IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru w’umunyarwanda Besabesa aridegemvya

Umumenyeshamakuru w’umunyarwanda Besabesa aridegemvya

vendredi 19 Ruheshi 2015

Besabesa Mivumbi Etienne, Umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akorera ikinyamakuru IGIHE na Radiyo Izuba Rirashe yari amaze iminsi apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga yarekuwe.

Besabesa yarekuwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ruheshi.Nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mike,niho yinjira ku butaka bw’Urwanda,aciye ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda,i Nemba,mu karere ka Bugesera.

Akirekurwa Besabesa yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko umucamanza yamwagirije gusuma urusaku no kwinjira mu gihugu c’Uburundi kuhakorera akazi atabirekuriwe,amwagiriza ko yari yaje gufata amasanamu y’ibiziga mu kiyaga Rweru.

Uwo mu menyeshamakuru yavuze ko yisiguye ko naho yinjiye ata vya ngombwa afise,atari aje gusuma urusaku,kandi ko ata caha yahakoreye,rero ko ariko azira umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru.

Besabesa yasohowe ibohero rikuru ry’i Muyinga n’ubucamanza,baca bamushikiriza inzego z’i Gasutamo mu Rwanda.

Besabesa yari yafatiwe muri Komine Giteranyi yo mu Ntara ya Muyinga kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi,2015,aho yari agiye gutohoza amakuru ku bijanye n’imigenderanire no guhanahana ibidandazwa hagati y’abarundi n’abanyarwanda.

Messages

  • Imana Ishimwe.Mbega Ubutungan Bwuburundi?Bugahe Bugafunga Nabanyamahanga!Harakantu Imvukira?

  • IMANA ihezagire uwo mucamanza wewe yabonye koyazira ubusa akamurekura.ariko biteye isoni gupfunga umunyamahanga.twasaba nabandi bacamanza kobokwikubita agashi bakarekura abandi bapfunzwe barenganya.

  • Nizereko inyigisho abacamanza bacubu Burundi bamuhaye kwazozubahiriza ekambise agafasha nabandi biyumvira kobokwikoza nkivyoyariyokojeje mu Burundi agiye kugira icababwiye.

  • @ none ntimuze narimwe kwiyumvira nki ibigugu uzabaze uperereze impamvu yarekuwe mbe baza ico utazi urabaza mbe ko mutamugumanye ngo urabe we none hari agahugu katurirwa

  • @ none ntimuze narimwe kwiyumvira nki ibigugu uzabaze uperereze impamvu yarekuwe mbe baza ico utazi urabaza mbe ko mutamugumanye ngo urabe we none hari agahugu katurirwa

  • none ako kagabo mwafashe ngo nagasuma urusaku!!!!!???? Urwanda ntabwo rutuma abantu nkabo,twebe dukoresha abaproffessionel,ivyo tumaze kumenya kuburundi kandi abo bamufata nibo badusumira urusaku.hahahaha,pauvre kweli.

  • urwanda muruzi inusu uwo rero niwe batuma hhhaaaa murasekeje abo baca imanza abo bategetsi nibo banekera urwanda namwe muri muya muhe ngo uwo ndabatwenze sana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.