Accueil > Ubutunzi > Umugambi uzoshigikira aborozi 300 b ‘inzuki
 Umugambi uzoshigikira aborozi 300  b ‘inzuki
 Umugambi uzoshigikira aborozi 300  b ‘inzuki
				
				mercredi 6 Ruhuhuma 2013
Nk’uko bishikirizwa n’umuhuzabikorwa ashinzwe uburimyi n’ingaburo mu gisata c’imigenderanire y’u Burundi Pays de la Loire Mathilde Popineau, ngo ubuki buri n’akanovera, naho mu Burundi batitaho kubuhingura. Ivyo akaba yabivugiye mu ntara ya Cibitoke, ahariko hatanguzwa inyigisho kubazigisha abandi ubwo buhinga, mu kigo CFR, kuri uyu wa 4 Ruhuhuma 2013.
Aborozi b’inzuki barenga amajana atatu nibo barabwa n’uwo mugambi uzomara ikiringo c’amezi cumi n’abiri. uwo nawo ukaba uzotwara amahera y’amanyaburaya 48000. Igice kinini c’ubwo buryo kizotangwa na Pays de la Loire ikindi naco kive mu banyagihugu.
Kubw’umupfasoni Popineau, ngo uwo mugambi ugamije kuzamura ubworozi bw’inzuki mu ntara ya Cibitoke kugira abanyagihugu babashe kwiteza imbere. Yaramenyesheje ko Pays de la Loire zikorera hano mu Burundi kuva mu 2008 mu bisata bitandukanye, nk’amagara y’abantu, ukwinonora imitsi, ibidukikije, uburimyi n’ingaburo.
Ku ruhande rwiwe, umuyobozi w’ico kigo Julien Ndikumagenge, yamenyesheje ko CFR ikorera mu vy’ubworozi bw’inzuki kuva mu 1970, ngo bakaba bagiye barakorana n’abahinga b’abataliyano, abafaransa, abanyakanada n’abaswise gushika mu 1987
Jean Michel Ndayikengurutse

Messages
30 Myandagaro 2016, 23:36, par BEIC
EGO