IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda: Yoweri Museveni azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru (...)

Uganda: Yoweri Museveni azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

vendredi 31 Mukakaro 2015

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni azosubira kwitoreza kurongora igihugu c’Ubuganda,aserukiye umugambwe NLM usanzwe uri ku butegetsi.

Amama Mbabazi, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu yari yizeye ko umugambwe uri ku butegetsi uzomutanga kugira awuserukire muri ayo matora,ariko uno munsi siko vyabaye.

Amama Mbabazi yaneguye cane Yoweri Museveni amwagiriza kwigungirako ubutegetsi.
Kuwa gatandatu igenekerezo rya 1 Myandagaro,niwo munsi ntarengwa w’abashaka kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, kw’ izina ry’ umugambwe uri ku butegetsi kuronka impapuro zibisaba.

Ibi bibaye mu gihe haheze iminsi mike, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama asavye abamaze igihe kirekire ku butegetsi ku mugabane wa Afrika kuburekura.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Haaa!!! Bantu Bomuri Opposition Muragabe Uwo Yitwa Umuhuza, Ivyiwe Ntimubibonye Hari Ikindi Mukimuzeyeko? Erega Ntawusangira Intama N, Uwuyirya.

  • ntakundi ariko amakungu akwiye guhagurukira abakuru bibihugu baguma banigira mumeshi abagomba kwitoza mubibanza vyabakuru bibihugu mbere bagakoresha ninguvu zikomeye cane ntivyumvikana, none yariyaje muburundi gukoriki kandi nawe ariko arahonyanga amasezerano kubihugu? ntawe dukeneye muburundi murakoze.

  • Wirambire mutama kugihugu case Uganda ubandanye ugitezimbere

  • LOLILO iyo nyifato yabaperezida bomuri afrika irateye isoni,none biyumvira kwari bashoboye gutwara bonyene? tuzobatanga kumana tubicishije mumasengesho bizohigura nayo, kuko buba arubusuma bariko bakoresha, hama ndashimiye RWASA AGATHON yitanze ngumuriro warutanguye gukara mubanywanyi biwe kuko harabapfuye, harinabapfungiwe imuyinga bafatiwe muruzo komin giteranyi ndets barinomumabohero atandukanye nabavuganire asabe barekugwe kuko ntaco bazira.ariko! abafatanwe ibigwanisho bakurikiramwe,ariko barya bimuyinga bararengana kuko ntanumwe mubafashwe arimwo nibabitohoze neza

  • abigumiza kubutegetsi ntibaba bakundigihugu nagatoya muga banka gutegekwa n abanyamahanga nka ka Obama.

  • Wa muhuza w’abarundi! Ntawurebganwa n’Imvuvyi ngo yitware k’Unsato!

  • emma

    nimumureke uwomutama arashoboye, kandi abanyagihugu biwe bamwemereye ategerezwa kwitoza. Erega abanyagihugu ba africa batora uwobabona azobateza imbere akabaha namahoro mugihugu cabo. OBAMA nawe nareke kwivanga mubitamuraba iyi ni africa si america.

  • ewe emma namba abafise mwo incuti, naho woba uri denise uri urujuju uuuuuuuuuuu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.