IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umunyororo wo guherayo niwo baciriwe ku caha c’ukwica

Umunyororo wo guherayo niwo baciriwe ku caha c’ukwica

mercredi 17 Mukakaro 2013

Abagirijwe urupfu rw’umutama w’imyaka 70 wo ku musozi Rusumo mu ntara ya Rutana yagandaguwe kuri uyu wa 14 Mukakaro, baraye baciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Abagiriwe n’icaya co kugandagura uyo mutama ni Juma Kwizera n’uwo barikumwe muri ubwo bubisha. Uyo mutama wo muri komine Rutana rero ngo yoba yazize amatati y’amatongo. Igipolisi co mu ntara ya Rutana kikaba kitatevye guhagarika abo bagirijwe icaha, maze baca babashikirza ubutangane.

Indyane zifatiye ku matongo ziribonekeza mu gihugu, ndetse n’ubwicanyi ugasanga buragiyemwo. Abanyagihugu rero, basabwa ko ari ikibabakiye cose, bokwama bitura ubutungane bakareka kwihanira, canke kwica uwariwe wese bafitaniye amatati ayo ariyo yose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.