IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahawe umuhuza mushasha mu biganiro

Uburundi bwahawe umuhuza mushasha mu biganiro

mercredi 2 Ntwarante 2016, par egide

Ku rutonde rw’ivyizwe mu nama isanzwe igira 17 yabereye mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa gatatu, harimwo ikibazo c’umutekano muke uri mu Burundi. Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bakaba bashizeho umuhuza mushasha mu biganiro bihuza Abarundi.

Benjamin Mkapa wo mu gihugu ca Tanzaniya, akaba yigeze n’ukuba umukuru w’igihugu wa Tanzaniya niwe yahawe kuba umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi.

JPEG - 2 Mo
Benjamin Mkapa yigeze kuba umukuru w’igihugu wa Tanzaniya

Mu gihe Uburundi aribwo bwari buramukiwe kurongora umuryango wa Afrika y’ubuseruko, muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu hafashwe ingingo ko umukuru w’igihugu wa Tanzaniya John Pombe Magufuli wa Tanzaniya ariwe agiye kurongora uwo muryango mu kiringo c’umwaka umwe.

Muri iyo nama ’abakuru b’ibihugu, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yari yaserukiwe na Joseph BUTORE, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.