IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu ca Bénin yari yitezwe i Bujumbura ntiyabaye (...)

Umukuru w’igihugu ca Bénin yari yitezwe i Bujumbura ntiyabaye agishika

lundi 7 Kigarama 2015, par egide

Boni Yayi, umukuru w’igihugu va Bénin yari yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa mbere, akaba yari aje kubonana na mugenzi we w’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA,ariko urugendo rwiwe rukaba rwahavuye rusiba.

Vyari bitegekanijwe ko Boni Yayi na Petero NKURUNZIZA baganire ku vyokorwa kugira ibibazo vya poritike biri mu Burundi bitorerwe inyishu, akaba urwo rugendo yari yarusabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

JPEG - 42.4 ko
Boni Yayi, umukuru w’igihugu ca Bénin

Ibihugu bitandukanye bibandanya gusaba ko hotunganwa ibiganiro bidakumira, bihuza abegwa bose n’ibibazo vyo mu Burundi, ivyo biganiro bigatunganirizwa hanze y’Uburundi, birongowe n’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni.

Reta y’Uburundi siko ibibona

Musenyeri Justin NZOYISABA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko naho amakungu yasavye ko ibiganiro vyobera hanze y’igihugu, uwo murwi uzobitegurira mu Burundi, birabe abarundi bose, abari mu gihugu. Abari hanze muri uwo murwi bakazobasanga iyo bari.

Ku bijanye n’urwego CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, uwurongoye umurwi CNDI amenyesha ko abarundi bazokwitaba ivyo biganiro ku gatwe kabo, n’abari muri CNARED bakazoshobora kwumvirizwa batari mu runani, kandi abazokwumvirizwa akaba ari abadakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.