IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igiporisi carengewe n’ubwinshi bw’abantu bari bagiye kwigina irekurwa rya Bob (...)

Igiporisi carengewe n’ubwinshi bw’abantu bari bagiye kwigina irekurwa rya Bob Rugurika

mercredi 18 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’ingingo yo kurekura Bob RUGURIKA umuyobozi wa RPA, abantu isinzi bavuye hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura birutse baja ahakorera RPA. Abaporisi bavyifashemwo neza kuko atawe bariye n’urwara, bikaboneka boba bari barengewe n’ubwinshi bw’abantu bava mu mpande zose.

JPEG - 2.3 Mo
Intambo n’indirimbo imbere ya RPA

Kuva hasohotse ingingo yo kurekura Bob RUGURIKA, abantu batanguye hagenda bake bake barimwo abana, abakuze bakorera mu buzi butandukanye. Bamwe bava ahahora hakorera isoko nkuru ya Bujumbura, abandi bava muma karitiye atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura baza mu mirwi, batera imvyino zitandukanye.
Ab’imiduga, amakinga, n’amapikipiki bavuza amahoni (Klaxons), tutibagiye abamenyeshamakuru bagenda ahakorera "Radio Publique Africaine". Imbere y’ahakorera iyo "Radio" hari isinzi ry’abanyagihugu batera indirimbo zitandukanye bongera batamba baririmba bati : "RPA yaratabaye".

Abo twavuganye bavuga ko bagiye gushigikira RPA kubera irekurwa ry’umuyobozi wayo, abandi bakavuga ko BOB RUGURIKA yari yafashwe kubera igitugu c’ubutegetsi, bagasaba rero hofatwa abo Bob RUGURIKA yavuze mu matohoza yagize.

Abantu bagumye bagwira aho bazunguruka imbere y’ahakorera RPA baririmba bafise ibiti, amababi, ubumwanya, n’impuzu zirimwo ibara ry’akatsi kabisi (vert). Abandi bafise igicapo kiriko BOB Rugurika naba babikira bicigwa mu KAMENGE. Tubibutse ko iryo bara ry’akatsi kabisi ryari rimaze iminsi ryambarwa ku minsi wa kabiri yose, ivyo bita "Mardi Vert". Muri iyo myiyerekano y’abanyagihugu, umuporisi canke imodoko y’igiporisi yarengana bayiha akaruru, ariko nta muporisi yigeze arya urwara umunyagihugu.

Amwe mu mafoto yerekana akanyamuneza k’abanyagihugu bari bishikiye ahakorera RPA

JPEG - 54.1 ko
Abanyaihugu bagira utugenegene ku nzu ikoreramwo RPA

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Niharambe ukuri kuri bose!turashimiye abacamaza bukuri baciye urubaza rwa Bob
    mbere babaye intwari mu butungane jew nobaha umudari w’inzahabu kuko bakoze kuri dossier ikomeye Bob yadomyeko uruke.kandi ndashimiye abanyagihugu bashitse ngaho bose jew naho ntahashitse naryohew bimwe ntovuga.Hama kirya kibanza uryamusazi arimwo sirwiwe n’icabicanyi bakoze riryabara hakwiye maridi vert kuriyo nzirakarengane idafise uwo iganyira.Ni harambe Bob na RPA n’UKURI mu Burundi.

  • Niharambe ukuri kuri bose!turashimiye abacamaza bukuri baciye urubaza rwa Bob
    mbere babaye intwari mu butungane jew nobaha umudari w’inzahabu kuko bakoze kuri dossier ikomeye Bob yadomyeko uruke.kandi ndashimiye abanyagihugu bashitse ngaho bose jew naho ntahashitse naryohew bimwe ntovuga.Hama kirya kibanza uryamusazi arimwo sirwiwe n’icabicanyi bakoze riryabara hakwiye maridi vert kuriyo nzirakarengane idafise uwo iganyira.Ni harambe Bob na RPA n’UKURI mu Burundi.

