IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo kunganisha imishahara wabaye urahagarara

Umugambi wo kunganisha imishahara wabaye urahagarara

vendredi 10 Nzero 2014

Abakozi bahurikiye mu runani mpuzamasendika COSYBU (Confédération des Sendicats du Burundi) nibo boba batumye umugambi wo kunganyisha imishahara utaja mu ngiro kuko batemeye ivyo umuhinga mpuzamakungu yakurikiranye ico kibazo yari yabashikirije.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo, umushikiranganji w’abakozi ba Reta Annonciata Sendazirasa yamenyesheje ko umugambi wo kunganyisha imishahara usa n’uwabaye uratenyenya ku mvo y’uko habuze ukwumvikana hagati ya Reta hamwe n’amasendika ari mu runani mpuzamasendika mu Burundi COSYBU (Confédération des Syndicats du Burundi).

Umushikiranganji w’abakozi ba Reta Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko umuhinga mpuzamakungu yari yaje kugira yige ikibazo co kunganisha imishahara mu gisata c’akazi ka Reta (politique salariale du secteur public) mu Burundi, aho yari yasavye ko umugambi wo kunganisha imishahara utoca uja mu ngiro ubwo nyene, ahubwo ko hoja mu ngiro intambuko zitandukanye zigana kuri uwo mugambi atari umugambi uca uja mu ngiro wose ubwo nyene mu mwaka w’2014 nk’uko COSYBU yavyipfuza.

Kubw’umushikiranganji w’abakozi n’akazi, Annonciate Sendazirasa, iyo abo bahurikiye muri ayo masendika baba baremeye ivyari vyasabwe n’uwo muhinga mpuzamakungu, Reta iba yarashize uwo mugambi mu ngiro muri uwu mwaka urangiye w’2013.
Mu kurindira rero ko impande zose yaba Reta yaba amasendika ko bumva co kimwe ico kibazo, bashimye kuba baratenyenya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.