IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umugambi wo kurungika abigisha aho bakenye uzobandanya

Umugambi wo kurungika abigisha aho bakenye uzobandanya

dimanche 30 Ntwarante 2014

N’aho Reta yari yarafashe ingingo ko ahari abigisha benshi b’umurengera ku mashure, boza bararungikwa ahandi kugira ntihagire ahaguma hari benshi ahandi naho atabariho, n’ubu ntibiraja mu ngiro hose.

Icegeranyo cerekana ingene ibitigiri vy’abigisha vyifashe mu mashure matoyi n’ayisumbuye cashikirijwe n’umushikiranganji w’amashure matoyi n’ayisumbuye, imyuga no kwigisha abakuze gusoma no kwandika. Ico cegeranyo kirerekana ibitigiri vy’abigisha, ivy’abanyeshure, ibitigiri vy’abigisha bakenewe aho basanzwe badakwiye, abarengako n’ahasanzwe hari benshi.

Ico cegeranyo kiratondeka amakomine gikurikije ingene asumbanya ibitigiri vy’abigisha. Biribonekeza ariko ko no mu makomine ko amashure atanganya abigisha kuko naho hari abagiye barungururizwa ku mashure abakenye gusumba ayandi mu mwaka wa 2011, amashure ari mu bisagara arirukirwa kuruta ayari kure. Muri Reta naho, babona ko umugambi wo kurungika abigisha aho bakenye wobandanya, abigisha b’umurengera bokwungururizwa ku mashure abakenye, hanyuma hakaronswa akazi bashasha kuri aho vyoba bikenewe gusa.

Naho ariko Reta iriko irabandanya gutanga abo bigisha aho bakenye, mwomenya ko ibiharuro bitangwa mu Burundi vyerekana ko abanyeshure nabo baheba amashure ari benshi mu ntara zimwe zimwe z’igihugu, aho bamwe bitwaza ubukene buri mu miryango yabo, abandi nabo, bagaheba amashure kugira baje kwubaka izabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.