  • Burundais de qualité
    Osa dennocer le mal dans le nom
    Burundais sans Bourgeois!(sans oppression)
    Restaurant de la Justice
    Unité des Innocents
    Géant de bonne foi
    Usine de changement
    Routeur des démocrate
    Image de la justice
    Key de la vérité
    Ambassadeur du bas peuple
    Mes chers amis font la lecture silencieuse et attentive,vous allez de couvrir que ce petit est BOB RUGURIKA

  • yezu urakingira uburundi na barundi .

    ABICANYI BIHANE ,BAMBARE AMAGUNIRA ,BISIGE UMUNYOTA BIHANE KOBATAZOSUBIRA.HAMA TUZE TWIBERE MUBURUNDI BURIMWO AMATA N’ubuki.aho INTABWE NI NTAMA BIBANA MUMAHORO.

    INTABWE=CNDD FDD

    INTAMA=OPOSITION

  • Umwe yavuga ko abashigikiye Bob ari inkehwa nagaruke abisubiremwo!

  • Ntimwibukako aba sans echecs muri 1994, 95 na 96 bajagara uko nyene ababa mu miji murahabera amagabo

  • Ninjiye ahera cane yesu yanteguriye!!!!! oGHHHHHH KARIBU BOB amasengesho twarayeko ntazijana .............Umaana wumuntu asumbwa n,Imana kurya bigira ko ari ibinyamana wewe werekanye ukuri mukuvugishwa n Imana ntanarimwe uwasheshe amaraso azoshigikirwa ...Uwicishije inkota niyo izomuhitana ..........Uwukereye izosi uwundi nawe azorikererwa Turindiranye igishika izo nkozi zikibi bazinyonge mu maso yacu kuri stad twese tubona kandi tuzosidukana niyonka ,,,,,,,,,,,,,,Aba pentecote ba Eglise de pentecote de bUJUMBURA

  • q niharambe ukuri kuri bose.irekurwa rya bobo rugurika riranezereye cane.ese yemwe hoboneka imvuga kuri nka bobo rugurika nka cumi igihugu cokira.

  • Ntabwonshaka kumenamabanga ubonako rimwenarimwe hariho nabakundakumbwirako rimwenarimwe nkundagutombokwa, icatumye rerobamurekura kirazwi nawe arakizi ko aribanga ahobavyugariye ndaziko namwebwe murikomuratamba ntashobora kuzopfa akibabwiye muzoza murabibona bishizwe mubikorwa nanje nzoheza ndabibutse kwarivyonarinabahishije. Muncamake nuko icubutungane bwashaka bwakirose, mazenamwe murashinyika mutamba mwonona nibidukikije mutazibintu iyobiva niyobiva! Burya igihugu kibarigihugu.

  • M26 MURIPANZE HASIGAYE KO BABAHA INKOHO MUKORE AKAZI HAHAHAHAHAAAA

  • ABAZITOZA MUKIBANZA CUMUKURU WIGIHUGU BARAHAYE BARAMENYEKANA: UWAMBERE UWUZOSERUKIRA UMUGAMBWE RPA; BOB RUGURIKA: UWAKABIRI UWUZOSERUKIRA URUNANI RANAC; AGATHON RWASA: UWAGATATU UWUZOSERUKIRA URUNANI ADC=IKIBIRI; LEONCE NGENDAKUMANA: UWAKANE UWUZOSERUKIRA UMUGAMBWE CNDD=FDD; PETERO NKURUNZIZA

  • yaaaaaaaaaaaa!!!!!!!!! ,nuko bimeze? ewe regideso udufatiye amaboko imugongo kubona ntiboneye ku radio ariko ntaco igihe ntaco kiduhisha Imana igihezagire.
    Aho rero mbariza bamwe bitwaza amoko bambarireko abo bantu bose ari abatutsi, aho murabo bantu hari pacifique mwabonyemwo? Ico ni ikibiri gusa?? iyo ni ranac gusa? aho nta mu DD arimwo? yoooooooh pole sana ku bantu bamwa bamwe, HAHAHAHAHAH IYO NI INTANGO NDABARAHIYE.

  • Basha izi manifestations zirasa nizo nabonye mu Rwanda aho hambere kuri Havyarimana. Barundi tube maso!

