IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubuyobozi bw’ibohero rya Mpimba burahakana ivyo bwagirizwa

Ubuyobozi bw’ibohero rya Mpimba burahakana ivyo bwagirizwa

jeudi 12 Ruheshi 2014

Uwurongoye ibohero rikuru rya Mpimba arahakana amakuru avuga ko yankiye umuhisi Alexis Nimubona kujanwa kwa muganga. Uwo muyobozi wa Mpimba avuga ko umunsi bamuhamagara bamubwira ko umupfungwa Alexis Nimubona arwaye, yaciye atanga uruhusha, aho hakaba ari umuhisi yaca atwarwa kwa muganga hamwe n’abandi banyororo bari barwaye.

OPC1 Bruno Niyonzima arongoye ibohero rikuru rya Mpimba arahakana ko atigeze yanka ko Alexis Nimubona ajanwa kwa muganga. Uwo muyobozi avuga ko umunsi abibwirwa, yahamagawe n’abandi baporisi kuri ngendanwa yiwe ku mugoroba wo ku w’Imana, bamubwira ko hari abanyororo barwaye harimwo na Alexis Nimubona, aca atanga itegeko ko babatwara kwa muganga. Abandanya avuga ko yanaciye ku bitaro Prince Regent Charles agasanga umuhisi Nimubona Alexis ari mu cumba c’indembe.

JPEG - 34.9 ko
OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba

Ku kibazo c’uko hamaze gupfa abanyororo 2 bivugwa ko vyatumwe n’uko babuze uruhusha rwo kuja kwa muganga, OPC1 Bruno Niyonzima yishura ko bafise ivuriro aho mu Mpimba, iminsi yose mu gitondo akaba aronka icegeranyo c’uko abanyororo barwaye bameze, ari naco gituma abarwaye bose barekurirwa kwivuza, kiretse nk’igihe habuze abaporisi babaherekeza kuko bafise bake.

Ariko rero, naho OPC1 umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko uruhusha batarwimana, aremera ko rimwe na rimwe abanyororo bateba gushikanwa kwa muganga, ivyo navyo bigaterwa n’uko ibohero rya Mpimba rifise imodoka imwe rudende, ivyo rero bigatuma barinda kurondera izindi modoka z’abikorera ivyabo iyo abanyororo babaye benshi.
Ku bwiwe rero, abavuga ko ubuyobozi bwa Mpimba bwimanye uruhusha rwo kujana umuhisi Alexis Nimubona kwa muganga, bavuga ivyo batatohoje neza.

Uwo mupfungwa Alexis Nimubona yitavye Imana abaye uwugira kabiri mu kiringo c’amaze atatu gusa, akaba akurikiye Bienvenu Busuguru, nawe nyene umuryango wiwe ukavuga ko yankiwe kuja kwivuza hakiri kare ingwara y’igituntu yanduriye mu Mpimba.

Amakuru ava aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko Alexis Nimubona yari yinjiye ibohero mu kwezi kwa Ndamukiza 2013, yagirizwa icaha co kutubahiriza amasezerano, ico caha kikaba kitari bwamwagire.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Bantumwigira komuragakomeye mumenye kubuzima aramazi aseseka ntibayore kandi umuntu arinkuwundi Imana ikwakire muhanyi

  • Igihe tubwire,neza icaha yagirizwa ?aho kutubwira kwubahiriza amasezerano nukuvuga iki ?

  • Uwashengeye Imana imushire ahoyamuteguriye, Hanyuma jewe numvirije ivyuyu mukuru wibohero rya Mpimba avuga, binyumvishako abavugako yima uruhusha abanyororo barwaye rwokujakwivuza bamubeshera gose. Barundi mwese ndabasavye mugerageze kugabanya kuzamuragereka inkono ishushe bagenzibanyu, icodukwiyekumenya nuko nahariya muntara za ........ hariho abantu bataribake bashengeye kuryamusi nyene kandi bataribari mumunyororo, bivuziki? Bivuzeko kubamumunyororo ntibisigurako udashobora guhitanywa ningwara nkuko nabatari mumunyororo nabonyene urupfu ntirubarabira. Uwomukuru wibohero rero mwomuha amahoro nambamudashaka kwiyanduriza ubusa kw’Imana. Amahoro abane namwe ndahojeje umuryango wabuze twese niyonzira vyasebikunze.

  • Ntakintu kibabajnkugusibanganya ubuzima bwa mugenzaw kandi uziko naw inzira arimwe,Barundi dupfiki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.