IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda : Stella Nyanzi yagirizwa gutuka umukuru w’igihugu yarekuwe

Uganda : Stella Nyanzi yagirizwa gutuka umukuru w’igihugu yarekuwe

jeudi 11 Rusama 2017

Stella Nyanzi yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza ,inyuma yo gushira amajambo avuga ku mupfasoni w’umukuru w’igihugu Janet Museveni ku buhinga ngurukanabumenyi.

Bitegekanijwe ko urubanza rwa Stella Nyanzi ruzoba kw’igenekerez rya 25 Rusama,umwaka wa 2017 aho azokwitaba yidegemvya.

Kuva kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza,umwaka wa 2017, Stella Nyanzi yari apfunzwe ivy’agateganyo yagirizwa ko yatutse umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni.

Stella Nyanzi asanzwe ari mu baharanira agateka ka zina muntu mu gihugu c’Ubuganda, akaba akora ubushakashatsi mu bijanye n’igitsina ku mugabane wa Afrika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.