  • la machine de la revolution en marche!!! iyo ni intangamarara, akari inyuma karahinda!!!! ba dd mwe nimwaba mufise amaso n’amatwi, nayo ubwonko n’umutima vyo ntimwavyigeze! shingaguza hakiri kare, ariko iyo mwerekeza ntaho nzi, kuko isi n’ijuru vyabadashwe!!!! LIBERTE DE BOB OYEEEEEEEEEEEEEEE !!!
    ico gipolisi naco, mbega kirarengegwa??? NA BADO!

  • Boboooooooooooooeeeeeeeeeee eeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeebobeeeeeeeeeeee

  • @zobandora ndagushimiye kuciyumviro utaze ubona kure ntanico norezako biratomoye komera ncuti... @igihe muratubwira aho Serge ageze wo muri,kabizi muzoba mukoze(uwaciye umugani ngo uheza guhemuka ibigori bikera )ntiyabeshe

  • TWESE ABANTU BAKUNDA UKURI TURANEZEREWE TWESE NTITWOZA KURI RPA N AHANDI .BOB NGUTAKE URI INTWARI INTWARI MU ZINDI URI INGERI BARIRIMBA .!!!!ARIKO WE NUWERA NIMPA AHUBWO UTARI NUWIRABURA!!!!ARIKO BA PETER MWE NA KABURUNGU YABAHAYE ISUPU AKUYE HE???KO MWAGUVYE WE NTA BANGA UZI URABESHA UBUZE UKO UGIRA NTA SONI KUBURA ICO UVUGA ????!!!!UMUSI BAGUHINDUTSE UZOBIBONA...WAIT AND SEE

  • wamusazi baremeka ikono ishushe nibamurekure rero kandi bongere banamushumbushe ko abicanyi bamaze kuboneka nibamureke yidegevye.

  • NANJE NDARYOHEW KUBONA UKURI GUTSINZ IKINYOMA!BOB KOMERA NCUT NDINYUMA YAWE!!

  • Chaque histoire a une face cachée.Burya nahijororo riba rirerire burateba bugaca;ico ntagikekeranya nuko nohakana ko imyiyerekano ishoboka kuk nabonye ko abarundi barambiw nagacinyizo,mbega hakubaguw uwuvugirwa nabose harakantu nyarucari we?Haaaaa, uzoramba azobona pe!

  • narababwiye ko ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka none ntavuyeyo bamwe biyita amazina ngo nwari,uwera,nabandi icobanyereka ariko nuko mutamaramara ntakinanira Imana viva boboooooooooooooooo!

  • Nsabe Imana mushobora vyose ikure urya muntu mw’ibohero kuko arwaye mumutwe. Hanyuma asubirirwe n’abakoze ibara kuko bamaze kumenyekana. Ataraho twebwe abanyagihugu tuzomubohoza bidatevye.

  • ivyo nivyo mwabonye akarinyuma karahinda .niki juju cobivuga.isinzi ryabarundi bari ngaho.amatora natacungerwa bikwiye cndd yateguye kuyatsinda ibice 56 kwijana none gabarundi ivyo mwabonye kubahishikiye bazoyakuraheee??????????

  • ivyo nivyo mwabonye akarinyuma karahinda .niki juju cobivuga.isinzi ryabarundi bari ngaho.amatora natacungerwa bikwiye cndd yateguye kuyatsinda ibice 56 kwijana none gabarundi ivyo mwabonye kubahishikiye bazoyakuraheee??????????

  • NTIHAGIRE UWITIRANYA IVYA BOB RUGURIKA NA ADC OU RANAC OU CNDD FDD. GUSA IKINTU NABONYE ABARUNDI TURANYOTEWE UKURI NUBWIGENZE. MBONA LETA IKWIYE KWIKOSORA MUKWIKINGIRA REVOLUTION. INTANGO YIKINYORO NIGISEKERA . BE FREE WITH BOB

  • nibomoke bahunge twarambiwe

  • bob nakomere biboneka ko abamukunda baruta abakunda peter nkurunziza

  • @kwizera nimba wiheze ndagusavye usabe ikigogwe ,kuko urabesheye jewe sinigize nadika ko yoguma mumunyororo !!!!!undemetse inkono ishushe kabisa

