IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ukutumvikana kwibonekeje hagati y’abaserukira abandi muri kaminuza za (...)

Ukutumvikana kwibonekeje hagati y’abaserukira abandi muri kaminuza za Reta

lundi 21 Ndamukiza 2014

Ukutumvikana kwadutse mu banyeshure bo mu makaminuza za Reta, kuva aho umwe mu baserukira abandi asohoreye itangazo ryo kubahamagarira gusubira kw’ishure, bikavugwa ko atabanje kugisha inama bagenzi biwe.

Mu gihe abenshi bizera ko ibibazo biri muri kaminuza za Reta bigiye guhera kuva umunsi umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ahinduriye zimwe mu ngingo bavuga ko zugara imiryango ya kaminuza ku mwana nyarucari, ibibazo vy’abo banyeshure ntibisa n’ibiriko biratorerwa umuti vuba.
Umwe mu banyeshure baserukira abandi muri kaminuza za Reta, Epitas Ndayambaje yaraye ahamagariye abandi kwitaba akamo batewe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Ariko abanyeshure bagenzi biwe bavuga ko atigeze agisha inama abaserukira abandi, eka mbere bavuga ko ataribo bamutumye.

JPEG - 14 ko
Epitas Ndayambaje, umwe mubaserukira abanyeshure ba Kaminuza yagirizwa ko yafashe ingingo wenyene yo guhamagarira abanyeshure gusubira kwiga

Tubibutse ko inyuma y’itangazo ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abanyeshure baserukira abandi baciye bahaguruka bariyamiriza ko batagiye gusubira mu mashure mu gihe umukuru w’igihugu atohindura itegeko ryiwe, kuko ayo yandi mabwirizwa y’umushikiranganji yaje yisunga itegeko ry’uguhindura uko agafashanyo katangwa, ryari ryashinzwe n’umukuru w’igihugu. Muri iryo tegeko abo banyeshure biyamiriza nk’ingingo ya 24 y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rivuga ko uwusubiyemwo umwaka atazoronka ako gafashanyo.

Mukamenya rero kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya 21 Ndamukiza ariryo sango umukuru w’igihugu yari yasavye ko abo banyeshure bosubira kuja mu mashure.


Floxella Karire

Messages

  • Uheza guhemuka ibigori bigaca vyera namenyeko ahemukiye abantu benshi nawenyenearimwo.

  • Ivyobavuga nukuru none bemere ibintubizabibafata mukanigo
    leta ntibakiyizeye ntahobittandukaniye nabimwe abanyamigambwe basezerana mukayanza gushikanubu ntanakimwe cigezegikorwa ahubwobateye batubanganya nutwagendeka nibatange cank bihubuki ash dd yaraduhemukiye

  • Jewe hari ibintangaza,mbe uwo BUKUMI nikubera iki asimbira kuri Epitas?erega ni iciyumviro ciweee!kandi kiratomoye kuko<umwana azi ubwenge agaya amira>kandi abanana bibuke umugani wa<buzire ndabwirireee!>kuko ntabwenge bariko bakoresha kiretse ko bariko bahendwa nabanzepolitique.EWE GUHENDWA WITWA NGO WARIZE!NIBARAAA!

  • Nibugare amashule,ingingo zitahavuy ntakizopasa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.