Accueil > Ubutunzi > Uburundi ku rutonde rw’ibihugu 16 vyo muri Afrika bizofashwa n’Ubufaransa
 Uburundi ku rutonde rw’ibihugu 16 vyo muri Afrika bizofashwa n’Ubufaransa
 Uburundi ku rutonde rw’ibihugu 16 vyo muri Afrika bizofashwa n’Ubufaransa
				
				jeudi 1er Myandagaro 2013
Inyuma y’inama ihuza abashikiranganji b’imigenderanire mpuzamakungu, Uburundi bwarashizwe ku rutonde rw’ibihugu 16 muri Afrika bizofashwa imbere y’ibindi n’igihugu c’Ubufaransa. Ivyo vyashikirijwe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 31 Mukakaro 2013 na Jean-Marc Ayrault, umushikirnganji wa mbere w’Ubufaransa.
Twisunze ivyashikirijwe na Helmenegilde Niyonzima, intumwa idasanzwe y’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho yamenyesheje mu nama y’umutekano i Washington ko ubukene bwiyongereye mu Burundi, iyo ngingo yaraye ifashwe yo gushira Uburundi mu bihugu bizokwibukwa ubwa mbere ni iyo gushima.
Ariko rero, umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa Jean-Marc Ayrault yamenyesheje ko Leta yiwe izokwitaho cane kugenzura ko bakorera ku mugaragaro hamwe no gusuzuma ingene amafaranga azoba yatanzwe akoreshwa.
 
- Jean-Marc Ayrault, umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa
Igihugu c’Ubufaransa gisanzwe kigira kane kw’isi mu bafasha categuye mu mwaka w’2013 amafaranga angana n’imiriyaridi 9,4 z’amafaranga y’amanyaburaya azokoreshwa mu gushigikira imigambi y’iterambere y’ivyo bihugu 16 vyashizwe imbere, arivyo Burundi, Bénin, Burkina Faso, Centrafrique, Djibouti, Comores, Ghana, Guinée, Madagascar, Mali, Mauritanie, Niger, RD Congo, Tchad, Togo, Sénégal.
Egide Nduwimana
