IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uburundi bwasabwe gutanguza amatohoza kw’ihohoterwa ryakorewe Boniface (...)

Uburundi bwasabwe gutanguza amatohoza kw’ihohoterwa ryakorewe Boniface Ntikarahera

jeudi 3 Mukakaro 2014

Reta y’Uburundi yasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko yotanguza amatohoza, yongere ihane abazokwagirwa ihohoterwa ryakorewe Boniface Ntikarahera, umunyezamu yakorera ku bitaro Prince Régent Charles. Gushika ku genekerezo rya 10 Nyakanga 2014, Reta y’Uburundi izotegerezwa kuba yamaze kumenyesha ingingo zafashwe mu ntumbero y’amatohoza.

Amashirahamwe abiri ariyo ACAT Burundi na TRIAL (Track Impunity Always) yarituye umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (Comité contre la torture), ku bijanye n’ihohoterwa ryakorewe Boniface Ntikarahera mu mwaka w’2010. Boniface Ntikarahera, umunyezamu wo ku bitaro Prince Régent Charles yakubitiwe ku kazi kuri ivyo bitaro, umunsi uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Evrard Giswaswa yari aje kuhivuriza inyuma y’ugukomerekera mu ntureka zari zihejeje kubera mu butambiro TOXIC, hagati yiwe (Evrard Giswaswa) n’urwaruka bahuriye muri ubwo bunywero bukongera bukaba n’ubutambiro. Kw’itegeko ry’uwo Evrard Giswaswa yari umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Boniface Ntikarahera yarakubiswe n’abaporisi hamwe n’intwazangabo yari kumwe n’abo baporisi. Inyuma y’ugukubitwa agata ubwenge, Boniface Ntikarahera yaciye ajanwa gupfungwa, amara n’amasaha 32 yambitswe ipingu, atanahabwa imfungurwa. Kuva asohotse agasho, iryo hohoterwa yakorewe ryatumye Boniface Ntikazohera w’imyaka 43 amara amezi abiri mu bitaro, n’ubu akaba atarakira neza. Abifashijwemwo n’ishirahamwe ACAT Burundi, Boniface Ntikarahera yarituye ubutungane, ariko nta matohoza yigeze akorwa kugira abamuhohoteye bahanwe, ari naco gituma ACAT Burundi na TRIAL baciye bitura umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (Comité contre la torture), kugira ubutungane bukore ku bahohoteye Boniface Ntikarahera, yongere ahabwe indishi y’akababaro.

Inyuma y’imyaka ine yose atakiriko kirakorwa, ku ncuro ya mbere, Reta y’Uburundi yasabwe n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ko yotanguza amatohoza, igakurikirana mu butungane abagirizwa iryo hohoterwa, nk’uko Uburundi bwavyiyemeje biciye mu masezerano mpuzamakungu bwateyeko umukono mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

Gushika kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2014, Reta y’Uburundi izotegerezwa kuba yamaze kwerekana ingingo zafashwe mu ntumbero y’ugutohoza kw’ihohoterwa ryakorewe Boniface Ntikarahera, hamwe n’indishi y’akababaro ategerezwa kuzohabwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.