  • Ewe nkurunziza urababaje!uwuguhanuye ucisha ku buhomba nn ugiye kuba uwande ko aba dd benshi bakuvuyeko kubera ubujuju bwawe.Ikureko Dolofo canke twebwe abenegihugu tumugukureko ahandiho bababohana mwese i lahaye ndakurahiye.ceda igihugu mutamantakundi ahandiho ivyago cumi nka bimwe farawo yatezwan,uwuhoraho biragushikira vuba.Bye prezida na equipe yawe mugabosi alleluia mvuze

  • Nukuri birahimbaye cane ukuntu abanyagihugu bariko baritanga mukwereka reta uruhara bafise mukwiyamiriza akarenganyo kari muburundi barundi kanura, shira ubwoba banyagihugu oyeeeeee!

  • Ntwari zuburundi ntizizoshira naho mwoteka amabuy agasha! bob komera kubutwari werekanye juzayidi

  • [21/02/2015 à7:12] Meilleurs Voeux:
    Ejo niho Bob Rugurika yararekuwe uba umunezero
    kubarundi twese! Mugabo ico nashoboye kubona
    nuko abashoboye kuja mw’ibarabara 90% bari aba
    bakurikira:

    1)abatazi igituma PETERO NKURUNZIZA yagiye
    mw’ishamba

    2) abatazi kahise kabo batabona nakazoza kizo
    societe civile

    3)abatazi yuko muri 2010 RWASA yari yaronse
    amajwi menshi cane agahendwa nabamwe ngo
    bave mumatora

    4)abatazi ko RPA ari iradiyo ikurikira umukuru
    wumugabwe MSD

    5)abatazi ko PACIFIQUE NININAHANZWE avuka
    ku muvyeyi w’umuhutu n’umututsi

    6)abatazi yuko NDADAYE yapfuye akicwa
    n’abarundi ariko atamyigaragamvyo nimwe irabaho
    mugihugu isaba ko abamwishe bohanwa
    namategeko

    7)abatazi yuko umukuru wurwaruka rwa ADC ikibiri
    yarekuwe habura numwe aja kumutegera

    8)abatazi yuko RUVAKUKI igihe yamaze muburoko
    cari kinini kuruta ica RUGURIKA ariko ata sinzi
    ry’abantu ryagiye kumusanganira arekuwe

    9)abatazi yuko muburundi hari societe zirenga 320
    ariko atamahinguriro arenga 20 dufise (izo
    ncabwenge zizishinga societe civile ko zidashinga amahinguriro ngo zibahe
    akazi?)

    10)abatazi yuko kuva uburundi bubaho hari
    abarenganijwe ariko izo societe civiles zitigera
    zivuga

    11)abatazi yuko hari umu docteur mpuzamakungu
    yiciwe muburundi ariko ata societe civil yigeze
    ikura akarimi mukanwa

    12)abatazi yuko societe civil ari abanyepolitike
    mubandi ico badahuje niyindi migambwe gusa ari uko batarabimenyesha abarundi namakungu kumugaragaro.

    Iyi msg yirungikire abantu cumi gutyo uzoba ufashije gutsimbataza democratie yabene gihugu

  • Abashigikiye manda ya gatatu ya Petero ni abansi buburundi bakunda inda zabo gusa,ntibakunda imiryango yabo.mbega iryo bombora bombora aba DD barimwo sinda zidahaga?Onesime,nabatwara documentation bazize iki?bazize ukuri kwabo nukwankwa akabi.ba DD ikure abo ba DD banka uburundi mugumane abafise ubuntu,batari abicanyi.

  • Mana Warakoze Cane Kuba Bobo Baramurekuye Bamurekuye Abarundi Beshi Barushe.Kuko Ataco Yazira Icanezeye Nuko Abarundi Twese Twasa Nkuko Natwe Twaridu Fuzwe.Kuko Twifatanije Twese Kwambara Imhuzu.Zisa Nkugwatsi Rubisi.Igitangaje Nuwudafise Uwupira.Yambara Isashe Isa Nkugo Gwatsi.Bobo Yarikumwe Ni Mana Kuvyoyakora Vyose.Bobo Imana Iguhezagire,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.