IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bw’inyigisho mu ntara ya Ngozi bariteguriye intango y’ishure (...)

Ubuyobozi bw’inyigisho mu ntara ya Ngozi bariteguriye intango y’ishure shingiro

lundi 5 Myandagaro 2013

Ubuyobozi bukuru bw’inyigisho mu ntara ya Ngozi buriteguriye intango y’umwaka w’ishure shingiro uzotangurana n’umwaka w’ishure 2013-2014.
Kuri ubwo, abanyagihugu barafashije mu kwubaka amashure shingiro kandi n’abigisha barakwirikiranye inyigisho zo kwongerereza ubumenyi mu vyerekeye iryo shure shingiro.

Ikigega Fonic kikaba caratanze imifuko y’isima kugira bashobore kurangiza inyubakwa zitarahera, mu gihe ibirasi bimwe bimwe bitarahera gusasa amabuye hasi hamwe n’intebe zitarakwira.
Ubuyobozi bw’amashure bwaramenyesheje ko bategura kuzotanga akazi ku bandi bigisha, hakaba hazobaho abazosubirira babiri ku mashure shingiro asanzwe ari hafi na hafi.

N’aho atakirategurwa ku bazosubiramwo umwaka, ubuyobozi bw’amashure mu ntara ya Ngozi buzokwakira abanyeshure bagera ku 9961 muri uwu mwaka w’ishure 2013-2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.