IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburusiya bugiye kunagura imigenderanire n’igihugu c’Uburundi

Uburusiya bugiye kunagura imigenderanire n’igihugu c’Uburundi

lundi 2 Kigarama 2013

Uwuserukira Uburusiya mu Burundi, Vladimir Malyshev mu mubonano yahawe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yemeye ko igihugu ciwe kigomba gusubira kunagura imigenderanire n’igihugu c’Uburundi mu gihe yasa n’iyicumbagira guhera mu mwaka wa 1990.

Malyshev yavuze ko yari yaje mu gihugu c’Uburundi mu ntumbero yo gukeza Bernard Busokoza aheruka kugenwa mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yongere anamwipfurize kuroranirwa mu mabanga yiwe mashasha. Mbere yaciye anamwifuriza umwaka mwiza w’2014.

Ku bwa Malyshev, intambara igihugu c’Uburundi caciyemwo yatumye imigenderanire mu vyerekeye imibano n’ubutunzi isa n’iyizingama. Muri iyo myaka y’1990, Uburusiya bukaba bwarafashanya n’Uburundi nko mu butunzi, mu nkino n’imico kama ,mu ndero hamwe no gufasha abamerewe nabi.

Uwo mubonanokandi, kakaba kari akaryo ko guhanahana ivyiyumviro, ukungene iyo migenderanire yosubira kunaguka. Abo bategetsi bose baremezanya ko mu vya poritike ho vyari bikimeze neza, kugira bongere bayiteze imbere ariko mu vyerekeye iterambere, nko mu bisata vy’ubutunzi hamwe n’imibano bikwiye kunagurwa.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza nawe yanezerejwe n’ukungene Uburundi bugiye gusubira kunagura iyo migenderanire, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gatarina Mabobori.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.