Accueil > Ubutunzi > Uburundi bufise iminsi 30 yo kuba bwubahirije ivyasabwe n’inama (...)
 Uburundi bufise iminsi 30 yo kuba bwubahirije ivyasabwe n’inama nshingamateka y’abanyaburaya
 Uburundi bufise iminsi 30 yo kuba bwubahirije ivyasabwe n’inama nshingamateka y’abanyaburaya
				
				vendredi 13 Ruhuhuma 2015, par
Iminsi mirongo itatu niyo itegekanijwe kugira Uburundi bushire mu ngiro ingingo yaraye ifashwe n’inama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya, aho igabisha Uburundi ko bushobora gufatirwa ibihano mu gihe butokwubahiriza amasezerano y’ i Cotonou, nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.
 
- Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM
Faustin Ndikumana avuga ko mw’ishirahamwe PARCEM bakiranye agahinda ingingo yaraye ifashwe n’inama nshigamateka y’ibihugu vya Buraya, aho igabisha Uburundi ko bushobora gufatirwa ibihano, kuko ingaruka ari nyinshi ku gihugu mu gihe boramuka babifashe.
Mu bihugu 184 bigize isi ,Uburundi buri mu bihugu bitanu vya mbere bibeshejweho n’imfashanyo. Umugabane wa Buraya ukaba utanga amafaranga menshi cane y’imfashanyo hafi imiriyaridi amajana umunani y’amarundi, asumba ayo Uburundi bushobora gutoza ku makori n’amatagisi ku mwaka. Iyo mfashanyo nayo irasahiriza cane nko mu vyerekeye amabarabara, mu vy’umuyagankuba, mu magara y’abantu, uburimyi n’ubworozi n’ ibindi bisata.
Faustin Ndikumana avuga ko ishirahamwe ry’abanyaburaya riri mu mashirahamwe make acemera guha amahera Reta, bakayashira mu kigega ca Reta nyene. Ku mwaka usanga bashira mu kigega ca Reta amafaranga arenga imiriyaridi 100, iyo naho ayo mafaranga abuze, akenshi ni hamwe Reta ica irondera kwongereza amatagisi, nk’uko Faustin Ndikumana abishikiriza.
Faustin Ndikumana amenyesha ko ibisata bishobora kugira ingorane ari vyinshi mu gihe bofatira ibihano Uburundi, amahera yo mu matora ashobora kubura, imfashanyo idasanzwe yo mu kigega ca Reta ikabura, amahera atabonetse bagaca barondera kuduza amatagisi ku bintu bimwe nko ku gitoro, kw’imfungurwa, inzoga, n’ibindi. Abakozi bashobora kudahembwa, ingaruka mu migenderanire y’igihugu kimwe kimwe n’ikindi, ivyo vyose n’inkurikizi bishobora gushikira Uburundi.
Iminsi mirongo itatu akaba ariyo itegekanywa kugira igihugu cagabishijwe gifatirwe ibihano. Inyuma yo kugabishwa, ibiganiro bikaba bimara amezi ane ivyo rero navyo nyene bikaba bifise ingaruka ku gihugu.
Tubibutse ko muvyatumye inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya ifatira ingingo Uburundi, harimwo ipfungwa rya Bob Rugurika umuyobozi wa RPA, abo bashingamateka b’ibihugu vya buraya bagasaba ko yorekurwa vuba atakirinze gusabwa.
Floxella Karire

Messages
14 Ruhuhuma 2015, 06:18, par Nuwera
Ashimana yofasha bakabifa ivyobihano umugabo araho wa PARCM yoruhuka kuko akazikiwe kazocakagabanuka kuko icoyamiza kumunwaari ibihano ibihano! Babifasherero ntuzi ko hariho ikindi kintu kizokorwa kugezanaho wewe uzosigara wibaza utivyasumbwanuko batarigufatira ibihano ibihano u Burundi, Nibagireningoga batebejehubwo.
14 Ruhuhuma 2015, 12:30, par John
Ivyo bihano mwifuza mumenye Yuko muriko murabisabira abanyagihugu nta mutegetsi bizogiraho ingaruka
14 Ruhuhuma 2015, 13:46, par tharcisse
Erega faustin nivyo bariko barigirisha ni ngombwa bamurekure Bob rugurika !Reka uzoraba ko iyo misi izohera bataramurekura arya mahera ni menshi ntiboyaheba kuko menshi aja mu mifuko yako nta numwe atabizi.no kuri claver niko vyagenze bakize kuvuga baca baramurekura.ivyo babigira kugira batere ubwoba amara radio hamwe na societes civile kugira ngo banume ntibavugeibigenda nabi mu gihugu.
14 Ruhuhuma 2015, 14:51
Ewe Parcem muraheza mukadutwenza kweri!!! Mbe akabaye kose canke uwukoze amanyanga wese yikoma ku banyaburaya? Muramenya neza ko atari ba so canke banyoko. Nuko mwahuye n’Abahutu bataraca urwevu mu imvintwaro, nayahandi mwokabonye. Paul Kagame numugabo abushitse pe. Ayo manyanga mwigira mu Burundi mwoyagira mu Rwanda. Trop de democratie engendre l’anarchie.
14 Ruhuhuma 2015, 15:52, par Mazarahisha Emmanuel
Niduseng’Imana itugarukire,nkuko abo mugisagara c’Ininewe bumvis’ubuhanuzi buvuye ku Mana baca bugufi barisonzasha.Imana ica ibagirira ikigongwe,barundi dusenge Imana ninyembabazi murakoze
14 Ruhuhuma 2015, 15:58, par SISI
NDASAVYE NSHIMITSE NUKURI RETA NTIYUMVIRIZE IRYO TERA BWOBA YRABO BAGABO NGO BAREKURE IYO NKOZI YIKIBI0.IVYO VYOSE NABATUTSI BANKA GUTWAGWA NABAHUTU BARIKO BARABIGIRA.ARIKO BAMENYE KUDETA ITAGISHOBOKA RERO MBONA BOKWINJIRA IKIBIRA KUKO BATAGOMBA AMATORA.GUSA BARAMBWIRA NDABARANGIRE AHO BAZAHA UTUBOGA BITA UBWIZA BWISHAMBA NUTUNDI BITA INDERAMA.TWE IMISI TWAZIRIYE IRAKWIYE
14 Ruhuhuma 2015, 21:53, par mayukarenova
nkuyo sisi ntakwij mu mutwe me nta mutegera ntiyize vrema nikigugu kweri
15 Ruhuhuma 2015, 06:50, par H j chrs
Hahahahaha namba bari Imana kuva abahutu aho bitsiwe nabatutsi iyo nama kitakoranye ndetse uwafunzwe Ba Ndandaye bahowiki ubu rero murahagurutse ko hafunzwe umututsi menye neza ejo haheze sunomusi mwomya abahutu bomowe naba tutsi mumashure nimureke nimureke gutumwanya jana sio leo