKIYEMWO BOSE!

  • Yoo Mana Tabara Uburundi Nayahandi Bus Nubumanuka Ikuzimu

  • Iyija kurisha iherera kunama none Burundi barundikazi abanyagihugu twavuye turiko tuja he

  • Erega dutwarwa na bakehabwenge ngo barikukiy nta croissance nta dette na rimwe ririshe..turi imbunuza z umugayo gusa..urwanda rutwagwa n abagabo ntugereranye amata n amazi....ngo barikukiy !!!!????

  • @mukobwajana
    Ja kuba mu rwanda none,je murantwenza,mukoriki i burundi,hanyuma amata n’amazi nico kimwe utabanje kurya ikijumbu canke iteke,amata ntakumara inzara co kimwe n’amazi,ba mutwara ayo mafuti hiyo

  • ASHA AHUBWO NGO UMUPFU NTIYINUKIRA EGA NYAMITWE NA MWENEWABO ALAIN NIBIKEHABWENGE HEMWE! HAMWE BIKUMAGURA NGO BAHAYE BATEGURA LES SOIENT DISANT AMATORA BIHAYA NGO UBURUNDI BWARIKUKIYE KUMBE AMADENI YABAREMBEJE BARONDERA AYO BAZOHEMBIMBONERAKURE MBE UBU NAHO BUCA MUZIHEMBAYO MWIVYE HEHE? ASHA RORERA GATOYA MUBURE AYO MUZIHEMBA MURABE UKUGENE ZIZOTEMA ZITONGORA PARMI MWEBWE NYENE HAMA MUTANGARE! MUKWIYE KUMENYA MWABIJUJUMWE NGO NI PETER NABO MUSANGIYE GUKEHA UBWENGE YUKO UWUTIGABA ATIGABURIRA! MBE BURYA MWIZE IKI? AHANTU MUTANAZI YUKO UBURUNDI BUTUNZWE NINFASHANYO ZAMAKUNGU MWEHO MWIZE AMASHURE BRUISSONNIERE BASI KUKO MUTANAZI YUKO LE BURUNDI NE PEUT PAS FONCTIONNER SANS LES BAILLEURS DES FONDS!

  • byose nikimwe ntakamaro bidufitiye.kuko ahubwo umusoro wikubye inshuro ebyiri

  • Muribuke neza ko intererano u Burundi bwatanze bwinzira muri EAC ari u Rwanda rwayahaye u Burundi.

  • K uvuze ko nyirurugo yapfuye siwe uba yamwishe reka kubabazwa nuko bavuze ngo uburundi bufise ideni none barababeshera?

  • emma
    rwanda woshaka wodukunda kuko ntaco tuzoba imana yaremye uburundi irabubona kandi abarundi ntaco tuzoba imana irikumwe natwe. Ndashimira ibihugu vyase kwitandukanya nuburundi kubera amohe yabo bazungu. umunyamabanga natange imihoho ntagutwara ashob

  • erega abarundi murabarenganya nayo gutunganya igihugu cyabo ntayo bafite ngo barabona ayo muli EAC ntibishoboka kandi ntabwo ali ukwanga kuyatanga ntayo bafite ntayo igihugu cyararangiye ahubwo urwanda mubatabare.

  • Birakomeye Nkurunziza arakaze yatunaniye

  • Fpr/inkotanyi tugomba kurya. Naho politique yaratunaniye!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.