IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Ubwicanyi bwahitanye abantu batatu mu Rwanda

Ubwicanyi bwahitanye abantu batatu mu Rwanda

jeudi 30 Rusama 2013

Umugabo azwi kw’izina rya Uwihoreye Jean w’imyaka 31, ubu ari mu minwe y’igipolisi ariyemerera ko ariwe yakoze ico caha co kugandagura abantu batatu, abatemye izosi, ariko akavuga ko yabitumwe n’akaborerwe.

Abantu babiri muri abo batatu bagandaguwe, uwo yabishe yavuze ko yatonganye nabo aheza abona kubica, uwa gatatu nawe yamutemye aje gutabara.

Ku kibazo co kumenya icatumye akora iryo bara, Uwihoreye John avuga ko uretse inzoga, batanguye batukana n’abo bagabo babiri.

Igipolisi co mu gihugu c’Urwanda kivuga ko hari hasanzwe hari ubwicanyi bufatiye ku matati y’amatungo mu miryango, ariko ivyaraye bishikiye abo bagabo batatu vyatewe n’akaborerwe.

Abo bantu bishwe i Muhanga mu gihugu c’Urwanda bakaba ari Habiyaremye Felix w’imyaka 29, Bagaragaza John w’imyaka 28 na Harerimana Emmanuel w’imyaka 40 ari nawe yariko agerageza guhoyahoya aho Uwihoreye Jean yaca atema abo bariko barashwana, aca amwirukako kugeza igihe yamufatiye nawe aramutema.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.