IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yasezeye isi

Umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yasezeye isi

mardi 11 Ntwarante 2014

Umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi uri mu kigandaro, inyuma y’urupfu rw’umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yahoze akorera insamirizi "ISANGANIRO". Abamuzi n’abakoranye nawe bamenyesha ko yakunda umwuga, agakunda n’abandi, cane cane akaba yari umuntu yitangira abandi, naho yaba afise nawe ibikorwa, akaba yashira imbere ugufashanya.

JPEG - 36.1 ko
Désiré NIYONDIKO yahitanwe n’indwara ya kanseri yo mu gitigu

Désiré NIYONDIKO yari amaze nk’umwaka wose batoye ko arwaye indwara ya kanseri y’igitigu (cancer du foie). Yaragiye kwivuza mu gihugu c’Ubudagi, mu nyuma abandanya akurikiranwa ku bitaro Bumerec i Bujumbura, ari naho yasandabiye.

Désiré NIYONDIKO asize umuryango ugizwe n’umupfasoni wiwe n’abana batatu bakiri bato. Abo bakoranye bamenyesha ko batazokwibagira inkuru zivanze n’impanuro yahora abaha. Muri ibi bihe bitoroshe ku muryango wa Désiré NIYONDIKO, uruganda rw’itangazamakuru rw’ikinyamakuru IGIHE rwifadikanije n’umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi mu guhoza incuti, ababanyi n’abagenzi b’umumenyeshamakuru Désiré NIYONDIKO yitavye Imana kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Ntwarante ku bitaro BUMEREC i Bujumbura.

JPEG - 134.5 ko
Abagendanye na Désiré NIYONDIKO bamenyesha ko yakunda akazi

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.