IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwamenyesheje ico bwagiriza Muhizi Roger umunywanyi wa (...)

Ubutungane bwamenyesheje ico bwagiriza Muhizi Roger umunywanyi wa MSD

lundi 2 Ruheshi 2014

Muhizi Roger, umunywanyi w’umugambwe MSD yaheruka gukurwa mu bitaro akajanwa mw’ibohero, yagirizwa ivyaha bitatu arivyo ugukubagura abaporisi (lésions corporelles volontaires graves à l’endroit des policiers), ugutukana (outrages), hamwe n’ukuja mu migumuko n’akajagari (violences et participation à un mouvement insurrectionnel).

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnès BANGIRICENGE amenyesha ko Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD yakuwe mu bitaro kubera umuganga yariko aramukurikirana yemeje ko abona yakize ashobora gutaha. Nk’uko bisigurwa na Agnès BANGIRICENGE, uwo munywanyi wa MSD Muhizi Roger yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuko ubutungane bw’Uburundi bwari busanzwe bumurondera ku vyaha yagirizwa, inyuma yaho afatiwe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014 ku ngoro y’umugambwe MSD ahariko habera imishamirano hagati y’abaporisi n’abanywanyi ba MSD. Muhizi Roger akurikiranwako ivyaha bitatu arivyo ugukubagura abaporisi (lésions corporelles volontaires graves à l’endroit des policiers), ugutukana (outrages), hamwe n’ukuja mu migumuko n’akajagari (violences et participation à un mouvement insurrectionnel).
Mwomenya ko abandi indwi bari mw’ibohero rikuru rya Mpimba bagirizwa ivyaha bimwe na Muhizi Roger bamaze gucirirwa urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

JPEG - 42.3 ko
Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD

Muhizi Roger, ni umwe mu rwaruka rwafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Amaze umunsi umwe afashwe, yaciye ajanwa kuvurizwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuko yari yarashwe ku kuboko kw’iburyo, ubu ukwo kuboko kukaba kurimwo icuma. Kuri uwu wa kabiri, ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bamumenyesheje ko yotaha, nawe ababwira ko yumva akirwaye, aho mukibuka ko urupapuro rw’ukumusohora rwaziye rimwe n’umutahe w’ukumuhagarika. Inyuma y’ukumucisha muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura, Muhizi Roger yaciye yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba.


Egide Nduwimana

Messages

  • Eka nuyo nasangeyo bagenzi biwe yibereyo imisi asigaje yo kubaho. Uwababeshe nawe ariko yinywera imivinyu myiza myiza yo hanze mwebwe muhendwa nk’ivyana bitagira imitwe bitiyumvira

  • Ewe Philbert uri ikigugu,mbe umwe Rwembe yaca imitwe abantu yaciriwe uruhe?Ubwo bunyamaswa bwanyu ntaho buzobashikana,muzoheza nabi mwe nabo ushigikiye,ntiwarusha Radjabu,Manasse gukorera iyo CNDD-FDD

  • Wewe ko wamubonye ariko arayica ko utamufashe canke watinye ko awuguca nawe hahaha!!! Ibihe vyarahindutse

  • Ihoreri ihorere mwananje Roger, sijewe nanje nabigize, ni Alexis sinduhije yabigize, yabayoboreye mubidakoreka, kandiiii-ntabwenge yabarusha, bwogutandukany’icatsinururo. Kubwivyorero ntakibuza, kwahobukera gashokakurindiriye. Ariko Alexis akaguru yarenganije kukandi akurebera muti computer aciye kuri www.igihe.org ukuntu ugaramye mubutanda nakabokokawe ujenjekeye. asoma ivyanditwe yongera yihereza akanyobwa ashaka, kumutima ati: utarose agayfa ntaronka agakira, atirero Roger niwigaramire ngahokubutanda bwabarwayi aitiyontagutanga simbandino Buraya atabavyeyibakuvyaye barakoze.

  • Wewe wiyita philbet ese wogirubwenge mbega wewe wibaza ko bazogumayo hewe intahe niyafat’ijambo muzojugumira hewe igihe mutwaye sico musigaje ntan’uzohunga kuko turababona ariko tuzobagirira ikigongwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.