IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushinwa : Kaminuza zibiri za Leta y’Uburundi zaronse imfashanyo

Ubushinwa : Kaminuza zibiri za Leta y’Uburundi zaronse imfashanyo

lundi 6 Rusama 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6 Rusama 2013, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Petero Nkurunziza yahaye umubonano abari mw’ishirahamwe ryo gufashanya hagati y’Ubushinwa na Afrika.

Abo bagize iryo shirahamwe, baje bikoreye agaseke k’imfashanyo ingana ama dolare y’abanyamerika ibihumbi 15 agenewe kaminuza y’Uburundi hamwe n’ishure kaminuza nderabigisha ENS.

Ako gaseke kakaba kemewe gutangwa kuri uyu mu goroba w’igenekerezo rya 6 Rusama, mu rugendo rwateguwe n’izo ntumwa z’ishirahamwe ry’abashinwa.

Nkuko bishikirizwa na Willy Nyamitwe icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu, ngo Umukuru w’igihugu yaciye afata akanya ko gushimira igihugu c’Ubushinwa kumfashanyo bemereye Uburundi igihe hari inama rukokoma i Geneve k’ukibazo co gufasha Uburundi mu mwaka uheze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.