IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uburundi bwashize imbere gukomeza isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko

Uburundi bwashize imbere gukomeza isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko

vendredi 25 Mukakaro 2014

Mu mezi atandatu aheze, mu bushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, bamenyesha ko mu bikorwa bashize imbere harimwo ibijanye n’ugutoza amakori ku rugero rumwe, guteza imbere isoko rusangi, kworohereza uruja n’uruza rw’ibidandazwa, hamwe n’uguharanira inyungu z’Uburundi muri uwo muryango.

Ibikorwa nyamukuru vyaranguwe mu mugambi wo gutoreza amakori ku rugero rumwe no mu ndinganizo imwe, mu bushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko bamenyesha ko inzitizi mirongo itandatu na zine mu vyerekeye urudandazwa zavuyeho (Barrières non tariffaires), inzitizi ya vuba mu bushikiranganji bagarukako ikaba yerekeye amafaranga yahora arihishwa ku makamyo afise iparati ndangamuduga y’Uburundi avana ibidandazwa mu gihugu ca Tanzaniya abizana mu Burundi. Ayo mafaranga yavuye ku madorare 500 aja ku madorare 152.

Mu bijanye no kunganisha amategeko (harmonisation institutionnelle), amakori yatojwe yagumye yiyongera ku rugero rushimishije mu myaka itatu iheruka, nk’uko Léontine NZEYIMANA, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko yabimenyesheje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, aho yariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi atandatu aheze. Mu bijanye n’umugambi w’ugukuraho imipaka ku barwizatunga n’ibidandazwa mu rukurikirane rw’imirimo ijanye no gutoza amakori ku rugero rumwe no mu ndinganizo (Territoire douanier unique), umushikiranganji Léontine NZEYIMANA yamenyesheje ko umwanya ibidandazwa vyahora bimara mu nzira wagabanutse cane, ku buryo ibidandazwa vyahora bimara iminsi 21 bivuye ku bivuko vya Mombasa na Dar-Es- Salaam, ubu bimara iminsi umunani gusa kugira bishike i Bujumbura.

JPEG - 37.9 ko
Léontine NZEYIMANA, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ryaratanguye ibiganiro ku vyerekeye ubudandaji n’amashirahamwe canke ibihugu kubera vyunze urunani, nk’uko amategeko y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ubudandaji (OMC) abirekura. Ku bijanye n’isoko rusangi, ibikorwa nyamukuru vyaranguwe mu mugambi w’isoko rusangi bijanye n’umwidegemvyo mu bijanye n’ubuzi (libre circulation des services) wagumye wiyongera, hamwe no mu vyerekeye gutwara abantu n’ibintu, canke gushinga imitahe. Léontine NZEYIMANA avuga ko inyubakwa nk’amabarabara vyateye imbere, agatanga nk’akarorero k’ibarabara rihuza Urwanda, Uburundi na Tanzaniya.

Mu migambi y’ubwo bushikiranganji, umushikiranganji Léontine NZEYIMANA avuga ko batasize inyuma ibijanye n’ugukoresha ifaranga rimwe, ibwirizwa ngenderwako rigenga ikoreshwa ry’ifaranga rimwe rikaba ryaramaze gushirwako igikumu n’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, bikaba bitegekanijwe ko ifaranga rimwe rizotangura gukoreshwa mu mwaka w’2024. Mu bijanye n’ugushinga Reta imwe y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, Léontine NZEYIMANA, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko amategeko yo gushinga Reta zunze ubumwe y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ariko arigwa mu bihugu bigize ishirahamwe, hakaba hariko kandi harigwa n’umurwi utegura ibwirizwa shingiro ry’uwo muryango.

Mu ntumbero yo kumenyekanisha Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, umushikiranganji Léontine NZEYIMANA avuga ko Uburundi bwaharaniye bwongera buraronka uburenganzira bw’uko igisata kijejwe guteza imbere ubushakashatsi mu bijanye n’amagara y’abantu kizoba gifise icicaro mu Burundi. N’amafaranga Uburundi bozokoresha muri ico gisata mu mwaka w’2014 n’2015 yarategekanijwe. Igisata c’ivyerekeye amareresi mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko naco nyene kizoronka icicaro mu Burundi, hakaba kandi harashizweho ikigo co kurwanya ingwara ziterwa no gufungura nabi (Centre d’Excellence en Sciences Nutritionnelles), naco nyene kikazoba gifise icicaro mu gihugu c’Uburundi, ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.